Abdoul Hussein : “Mu buzima kirazira kwigira agahambaye kubera ico uri uyu musi”
Umutama Abdoul Hussein, abenshi bakaba bamuzi kw’izina rya Duruduru, muri uyu mwaka wa 2024 yakwije imyaka 94 kuko yavutse mu mwaka wa 1930. Igihe ikinyamakuru BBNEWS kimugendera aho asanzwe aba, yaratuyagiye vyinshi ku buzima bwiwe ndetse atanga impanuro benshi bari bakwiye kugendera kugira ngo babeho neza, yagize ati : “Mu buzima kirazira kwigira agahambaye kubera ico uri uyu musi”.
Duruduru asanzwe afise abana 7 : abakobwa 2 n’abahungu 5 hamwe n’abuzukuru n’abuzukuruza batagira igitigiri (ntabibuka). Yavuze kandi ko kugira ubeho neza, utegerezwa kwiyubaha ubwawe hama ukubaha abandi, kugira ingeso nziza, kureka kwibwira ko uri agahambaye n’ibindi vyinshi. Yavuze kandi ko urwaruka rw’uno musi rukwiye kubaho rwubaha abantu bakuze (abatama) kuko bashobora kubaha impanuro nyinshi zobafasha mu buzima bwabo.
Ahamagarira kandi abantu bose gusenga Imana ndetse no kubaho badakora ikibi. Aremeza kandi ko mu myaka 94 amaze ata kibi arakorera umuntu n’umwe ko n’umutima wiwe ubimwemeza.
Ni ibihe bintu nyamukuru Duruduru yakoze?
Mu myaka ya 1934 niho uwo mutama yashika hano mu Burundi, kuko yavukiye mu Rwanda. Amaze gukura yakuze yumva afise umutima wo gufasha abantu no kubagirira neza, kuri ico yatwishuye ko uwo mutima yawukuye ku Mana, kuko nta muntu yokwishoboza ikintu na kimwe atari kumwe n’Imana. Yarakoze kandi ibijanye no kugendesha imiduga minini (chauffeur-camion ), hamwe n’ibijanye n’urudandazwa muri rusangi.
Uwo mutama yarubatse amashure atari make, kandi n’ubu ayo mashure aracahari, arubaka n’imisigiti itari mike. Imwe muri yo hariho iyiri mu Buyenzi, Gatumba, Rumonge, Kayanza, Minago n’ahandi. Mwomenya kandi ko yari yubashwe cane kuva ku ntwaro ya cami kandi ko abari barongoye Uburundi ico gihe bahora bamutumako bakayaga ibitari bike. Yarangije avuga ko gusenga ari urupfunguruzo rwa vyose mu buzima.
Musomyi, iyi ntahe hari ico ikwigishije?
Imana imuhezagire mutama
Yakoze ibikorwa vyiza cane
Natwe mugatumba yaradufashije cane
nintwari kabisa
rega abantu bakora ibikorwa nkivyo bararamba kenshi
imana ihaze kuramba uwo mutama kabisa
ivyo bintu ntibikorwa nabose kabisa imana imuhezagire cane
nintore cane kweri
none aracariho uwo mutama?
ahubwo muzomuhe ikiganiro kabisa
none uwo mutama numurundi?
uwo mutama arakwiye gushimirwa na reta yubburundi pee
kuki abantu nkabo badashimirwa kabisa
aracahari??
aracaba muburundi none ?
nintwari ikomeye cane kabisa
kuki umuntu nkuwo atavurwa cane mu gihugu nko kuma TV online akomeye?
umutama dukunda yubahwe cane kabisa
imana imuhezagire cane kabisa
uwo mutama azoja mwijuru kln
none uwo mutam aracari muburundi?
uwo mutama ndamuzi kabisa
imana imwongere imyaka myinshi yo kubaho kabisa
eka siwe wenyene amaze kubikora ivyo bikora benshi
uwo azoja mwijuru kabisa
asha uwo utima ntufise bose kabisa
may allah bless you our pappy
GOD bless you
uyo ntazopfa kabisa nibindi azobikora kweri
asha kirazira kwigira agahambaye kabisa
ko mutatubwiye iyaba ubu none?
none ko mutamuha ikiganiro canke nta kirundi azi?
asha agiye yasaza rero
asha uwo mutama nisawa cane kabisa
ni gute umuntu nkuwo atazwi mu gihugu?
asha much respect kuruyo mu vieux kabisa
aracabaho mbega?
asha iyo mpanuro yatanze niyo kabisa
uwo mutama nintore kabisa ntawutamuzi
nkuyo aba akwiye kuba azwi mu gihugu kubera ibikorwa yakoze
imana imwongere iyindi myaka yo kubaho kabisa
gusa njewe uwo muntu niryambere ndamwumvise
uwo azoramba mpaka kweri
aho nisawa ko afasha abantu hariho abandi barambira kwisi ataco bafasha
numwana mwiza kabisa
none uyo umurundi canke?
babiri nkabo igihugu cotera imbere
uwo azoramba nampaka kabisa
imana iuhaze kuramba kabisa
aho wosanga atagashimwe arahabwa nigihugu
uwo mutama atandukanye nabandi kabisa
uwo azogira iherezo ryiza kabisa
aba mukihe gihugu?
uwo sumurundi kabisa
ariko kabisa harabantu bafise umutima udasanzwe kabisa
asha nimba mwijuru hazojayo umuntu umwe nuyo
Imana imwongere n’iyindi minsi yo kubaho
asha hariho abantu bagifise umutima wurukundo kabisa
Imana imuhezagire cane kabisa
asha wosanga agifise amagara meza mbere
none kuki abantu nkabo batanyekana mu gihugu
Imana itugabire cane abantu nkabo mu gihugu kabisa
ko tutamuzi ngira sumurundi
duruduru wacu kabisa turamwemera
ndabona nabandi bogira uwo mutima igihugu cotera imbere kabisa
uwo mutama afise umutima wurukundo
nisawa kugira abantu nkabo mu gihugu kabisa
asha uwo mutama turamuzi cane kabisa
asha Imana ihezagire uwo mutama
Imana ibandanye ishigikira igikorwa cuyoo mutama
uwo mutama umukama auhaze kurambana ubwo butore kabisa
uwo mutama aracabaho namuheruka kweri
none uwo mutama aracabaho harya??
Allah akubariki mzee wetu
Est ce que igihugu kimaze gukora iki kuruyo mutama abatware boba bamuzi hoho ivyiza akora canke yakoze?
nukuri ivyobintu avuze nukuri kuzima kubaho udakora ikibi biratuma ugira amahoro yo mumutima hama ukamara imyaka myinshi kwisi
harabantu bavuga yuko ivyo bitabaho gusa nje ndabizi neza ko uyo mutama arintore
nubu yoba agikora ivyo vyiza yamye akora canke ubu ntakibasha?
gusa uwo mutama yashitse mu gihugu kera cane vraiment
gusa BBNEWZ ibintu tuba twababajije muma commentaire ntimutwishura kabisa
ndasabiye umugisha uwo mutama Imana rugira vyose izomuhe kuramba be numuryango wiwe
Ukuri akenshi abenshi kwubuzima barakwihoza bakakwirengagiza ariko Abageze muzabukuru bo ukuri bakuvuga ukuri kwamye kubera ko baba bafise vyinshi bibihamya.
mwoshobora kutubwira amashure yubatse ayariyo??
uwo mutama surtout nkaba musulman turamuzi cane ivyiza yadukoreye
ibikorwa yakoze nivyo gushimwa cane pee
umuryango wiwe uzogira umugisha kweri
hoboneka abantu bafise umutima mwiza nkuyo mutama gutera imbere vyoba hafi cane
nukuraba igihugu cacu kikagira abantu bishoboye bafasha abandi nkuwo mutama
none yubatse amashure amajahe ??
none ga shahu ko ataminsi myinshi asigaje kwisi ntakuntu abandi barwizatunga bokora igikorwa nkico
uwo mutama ukwasa kumutima nikwo asa kumubiri kabisa
none ga basha harumuntu yoreka gushima ivyo bikorwa vyuyo mutama?
uwutoshima ivyo vyiza yoba ataco ashima ndabarahiye
asha uwo mutama arakwiye agasimwe kabisa
ntawakoreye imana azomaramara rega
kuki abatware bubu batamutumako none??
abantu nkabo nibo igihugu rega kiba gikeneye
igikorwa ciza umuntu yakoze nico kimukurikirana amaze gushengera
Imana imuhe umugisha utagabanyije nukuri
uwo ijuru yaramaze kurironka kabisa
none kuki abantu nkabo ari bake mu gihugu cacu kandi aribo batuma igihugu gitera imbere
Imana yo mw’ijuru niyo izomuhezagira yonyene
Umukama amuhaze kuramba nabiwe bose
vraiment afise umutima w’intungane
ndakunze umutima wuwo mutama cyane
uwo mutama mbona afise numugore akimubungabunga kabisa
kuki abantu nkabo atari benshi vraiment mu gihugu cacu
none ko hariho abandi bakora ibikorwa nkivyo muga tutabamenya
ahubwo harakwiye kubaho amashirahamwe ahurikiyemwo abo bantu
Umukama amuhezagire cane mutama wacu
musi yizuba ntagikomeye gihari
impanuro zubaka kuvyukuri
ugwaruka gwubu ibintu vyarabaye nabi cane
indero yubu yaratitutse
umuvyeyi aragerageje guhanura cane
ngaho atagize naho umenga asutse amazi kumugongo wimbata
kundero yubu ihari nukuri ivyokwubaha ntabikibaho nagato
none tuvugeko indero yagiyehe kweli?
jewe nibazako biva kuribi basigaye banwa
nanje mbona ari kunokuntu abakuze basigaye bifata kubana
ukuntu aba papa bihereza abana nbone wumva ukwubahana kwovahe?
Mbega ko mutavuga banyokuru kutwana duto natwo
ibara ryaraguye nukuri
gusa uyu mutama yubahwe cane gose
ntaco atavuze ariko biragoye mumisi turimwo kuvyukuru
ntakigoye kirimwo
harakenewe yandero yokizi igaruke
biragoyeko indero yogarukana akanovera nkakera ntitubeshanye kuvyukuri
egera abana banyu mubayagishe akahise ndaziko bizokunda cane
icishe vyose ubana bubu baregwa na televions
nizo ziri muzishe abana kuvyuku pe
Amashi kuri wewe nyakubahwa imana iguhezagire
nukuri ntabeshe ikintu cukuntu beshi babonako barenze vyica beshi mumutwe bikanatuma bakora amakosha batokoze
tubashimiye mutama wacu
sabato gusa nibeshi bigirako isi iherera iwabo
yoba bazi ukuri botuje
mutama ntaco atari yagize
impanuro za gusa pe
uwo wese yigira ivyo jewe namwitako arikitazi
isi niyakwosa urakwakwanya ntuce wibonako warangije
uyu mutama murakwiye kumuha ikiganira agashikiriza izimpanuro nabatasomye ngaha bagashikigwa
ugwaruka gwaronekaye cane
gusa nubwo mwanka haracari kare bohinduka
vyohinduka gt?
ico novuga gusa noshimira mutama ibindi vyovyo amazi yararenze inkombe
ikibi nuko mutiyezera mwebwe igera abana banyu mubahe impanuro gusa bizogenda neza
abana bubu nabavyeyi ntibabubaha hama ngo bobahanura gt
urakoze cane nyakubahwa
Nukuri avuze ukuri nko kurima.