Apôtre Isidore Mbayahaga : Ingo nyinshi za kino gihe zisambuka kare kubera zubakwa ata rukundo rw’ukuri rurimwo
Mu kiganiro BBNEWS yakoranye n’umukozi w’Imana, Apôtre Isidore Mbayahaga, yavuze ko gituma ingo nyinshi za kino gihe zisigaye zisambuka mu gihe gito, biterwa n’uko zubakwa ata rukundo rw’ukuri rurimwo. Abategura kwubakana basigaye babeshanya cane, kubera umwe aba yakunze ibintu kanaka ku wundi. Ikindi naco ngo ni kubera abubakana ubu, bagera muri ivyo bihe bamaze kuja mu ngeso mbi n’abandi benshi bigatuma babura uwo bizera ijana kw’ijana.
Mbayahaga yatanze akarorero avuga ko abenshi ubu barahirira ibintu batazoshitsa mu rugo, umuntu akemera kubana na kanaka kubera amafaranga afise canke ibindi bintu kanaka, vyamara guhera urugo rukaba rurasambutse. Canke umuhungu agashima ikimero c’umwigeme, yamara gushika mu rugo bigahinduka, urugo rukaba rurasambutse.
Muti mbega none ubu nta ngo zubakwa ngo zirame?
Mbayahaga ntiyabihakanye, ariko ngo izo ngo ni nke cane. Ngo harakwiye kubaho inyigisho ku bana bariko bakura, bakigishwa neza indero ndundi, ndetse bagahabwa umwanya n’abavyeyi wo kubayagisha kuri ibi na biriya. bakabereka umwonga uhuma n’uwudahuma kugira ngo bashire amazinda yo kuja kwiyigisha ibintazi. Kuko aho niho baca bakura za ngeso mbi z’ubusambanyi ku bakobwa, no kunywa urumogi ku bahungu.
Ku bana b’abakobwa yabahaye impanuronko nabo nyene bakwiye gukora, bakiteza imbere. Ngo kuko umukobwa ashobora kwigurira iki canke kiriya, nta muhungu uwo ari we wese yomujana mu ngeso mbi vyoroshe, ngo n’uko amuhendesheje ibintu kanaka. Ngo bamenye ko ata muntu ashobora gutera imbere atabize icuya.
Urwaruka muri rusangi, rukwiye kumenya ko kwubaka urugo ari ibanga, kandi bisaba ko baryitegurira. Kurera amaboko bizigiye abazobafasha bakwiye kubiheba, na rirya Leta yashizeho ibanki yabo “BIJE” ndetse n’uwubaherekeza mu migambi “PAEEJ” kugira ngo biteze imbere mu migambi yabo.
Ico yashikirije ku nyambaro z’abigeme ba kino gihe
Mbayahaga yabandanije ati : “Umwigeme wa kino gihe na rimwe rimwe abakenyezi bakuze, urasanga bambaye impuzu zigera ruguru cane y’amavi igahakwa no kwerekana ibihimba vyabo vy’ibanga, umugongo n’umukondo bigira hejuru, amabere nayo nyene ari hejuru, ivyo navyo bigatuma bamwe bamubona mw’ibarabara, canke kukazi, bamwipfuza, bikabajana mu buhumbu.” yagiriyeko avuga ngo : “Agatekeye kose gatera amatsiko”. Agatanga impanuro ko umwigeme canke umukenyezi akwiye kwambara akikwiza, gutyo bigahesha icubahiro we n’umushingantahe wiwe canke umuvyeyi wiwe.
Ikindi ngo ugasanga, umwana w’umwigeme w’imyaka mike ariko agendana n’umutama asumba se wiwe, bigashika akamutera inda atipfuza, agaca araba uwo avyegekako muri rwa runganwe rwiwe, gutyo umuhungu akibaza ngo umwana ni rwiwe kandi atari ukuri. Iyo bishitse uwo muntu akabimenya, nta mahoro asubira kuba mu rugo.
Yasozereye avuga kandi ko imbuga ngurukanabumenyi zimaze gutuma abana batari bake bacika ibinebwe, gutyo ngo abavyeyi nibamenye igikorwa co kurera abana babo, bakure bazi gukora no kwironderera ubuzima.
Vyinshi muzobisanga mu kiganiro tuzobashikiriza ku wa kabiri uza.
Ukwo nukuri kwuzuye pe
Namba mwarabuze urukundo jewe ndafise uwunkunda
none mwumva hokorwa iki?
None ubu rero urukundo mushaka tuze turarwiga no mwishure?
Erega abantu benshi mwiyi misi ntibazi ivyo barimwo peeee
Navuge ayiwe jewe ntamugore nzozana abakobwa bubu ntibashobotse
Abakobwa mwiyi misi ntibagishasha kubumbwa numugabo umwe
Canke twebwe tuzokwironderera aba diaspora nakare nibo bafise inoti
icokintu barashobora kuba batabeshe
Divorce zizogumaho gushika kumpera yisi ahubwo ntibiratangura
Abana bubu babakobwa erega bakenera ibintu vyiza bakiri bato Bagakenera telephone zizimvye kandi atakazi bafise
none nikukuberiki zisambuja
ingo zakora vyovyo sicokimwe nizubu
nimube murabana nivyanyu gsaa wana ivyacu muvyihoze
Ndakunda inkur za BBNEWS kand uw mumenesha makuru Ricard jew nzomugurira i fanta
Nugusenga ncuti jewe sinumva ko hari ikindi nokwongerako
impamvu abubu zitoramba nawe baba bumumuterere
Abana bo mumisi iri imbere jewe ndifuza kubona kazoza kabo
Aho ntakintu yabeshe kirimwo ama reseau social arishe urwaruka
erega hariho aarongora hataragera
uyu mugabo nje aransetsa pee
Jewe numugore wanj Tubanye neza Vraiment ntakibazo
abantu bubu nabakera baratandukanye cane gose
Mubo nemera uwo muvyeyi arimwo kwl Imana imutuzigamire
Ahubw jewe mbona boturek tukazana abagore benshi niho ivyo bibaz vyohera
erega niyompamvu bavungango abantu barabakera
kuki urwaruka musigaye mutwiyumvira uko tutari ukagira kera siko mwari mumeze namwe mwajana nibigezweho muduhe amahoro natwe
Gukora imigambi kurwaruka nikintu cingezi cane
Abakiri bato babahe imitahe bakore ivyo vyinkundo bavyihoze nukuri
BBNEWS jewe ndakunda inkuru mudushikiriza
none kobavugango abantu bubu ntibubaka ingo jewe kwariswa
Uwo mukozi w’Imana Jewe ndamukunda cane ibintu avuga nukuri
barazubaka ahubwo sibose
Umukozi wimana nemera cane Big Up dear PASTOR
jewe nibazako hoza harahabo ama contract imbere yuko abantu bakora mariage
Umukozi wimana nemera cane Big Up dear PASTOR
harigihe bahukana atari kuvugango barankana
inyigisho mwenizo nizo tuba dukeneye vraiment biratwubaka nonkumenya ukuntu twohitamwo tutagize ibigumbagupba ahubwo twisunze kwukuri rusangi Rwingo zibushitse.
zuradufasha kurera muvyeyi twemera
harigihe biva kubukene mwenewacu
Guca inyuma umugore yagushavuje numva umengo ntakibazo birimwo
Uwo Richard nawe barikumwe na Mbayahaga arafise umugore ?
None natwe tutarahitamwo tubireke?turakeneye temoignage yingo zubatse neza nukuri kugira ngo ntituze twihebure .
ivyobintu vyokwahukana bigezweho
Ibintu birakomeye cane ingo mwiyi misi ni ikirori gusa
Erega kwisi hariho abantu batumva nukuri naho wohanura gute
ubu babihevye kwahukana ntibazosubira
Abigeme baratubera intambamyi gose kukuntu bambara bakwiye guhindura bakaza barambara inyambaro ziyubashe.
jewe ahuko nzokwahukana nzokwigumira muhira
ivyo kenshi biba kubagore
Ibintu vyose vyarayangaye kino gihe ntitwovuga abakobwa gusa nabagabo baraba gito bagasambanya abana bareze.
keshi bikunda abagabo bakaja kumvanga abagore babo akama yamufashe kenshi
Inyigisho zose bogira baze bakore kumpande zose kuko ibintu bipfira hose iyo hatabaye kwumvikana hamwe nubumwe.
nihhatari abana bubu ningorane
Nimba hari abantu bazi kunyegeza ingeso ni abahungu
Ukuri kuri hehe?
Ibikomere vyimiryango canke vyakahise biratuma ingo ziguma muri zuguruzuguru.
Ingo za kera naho babahitiramwo abonbokwubakana nabo hari hariho urutonde rwiza.
Ingo za kera naho babahitiramwo abo bokwubakana nabo hari hariho urutonde rwiza.
Gusa mwari mwambaye neza
Iyo bank BiJE mbga ninde ayitwara ? Nanj nshaka ingurane
Abavyeyi barabigiramwo uruhara mukutaha umuco abana babo canke kubahisha ivyotuma ingo bazokwubaka ziba izirama.
Dukwiye nkurwaruka kuza turitabira inyigisho zerekeye ivyingo kugira ngo ntituze dukore ikosa ryoguhitamwo nabi.
Nukuri muvuze ukuri nko kurima.
Urukundo nivyo nirwo mushinge wurugo ariko iyo ruhari gusa rutavomerwa rurapfa.
Duhe ico kiganiro vuba bwango.
Ukuri kuri hehe?
ivyobintu birashobora kubakwegera
none nkivyobintu babibonye gute
zisambuka vyanahehe nareke kutubesha
none nkivyo babikuyehehe kobabesha
Apotre MbAYAHAGA abivuze byose ntacyo adusigarije!
mubisanzwe ivyoyavuze birumvikana kandi nivyo
none abobantu barinde bahukana botuma bavyihoza kwubaka
Byukuri umukozi w’IMANA ibyo avuze nukuri abigeme bikigihe nibarabe bagerageze kwambara kuko baradutirimutsa cyane bigatuma dukora ibyo tutagambiriye.
nivyo
bibaho biriho ivyobintu
uvuze ukuri ntarukundo rukibaho ubungubu,bigera kubigeme hoho byaye akayobera abahinga.
none kwahukana harikibazo kirimwo
nkiyobishitse mukahukana uri nkumugabo ucurondeara uwundi mugore urumugore naho ucurondera uwundi mugabo
bigeme nimuze dukure amaboko mumpuzu dushake ibyo dukora kuko kuza turabobotereza dusaba abahungu nigisebo kandi bidukuraho agacy
Bose bari bamabaye amarori ubwo ntakintu bapfana
Umugore umuhabwa n’Imana
Muturekere aba chryy bacuu shahuu
Neza cane MUKOZI W’IMANA