Burundi : Indimu, icamwa kigoye cane kuboneka kino gihe
Haraheze igihe kitari gito, kuronka indimu bisa n’umuzi w’ibuye. Muri uku kwezi kwa Munyonyo ho vyageze ku rugero bitigeze gushikako. Mu ntara zitandukanye ndetse no mu gisagara ca Bujumbura hose ni co kimwe. Ubu indimu imwe igurwa 1.500 Fbu, mu gihe umutekero wose utahora ushikana na 500 Fbu. iryo bura riterwa n’uko igihe cazo kiriko kirahera, ariko kandi ngo n’ibiti vy’indimu ntibigwiriye cane, nk’uko bishikirizwa n’abadandaza b’indimu mu masoko atandukanye.
Abandi badandaza bagira bati : N’aho twokwijukira kuzitera, iyo zamye ntizihurumbirwa nk’imicungwe, mandarine canke amavoka. Ikindi gishikirizwa n’abadandaza ni uko hobaho amahinguriro ashobora gukenera indimu nyinshi ku buryo iyo zibonetse boronka abazibagurira vyoroshe.
Mu gihugu hagati nk’i Ngozi, bavuga ko indimu imwe bashobora kuyigura 1.000 Fbu, mu gihe mu misi iheze yagurwa 100 Fbu. bigeze aho mu bubare basigaye bakoresha (Vinaigre) isubirira indimu. Abihereza imfungurwa bisaba ko zijako indimu bagasaba ko igiciro c’indimu cogabanurwa?
Musomyi aho uherereye indimu ziraboneka?
asha ubu hako wobona indimu wopfuma ubona igitoro
rega minsi yose umuti wama ugoye kuronka
gsaa naho zibura burya numuti knd ngirakamaro
ico kibazo kirakwiye gukemurwa vyihuta
rega ibintu bitera bihona
indimu reo yabaye ndanse
tuzorondere ubundi buryo tuyiteramo kln
ico giterwa kirakenewe kabisa
indimu ningirakamaro kumagara yacu
Ibintu biraza nabi! I ndimu zibure! Igitoro kibure! None tuzoba abandi?
I ndimu twirimira kweli nazo zibure wagira nizo twe important?
Nihatali ntivyoroshe abarimyi barab bashiremwo agatege
Ntivyorosh
Ibizimvye nivyinshi
Indimu zo birasanzwe uravy umuceri ayo ugezeko
Karabaye ibara riraguye noneho! Indimu uwoyigutuma ngo ninko kugutuma umuzi wibuye?
Indimu vyovyo ntibabeshe zarabuze cane
Indimu mwakino gihe zabuze sna
None nukutazimbura canke
Vyovyo nibakore inganda boza barashoramwo
Nihatari indimu yigihumbi natanu
Ikintu cokorwa mukire ziboneke nigiki gabasha
Oyaha kabisa vyarenze urugero
Hama ngo inzara yobura kundimu isigaye igurwa igihumbi natanu
None bizoherera hehe ivyobintu
Nitwijukire ahubwo kuzitera kabisa
None indimu isigaye igurwa igihumbi ikiro cumuceri wumva arangana???
Ningorane ahubwo turicwa ninzara
None mwibazako vyose bivakuki
Ntandimu yigihumbi nogura
Ngira ni kubera zitariko zirarimwa cane.
None ikintu kinarura kirabura
Manayanje ibinzara izica ntibazobura
Aho rero tugeze kundimu yigihumbi natanu ahotwagiye
Nikomuvuga igihumbi harigihe tunabura niyodushima
Izohava inagera kubihumbi bitanu ahubwo
Nukuri barakwiye kubitorera inyishu.
Iratuhangayikishije indimu nukuri
Nukuri imfungurwa zikoreshwa indimu ntabwo zikigira akanovera nyako kubera iryo kena ryazo.
Nibige icotuma iboneka
Indimu ubu numuzi wibuye
None ivyobintu kuva Nabaho niryambere ndabibonye
Turapfa sindababeshe
Ivyo bizohera ntakibazo
Vyose birafise imvo yavyo
Asha ndumva uwufise igiti ariko arya amahera
Ahubwo nanje nugufata nkatera giti cindimu
Jewe kurya indimu narahevye
Ivyindimu tuvyibagire
Ikibazo cindimu sicubu
Bbitoreye inyishu boba bagize neza c ane.
Indimu nukuri zisigaye zigoye gose kuronka.
Indimu nukuri zisigaye zigoye gose kuronka.
Indimu sinumvako yoteza ikibazo cane
Canke ntibakironka uko bozirima?
Nitwijukire kuzitera
Kwumva akantu utarya ngunahage igihumbi
Nibagire ico bakoze ziboneke niho nibiciro vyogabanuka kubera ntibogabanya ibiciro kandi nabadandaza mukuzironka bibagora.
Nibagire ico bakoze ziboneke niho nibiciro vyogabanuka kubera ntibogabanya ibiciro kandi nabadandaza mukuzironka bibagora.
Nkatwe abadandaza turanumirwa
Bizogenda neza.
None kwibintu vyose vyabaye ndanse
Je ndabona bingezahantu kweri
None mubona tubigenze gute
Ibibintu vrt birafise inyanduruko iyobiva
Jewe nta match nimwe nzoraba
Mbe harya indimu zimaze iki?
dushaka inzoga izo ndimu niziki?
Hahahaha abana banje nakare nta ndimu bakunda
ahubwo nibazshire ku 10 000