Bujumbura : Ibura ry’igitoro rirakwiye gutuma imodokari zirenza mu gupakira?
Mu gisagara ca Bujumbura hasigaye hibonekeza amasanganya aturuka cane cane ku ngendeshwa zisigaye zirenza mu gupakira. Ivyo vyibonekeje no mu gitondo co kuri uyu wa 16/10/2024, kw’ibarabara ryitiriwe Adolphe Nshimirimana, aho imodokari yari ipakiye ibitunguru yahenukiye mw’ibarabara inyuma yo kugendera ku muvuduko urenze no gupakira ibirenze, igihe yari ije iva mw’isoko mu Ngagara.
Nk’uko vyaboneka ubiravye, iyo modokari yari yarengeje cane mu gupakira. Ubajije igituma bamwe bamwe basigaye bapakira ibirenze ivyo bategerezwa gutwara, bakwishura ko biterwa n’ubukene bw’igitoro, ngo baba bashaka kuraba ko ayo bakoresheje boyagaruza.
Ivyo nyene kandi biribonekeza ku modokari zunguruza abantu benshi, aho usanga imodokari imwe yapakiye abantu incuro zibiri ku bo igenewe gupakira. Bigatera impungenge ko hamwe vyoshika iyo modokari ikagira isanganya wosanga abatari bake bahaburiye ubuzima.
Musomyi nawe ubibona gute?
Ariko barengeje igitigiri canari muri bus baravuzeko bahamagara kuri 118
Nihatali agatoro nyen ni danger imirongo ville yasubiriye
Nimodoka zashaje ninyishi kandi zikabandanya zija mwibarabara
Ntivyoroshe
Ngira bazitwara banyoye
Ni Pica
Ikibazo cama accident vrmt cabaye ndanse
Biracagoy n’amabarabara nsiyo ubuho kwimvura iguye ntibizoroha
Mama yangu bitazoteza ibibazo mugihugu
Bizoteza ikibazo mu gihugu
Yooo Imana itabare kabisa ibura ryibitoro riradulorako muga vuba ababijejwe barabikemura
Amasanganya arabaho ariko Burundi ikibazo c’umuvuduko kiracari agahaze cane ikindi amabarabara arimwo utunenge twishi binaturutse kukuntu amabarabara makurumakuru usanga arimake cane akanyuramwo abantu beshi nimodokari nyishi icarimwe bikaba aribimwe mubikwega impanuka
vyose nikibazo kbx
Ahubwo leta arakwiye kwiga neza ukuntu bimodoka zishaje zova mwibarabara
iri bura ry’igitoro ntaco ritazokora kabisa
nibarabe bahagarike ivyo bintu kuko botumara kabisa
ibintu ningorane gusa
ntako vyoreka kuba ahubwo ikibazo cigitoro carenze ihaniro
igihugu nikirabe izi ngorane zihagarare kabisa
izi ningorane kabisa
ibi bintu nihatari kabisa
namabarabara aratuma ayo masanganya yiyongera kabisa
Mana tugarukire 👏👏
iri bura ry’igitoro rizodukorako kweri
kandi ahusanga nabantu barahasize ubuzima
ngira ubu igitoro kizoboneka kubera dusigaye tunywesha kuri APP
twizere yuko mumwaka uza ikena ry’igitoro rizotorerwa umuti
biraboneka kuko iyo modoka yatenvye nabi cane
asha ibi bintu nukubiha imana kweri
ingorane ntizizohagarara muriki gihugu kweri
nibindi biracaza nihatakogwa ikintu
ningorane mu gihugu cacu kabisa
Ese ibi bizohera gute?
Mwamaze kwihebura?
iki kibazo kimaze imisi myishi
shirako ati ntikizonahera vuba
ibi bintu birimo ikibazo kidasanzwe kabisa
iki kibazo nico kwicarirwa kabisa
bisigaye bincanga cane
nikibazo gikomeye cane
ariko mumatora kizoboneka ngaho!!!!!!
Ego kabisa bazoba bifitiye intumbero wumva cobura gute
iki gihugu kirimwo ibibazo bikomeye cane kweri
Yvose bizogenda neza iyaturemye iratuzi
gusa nabanyonga iyi miduga bogenda buhoro vyobafasha
ntibagire uko ubukene bugize gusa
jewe ikirenze nukuntu inyishu idatoka yibibazo dufise
Birateba ariko bigashika
uwuguhenda nuwukubwirako ibi bizohera !!!
imana ntaho yagiye uburundi iracabukunda