November 21, 2024

Angeline Ndayishimiye : “Kirazira kwamikara ngo incoreke zirabibona”

4
Umutambukanyi w’Umukuru w'Igihugu c'Uburundi, Angeline Ndayishimiye

Umutambukanyi w’Umukuru w'Igihugu c'Uburundi, Angeline Ndayishimiye

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Angeline Ndayishimiye aho yari yagendeye kuri uyu wa 7 Munyonyo 2024, ishure Saint Michel Archange kugira aganire n’abigisha ukugene umwe mu bana biwe ariko aravyifatamwo mw’ishure, yateye akamo abandi bavyeyi cane cane abavyeyi b’indongozi aho yavuze ko kizira kwamikara ngo incoreke canke abakozi barabibona. 

Yavuze ko yashatse kwifadikanya n’abarezi kugira arabe umwimbu w’umwana ingene wokwisununura, ndetse aragerageje kuraba umwimbu baronka cane cane mu dukorwa bamuha akaba yasanze koko umwimbu udashimishije. Agasaba abarezi gufata abana kumwe igihe bakosheje bataravye ngo ni aba naka.

Nayo ku bavyeyi ngo bige kwitwararika indero y’abana babo, bamenye ko ata muntu yokwitwararika umwana wabo gusumba uko bo bomwitwararika, bibuke ko “Igiti kigororwa kikiri gito”. Yatanze kandi akarorero aho bishika akikorera udukorwa tumwe tumwe, ngo si uko aba abuze abobikora, ahubwo ni kubera ko uko aba avyipfuza atariko bobikora.

Muvyeyi, urakurikirana indero y’umwana wawe nk’uko bikwiye?

4 thoughts on “Angeline Ndayishimiye : “Kirazira kwamikara ngo incoreke zirabibona”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights