November 14, 2024

Ukuri n’uko muri Somaliya imiliyoni z’abenegihugu bariko bashikirwa n’uku kuri umunsi k’umunsi.

Kubw’imiryango myinshi, ubuzima bwo kuba muntambara z’urutavanako, ibitero vy’abihevyi n’ihindagurika ry’ikirere vyabaye ndanse.

Uy’umunsi, igice c’abenegihugu ca Somaliya ntabwo baronka amazi meza asukuye, abana benshi bariko bapfa n’ikiza c’indwara ya choléra n’umwume.

Igihugu ca Somaliya kikaba gifise amazi meza muga akaba ari kure cane mu kuzimu, aho benshi bakaba badashobora kuyashikira. Ni muri ico gihe nyene usanga, amashirahamwe y’igenga adandaza amazi yo muma cupa kubiciro vy’umurengera, aho usanga mu mitumba imw’imwe iritiro 1 ry’amazi rigurwa amafranga menshi kurusha uko wogura amazi mugisagara ca Miami. Ni kubw’izo mvo ishirahamwe rito ry’abenegihugu ry’itwa Durdur mumigambi yaryo nyamukuru ririko rihindura vyinshi mugutanga amazi meza kandi azimbutse cane mu miryango itari myinshi. Bivugwa ko kuva batanguye ivyo bikorwa igisagara caranezerewe aho wasanga naya mashirahamwe yikitse mu kiza caciye amanura ibiciro uko bukeye n’uko bwije. Ubu Durdur, ikaba ishaka gushika kure mugukora vyinshi mu gushikana amazi meza mumitumba yose igize igihugu ca Somaliya.

20 thoughts on “At’amazi turahwera

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *