Apôtre Isidore Mbayahaga : Ingo nyinshi za kino gihe zisambuka kare kubera zubakwa ata rukundo rw’ukuri rurimwo

85
I buryo uja i bubamfu : Apôtre Isidore Mbayahaga, umukozi w'Imana na Richard Hakizimana, Umumenyeshamakuru wa BBNEWS

I buryo uja i bubamfu : Apôtre Isidore Mbayahaga, umukozi w'Imana na Richard Hakizimana, Umumenyeshamakuru wa BBNEWS

Mu kiganiro BBNEWS yakoranye n’umukozi w’Imana, Apôtre Isidore Mbayahaga, yavuze ko gituma ingo nyinshi za kino gihe zisigaye zisambuka mu gihe gito, biterwa n’uko zubakwa ata rukundo rw’ukuri rurimwo. Abategura kwubakana basigaye babeshanya cane, kubera umwe aba yakunze ibintu kanaka ku wundi. Ikindi naco ngo ni kubera abubakana ubu, bagera muri ivyo bihe bamaze kuja mu ngeso mbi n’abandi benshi bigatuma babura uwo bizera ijana kw’ijana.

Mbayahaga yatanze akarorero avuga ko abenshi ubu barahirira ibintu batazoshitsa mu rugo, umuntu akemera kubana na kanaka kubera amafaranga afise canke ibindi bintu kanaka, vyamara guhera urugo rukaba rurasambutse. Canke umuhungu agashima ikimero c’umwigeme, yamara gushika mu rugo bigahinduka, urugo rukaba rurasambutse.

Muti mbega none ubu nta ngo zubakwa ngo zirame? 

Mbayahaga ntiyabihakanye, ariko ngo izo ngo ni nke cane. Ngo harakwiye kubaho inyigisho ku bana bariko bakura, bakigishwa neza indero ndundi, ndetse bagahabwa umwanya n’abavyeyi wo kubayagisha kuri ibi na biriya. bakabereka umwonga uhuma n’uwudahuma kugira ngo bashire amazinda yo kuja kwiyigisha ibintazi. Kuko aho niho baca bakura za ngeso mbi z’ubusambanyi ku bakobwa, no kunywa urumogi ku bahungu.

Ku bana b’abakobwa yabahaye impanuronko nabo nyene bakwiye gukora, bakiteza imbere. Ngo kuko umukobwa ashobora kwigurira iki canke kiriya, nta muhungu uwo ari we wese yomujana mu ngeso mbi vyoroshe, ngo n’uko amuhendesheje ibintu kanaka. Ngo bamenye ko ata muntu ashobora gutera imbere atabize icuya.

Urwaruka muri rusangi, rukwiye kumenya ko kwubaka urugo ari ibanga, kandi bisaba ko baryitegurira. Kurera amaboko bizigiye abazobafasha bakwiye kubiheba, na rirya Leta yashizeho ibanki yabo “BIJE” ndetse n’uwubaherekeza mu migambi “PAEEJ” kugira ngo biteze imbere mu migambi yabo.

Ico yashikirije ku nyambaro z’abigeme ba kino gihe

Mbayahaga yabandanije ati : “Umwigeme wa kino gihe na rimwe rimwe abakenyezi bakuze, urasanga bambaye impuzu zigera ruguru cane y’amavi igahakwa no kwerekana ibihimba vyabo vy’ibanga, umugongo n’umukondo bigira hejuru, amabere nayo nyene ari hejuru, ivyo navyo bigatuma bamwe bamubona mw’ibarabara, canke kukazi, bamwipfuza, bikabajana mu buhumbu.” yagiriyeko avuga ngo : “Agatekeye kose gatera amatsiko”. Agatanga impanuro ko umwigeme canke umukenyezi akwiye kwambara akikwiza, gutyo bigahesha icubahiro we n’umushingantahe wiwe canke umuvyeyi wiwe. 

Ikindi ngo ugasanga, umwana w’umwigeme w’imyaka mike ariko agendana n’umutama asumba se wiwe, bigashika akamutera inda atipfuza, agaca araba uwo avyegekako muri rwa runganwe rwiwe, gutyo umuhungu akibaza ngo umwana ni rwiwe kandi atari ukuri. Iyo bishitse uwo muntu akabimenya, nta mahoro asubira kuba mu rugo.

Yasozereye avuga kandi ko imbuga ngurukanabumenyi zimaze gutuma abana batari bake bacika ibinebwe, gutyo ngo abavyeyi nibamenye igikorwa co kurera abana babo, bakure bazi gukora no kwironderera ubuzima.

Vyinshi muzobisanga mu kiganiro tuzobashikiriza ku wa kabiri uza.

85 thoughts on “Apôtre Isidore Mbayahaga : Ingo nyinshi za kino gihe zisambuka kare kubera zubakwa ata rukundo rw’ukuri rurimwo

  1. Abana bubu babakobwa erega bakenera ibintu vyiza bakiri bato Bagakenera telephone zizimvye kandi atakazi bafise

  2. kuki urwaruka musigaye mutwiyumvira uko tutari ukagira kera siko mwari mumeze namwe mwajana nibigezweho muduhe amahoro natwe

  3. inyigisho mwenizo nizo tuba dukeneye vraiment biratwubaka nonkumenya ukuntu twohitamwo tutagize ibigumbagupba ahubwo twisunze kwukuri rusangi Rwingo zibushitse.

  4. None natwe tutarahitamwo tubireke?turakeneye temoignage yingo zubatse neza nukuri kugira ngo ntituze twihebure .

  5. Inyigisho zose bogira baze bakore kumpande zose kuko ibintu bipfira hose iyo hatabaye kwumvikana hamwe nubumwe.

  6. Abavyeyi barabigiramwo uruhara mukutaha umuco abana babo canke kubahisha ivyotuma ingo bazokwubaka ziba izirama.

  7. Dukwiye nkurwaruka kuza turitabira inyigisho zerekeye ivyingo kugira ngo ntituze dukore ikosa ryoguhitamwo nabi.

  8. Byukuri umukozi w’IMANA ibyo avuze nukuri abigeme bikigihe nibarabe bagerageze kwambara kuko baradutirimutsa cyane bigatuma dukora ibyo tutagambiriye.

  9. bigeme nimuze dukure amaboko mumpuzu dushake ibyo dukora kuko kuza turabobotereza dusaba abahungu nigisebo kandi bidukuraho agacy

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights