Burundi : Ikibazo c’ikena ry’inoti z’ijana coba kigiye gutorerwa umuti kuva mu ntango za 2025

58
Inoti z'ijana

Inoti z'ijana

Haraheze igihe kitari gito hibonekeza ikena ry’inoti z’ijana, ico kibazo kiramaze gucanishamwo abatari bake mu badandaza n’abaguzi cane cane mu kwiyunguruza. Mu gihe izo noti zimaze igihe kiri hagati y’imyaka 6 na 7, hari hageze ko zisubirizwa kuko zitakiboneka, n’izihari ziba zishaje cane. Umuyobozi ajejwe ishirwaho n’ikurwaho ry’amafranga mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB), Pierre Claver Ndagijimana, arizeza abarundi ko ico kibazo coba kigiye guhera vuba cane ku buryo mu ntango z’umwaka wa 2025 coba kitakivugwa. Hari mu kiganiro yahaye iradiyo nkuru y’igihugu.

Ivyo biri uko mu gihe kuva muri Mukakaro uyu mwaka, Bellarmin Bacinoni, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ibanki nkuru y’igihugu yavuze ko ikibazo c’inoti zishaje harimwo n’izijana bakizi, ariko ko bariko barakora ibishoboka kugira izo noti zihindurwe. Ico gihe yamenyesheje ko mukurindira ko izo noti ziboneka, abantu boba barakoresha ibingorongoro vya 50, atankomanzi.

Ico gihe nyene, Bacinoni yahamagariye abantu gufata neza inoti zigikomeye, kuko iyo hageze ko zihindurwa, zikoreshwa ku mafaranga menshi yokoze ibindi. Mwomenya kandi ko muri Ntwarante 2024, umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu Normand Bigendako yari yemeye ko mu kwezi kumwe canke abiri, inoti z’ijana zishasha zizoba zabonetse.

58 thoughts on “Burundi : Ikibazo c’ikena ry’inoti z’ijana coba kigiye gutorerwa umuti kuva mu ntango za 2025

  1. Nukuri hamwe bokora izindi noti zi 100 byoba aribyiza cyane gose.
    Uzawumva muri bus ngo hurira uwufite 200

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights