Burundi : Ikibazo c’ikena ry’inoti z’ijana coba kigiye gutorerwa umuti kuva mu ntango za 2025
Haraheze igihe kitari gito hibonekeza ikena ry’inoti z’ijana, ico kibazo kiramaze gucanishamwo abatari bake mu badandaza n’abaguzi cane cane mu kwiyunguruza. Mu gihe izo noti zimaze igihe kiri hagati y’imyaka 6 na 7, hari hageze ko zisubirizwa kuko zitakiboneka, n’izihari ziba zishaje cane. Umuyobozi ajejwe ishirwaho n’ikurwaho ry’amafranga mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB), Pierre Claver Ndagijimana, arizeza abarundi ko ico kibazo coba kigiye guhera vuba cane ku buryo mu ntango z’umwaka wa 2025 coba kitakivugwa. Hari mu kiganiro yahaye iradiyo nkuru y’igihugu.
Ivyo biri uko mu gihe kuva muri Mukakaro uyu mwaka, Bellarmin Bacinoni, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ibanki nkuru y’igihugu yavuze ko ikibazo c’inoti zishaje harimwo n’izijana bakizi, ariko ko bariko barakora ibishoboka kugira izo noti zihindurwe. Ico gihe yamenyesheje ko mukurindira ko izo noti ziboneka, abantu boba barakoresha ibingorongoro vya 50, atankomanzi.
Ico gihe nyene, Bacinoni yahamagariye abantu gufata neza inoti zigikomeye, kuko iyo hageze ko zihindurwa, zikoreshwa ku mafaranga menshi yokoze ibindi. Mwomenya kandi ko muri Ntwarante 2024, umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu Normand Bigendako yari yemeye ko mu kwezi kumwe canke abiri, inoti z’ijana zishasha zizoba zabonetse.
Vyokora cane kuri echange
Nibarabe bazihindure vrmt
nihatari kln
nukuzihindura
zirakwiye guhinduka kbsa
dushaka amahera
ubukene ni hatari
hello Bizokunda
Twizere kabisa
ego vyoba vyiza cane
coba ari igikorwa ciza cane
ego rirakenye cane
ego rirakenye cane
nibanyaritse ahubwo
koreshumwanya
vyofasha kuko nikibazo
ahubwo haburiki
ahubwo vyokorwa vuba
canke rigomba guhindurwa
burya nivyo ntabubeshi burimwo
mwoduha umuco neza wivyobintu
burya wovyemeza kobizotunganwa
rirakenesheje cane mwakinogihe
umuntu yiyumviriye icokintu niwe
ahubwo icogikorwa gikwikwiye gukemurwa vuba
nigikorwe zarizabuze gose
nigikorwe vuba na vuba
vyoba vyiza nkatwebwe abadandazi biraduhangsyikisha cane
ryoboneka vyotworohera kuma bus turabura ayogusubiza
nigitorerwe umuti vraiment
boba badufashije cane gose
nibintu birazimba kubukene bwaryo
nibintu birazimba kukubura ingaru ryamajanajana
nigikorwe kuko nkiyo ugiye kusuma bakubwirwa abavunji urumva nikibazo
zabuze cane zoba zijahehe
Jewe nifuza ko iyo noti boyihindura irarushe
Ibintu Birakomeye cane Ncuti
Jewe ndizera Ko bazobikora Kuko Iterambere ni Kuri Twese
bazane inoti tugure ivyo dushaka
bazane inoti tugure ivyo dushaka Oya Sivyo
Ibintu Ndabona Biriko Bigenda Neza
Ibintu Ndabona Biriko Bigenda Neza i Trust
Bujumbura Ivyaho ni hatari none amakuru nay0 nyene muri BBNEWS
Bujumbura Ivyaho ni hatari none amakuru nayo nyene muri BBNEWS
Iyo Nkuru Jewe Numva Itangaje
Amahera Burya Nikintu Gikomeye Canej
amahera arakenewe cnee
nukuzana izindi noti zishsh
za muraduha amakuru meza nkayo
amakuru muduha araryoshe kln
nakamaramaza kln
Jewe ahubwo ndafise iciyumviro ntakuntu twokoresha ibingorongoro vyera
Canke usange zigira zihindurwe Haze izindi
nkubu yoboneka inoti yijana vyose vyoba bigiye kumurongo
Amahera nibayakure dukoreshe ama electronique gusa
Nukuri hamwe bokora izindi noti zi 100 byoba aribyiza cyane gose.
Uzawumva muri bus ngo hurira uwufite 200
Jewe ndumu Boss Nkoresha inoti za 10.000 gusa izo ahubwo bashaka zose bazikure
Aho rero ngo ni ryari ? Azoboneka ?