Barasaba Leta ko yokora uko ishoboye mukuzitirira Uruzi Rusizi ataruko na bujumbura yose izoshikirwa
abanyagihugu bo muri Commune Mutimbuzi na Cane cane Kajaga na Gatumba baratakamba basaba Leta ko yobagarukira mukubafasha kuzitirira uruzi Rusizi kuko arirwo ntantaro y’imyuzurira itera ikangaza imiryango itari mike ngo kuko uruzi rusizi ruta inzira rukaja kwirondera aho ruca mugihe rwuzuye munyuma rubatera mumazu mbere bamwe bamwe bakanahasiga ubuzima bifanye nuko ayo mazi kenshi usanga aza afise ninguvu nyinshi aka bomora amazi eka ngo hari n’igihe usanga hazamwo n’ibikoko narirya uruzi Rusizi rwuzuyemwo Ingona n’Imvubu.
benshi mubafise ama Parcelle hafi y’uruzi ngo baramaze kwomoka kuko batagishobora no kumenya ko yigeze anabaho kuko hari ishamba gusa ryuzuyemwo amazi n’ibikoko.
abandi ngo bafise ikibazo cuko naho hokwuma imvura iguye ari kwakundi nyene amazi azukuruka hagasubira kuba imyuzurira kandi.
nkabafise ama parcelle mukajaga bavuga ko leta itagize ico ikoze vuba nigisagara cabujumbura gishobora umusi umwe guterwa numwuzurira.
barangiza basaba ko uwoba wese ashoboye kugira ico abafashije yobikora kuko benshi muribo batakigira uburaro canke ubukene bubarembeje kuko ivyabo vayashoboye gutwarwa namazi.
Yooo batabarwe kabisa ndabona amazi arimeshi gose
Ayomazi nimeshi cane hama nibarize nubukuzuba abahari canke nivyakera ?
Yeweeeee abahatuye bimuke kuko bazama mungorane
Muburundi amazi yama yaduhekuye cane
ikirenze twempi turabona bahakora ariko hagasiduka mumwanya isase.
Birya bintu ntibabikomeza pe
Ariko biva kubantu bahabwa akazi
Babikurikirana nabi niyompamvu
Tumaze gutakaza abantu beshi kuvo ziyo miserege yamazi
leta nukuraba igafata ikikibazo mumunwe
Amazi akomeza kudukoramwo pe
Muburundi turi bandayarinze
Nukuri leta nidufashe cane
Nimutuze hose bariko bubaka
heshi bariko bahasubiramwo kandi dushimira leta yacu pe
Tuyishimire cane nukuri
Biriko bifata intumbero nukuri
Burikanya nyakubahwa aguma adukorere ivyiza
Nuwo kwubaha cane
mumisi ayo marira ntazongera pe
Leta yacu iradukunda cane
Nimba asoma ibi turamushimiye cane
Mutuze bujumbura ntabwo izoshikigwa kuko hose hariko hakogwa
uburundi burafise ababukunda