Abagiye gutegera ababo ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye bagiye kwiruhutsa
Kuri uyu wa 25 Gitugutu 2024, ikigo Obuha kiraba ivy’inyubako, kigiye gushikiriza inyubakwa yo kurindiriramwo ingenzi ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndandaye, ku buryo abagiye gutegera ababo kuri ico kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura ariyo bazohora barindiriramwo, inyuma yaho bahora barindirira hanze mpaka uwabo asohotse. Ivyo navyo bishitse imvura ikarwa canke izuba rikaze rikaka, bataronka ingene babigenza.
Ivyo vyashikirijwe na Léonidas Nibigira arongoye ikigo kijejwe inyubako mu Burundi OBUHA, igihe yari agiye kwirabira aho ibikorwa bigeze.
Basomyi bacu mwakiriye gute iyi nkuru?
Bakoze ikintu cyiza cyane.