Rumonge: Abakozi ba Reta bahamagarirwa kwitaho uburimyi

33
IMG-20241129-WA0067

Martin Niteretse, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano yahamagariye abakozi ba Reta kwitaho uburimyi. Ivyo yabishikirije mu nyigisho ku ndongozi zitandukanye zo muri komine yagutse ya Rumonge kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Munyonyo 2024. Umushikiranganji yagize ati: “Umuntu wese nagerageze ku buryo kw’isoko naho hatoboneka ivyo gusuma aja kwidahira mu kigega ivyo yimbuye.” 

Umushikiranganji yatanze akarorero ati : “Mbega hamwe vyoshika abarimyi bakamara igihe badashoye umusesekara w’umwimbu ku masoko, mbega twoca duhagarika gufungura?” Kubwiwe ngo ntatahura ukuntu umuntu aja kugura ibintu vyose kw’isoko harimwo n’imboga (lengalenga) kandi yoshobora kuzirimira. 

Avuga kandi ko abakozi ba Reta bari bakwiye kwijukira kuja barakora iyindi migambi ibafasha iruhande y’akazi ka Reta baba basanzwe bakora. Ngo biratangaje kubona umuntu yakoreye Reta imyaka itari mike hagera gukukuruka akaja gukora izamu.

Umushikiranganji Niteretse aranegura n’abakozi basaba ingurane mu ma banki aho kuyikoresha imigambi y’iterambere bakayihereza mu kabare. Nayo kukijanye n’igiterwa c’ikigazi kitabana n’ibindi biterwa ibituma isi ndimwa yaga, yahamagariye abanyarumonge kwitura abahinga muvy’uburimyi bakabigisha ingene botera ico giterwa kugira gishobore kubana n’ibindi biterwa.

Musomyi wakiriye gute iyi nkuru?

33 thoughts on “Rumonge: Abakozi ba Reta bahamagarirwa kwitaho uburimyi

  1. Biratangaje umenga isuka niyabatize gusa nibarindire bizobagarukako Raba amahera umuceri ugezeko ibiharage nibindi nakamaramaza

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights