Basketball : Nta n’umwe atazi Uburundi biciye k’Urunani BBC
Mu nkino z’amaboko (Basketball) ziriko zibera mu gihugu ca Kenya, ngo nta n’umwe asigaye atazi Uburundi kubera umugwi w’Urunani. Uwo mugwi ugeze aho abarundi bose bari bipfuza ko ugera. Usigaje urukino rumwe gusa ruza kuba kuri uyu wa 2/12/2024 igihe c’isaha cumi n’imwe ku masahay’i Bujumbura, kugira uhonyoze ikirenge muri BAL5.
Si agaseseshwarumuri, Urunani rwabaye urunani koko. Ntiwigeze ubona icitwa gutsindwa na rimwe muri izi nkino za Elite16. Tugarutse ku rukino rwaraye rubaye kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 1/12/2024, vyaragaragaye ko bafise ishaka. Kuko urukino rwagiye kurangira bose banganya amanota 67 ku yandi. Ariko mu minota 5 y’inyongera (Prolongations), urunani ruca rutsinda City Oilers yo muri Uganda, amanota 78 kuri 75.
Uyu munsi, Urunani rugatsinda Kriol Stars yo muri Cap Vert bazoba bashitse muri BAL5, ihiganwa rizoba muri 2025. Urukino ruza kubera ku kibuga ca Kasarani Indoor Arena i Naïrobi muri Kenya. Ku bipfuza kuraba urwo rukino ikibiriraho boca hano : https://www.youtube.com/live/LN3tH8q2O4w?si=qquAXOiadr1k5jQu
Nibakomeze kutimenyekanisha ko natwe abarundi dushoboye, bakomeze kuduza i drapeau
Urunani nirukomeze rukore ibikora inka
Komeze muduze ibendera mumakungu
Nzobagurira Jus batsinze
Komeze mube urunani nkuko izina ariko ribivuga
Ruritanga bikomeye cane
umugwi wibihe vyose kabisa
Ntako batagira mugutera iteka igihugu
tuwuri inyuma cane
ikibazo nikimwe none footbal vyanka gt?
mbambona boshira umutahe mur basketball kuko vyase hamwe dukize ahandi
oya na football simbi gose ahubwo boraba aho bipfira bagakosora
umupira wuburundi nubu sinzi aho bipfira
urunani umuti wumubabaro dutegwa nintamba
urunani ruriko rwitwa neza mwinominsi
abakinyi bariko bitwara oji bakwiye akantu ahubwo
urunani urunani nibabemeze babisa
nibaduteturure nukuri ntakuntu intamba vyokwanka ngo nurunani bice vyanka
umukino wamaboko Basketball wowo uradukuyeyo sindababesha
asha natwe ntitwari kubura icodushoboye
abrundi turashoboye nyene
nibatudugirize ibendera ko intamba vyabananiye
gusa nivyo kabisa Footbal ntivyarikwanka ngo na basketbal nayo bice vyanka
urunani ruriko rudukorera umuti kabisa
none nyene ntamukino numwe baratsindwa
ahubwo Footbal tuzoyiheba burundu ,dukurikirane Basketbal
mwumvise abitanga barashiramwo inguvu zose zishoboka
ndabatera intege nukuri ntibacike intege baze babandanye ukwo
nibakomeze ukwo badutera iteka mumakungu
gusa ikibazo Basketball ntibarayimenyera abarundi neza ngobaze bayifana cane
urumvako uburundi turiko tuja ahntu heza uburundi bwamenyekanye
none muturabiye abakinyi bintamba bari mubiki babura iki
intege nyinshi kuri abakinyi bacu burunani
tubandanya dutera intege abakinyi bariko barabikora kugire uburundi bubandanye bumenyekana
imana ibaje imbere muvyobakora vyose
nakwo batagira nukuri baragerageza
urunani rurabaye urunani
Football nukuyiheba ahubwo twibandanirize naBasketball
ego urunani rugeze aho twaridukeneye
urunani nukuiri ruriko ruvyitwaramwo neza cane ruzokwamuko
inkino zamaguru vyanse gusa none umukino wamaboko uriko uduteturura
Ariko gwandaje habi cane
abakinyi ba Footbal mube muriko mubona ivyurunani ruriko rurakora namwe dushakako muzadukura mugasuzuguro turimwo
gutsindwa vyamaho ariko ntakundi nukwihangana
baragerageje cane
ayo namateka ageretse kuyandi
hamanuka haduga tuzoruguma inyuma..
Waratsinzwe ariko ntaco utakoze pe
ni Hatari Nukuri
karabaye footbal twoyiheba koko?
twikomere amashi cane
Abarundi turashoboye mur vyose
murahatoye urunani abarundi
courage nukuri muriko mubikora freshi
basketball mwino minsi niyo iriko ikurayo abarundi
kino gihe umuntu atofana urunani kubintu iriko ikora siwe
urunani rwabaye urunani sindababeshe ruriko rwitwara neza cane sinziko mubibona
umuntu nkbagurir agasoda