[P] Gusaba ingurane muri microfinance COJEB ni nko kuja gutora amafaranga yawe

77
_MG_7156

Microfinance COJEB (Coopérative des Jeunes Entrepreneurs Burundais), ni ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana, risanzwe rikorera mu Rubirizi muri Komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Inyuma y’aho kare  batanguye badakorera mu mategeko, ariko ubu bakaba ari Microfinance yemewe n’amategeko. Ngo kuja gusabayo ingurane ni nko kuja gutora amahera yawe, kuko baca bayiguhereza, basanzwe wujuje ibisabwa vyose.

Umwe mu banywanyi baryo, Bibonimana Jonas, arashima cane ingene COJEB ikora, agahamagarira abandi benshi kuza muri iryo shirahamwe ryo kuziganya no kuguranana nk’uko nawe yarijemwo abibwiwe n’abandi. Avuga ko ushobora kuronka ideni maze ubuzima bukamera neza. Agashinga intahe ko ubu ameze neza, aronka ico afungura n’ico afungurira umuryango.

Nizigiyimana Jean Marie Vianney asanzwe arongoye igisata kijanye n’ivy’ingurane. Yemeza ko ugiye gusaba ingurane muri COJEB, uronswa inyishu mu kanya isase, kuko bagutunganiriza vyihuse, gutyo ukikenura hakiri kare. 

Kevin Barekensabe, umuyobozi wa COJEB avuga ko batanga ingurane ku barimyi n’aborozi, ku badandaza no ku banyamishahara. Akavuga ko kandi COJEB yitaho gufasha cane abari mu mashirahamwe, cane cane ko bashigikiye imbonakazoza y’igihugu c’Uburundi y’igihugu cifashe muri 2040 n’igihugu giteye imbere muri 2060.

77 thoughts on “[P] Gusaba ingurane muri microfinance COJEB ni nko kuja gutora amafaranga yawe

  1. Ikibazo nuko ama Microfinance menshi usanga basaba ingwati bakibagira ko natwe tuba dushaka gutangura ataco dufise vyocamwo

  2. ibaze nkokuba udandaza kugira uronke ahuba hama ugiye gusaba ingurane bagaca bakwaka ingwati yitongo ataryo ufise

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights