Burundi : Indimu, icamwa kigoye cane kuboneka kino gihe

85
Indimu

Indimu

Haraheze igihe kitari gito, kuronka indimu bisa n’umuzi w’ibuye. Muri uku kwezi kwa Munyonyo ho vyageze ku rugero bitigeze gushikako. Mu ntara zitandukanye ndetse no mu gisagara ca Bujumbura hose ni co kimwe. Ubu indimu imwe igurwa 1.500 Fbu, mu gihe umutekero wose utahora ushikana na 500 Fbu. iryo bura riterwa n’uko igihe cazo kiriko kirahera, ariko kandi ngo n’ibiti vy’indimu ntibigwiriye cane, nk’uko bishikirizwa n’abadandaza b’indimu mu masoko atandukanye.

Abandi badandaza bagira bati : N’aho twokwijukira kuzitera, iyo zamye ntizihurumbirwa nk’imicungwe, mandarine canke amavoka. Ikindi gishikirizwa n’abadandaza ni uko hobaho amahinguriro ashobora gukenera indimu nyinshi ku buryo iyo zibonetse boronka abazibagurira vyoroshe.

Mu gihugu hagati nk’i Ngozi, bavuga ko indimu imwe bashobora kuyigura 1.000 Fbu, mu gihe mu misi iheze yagurwa 100 Fbu. bigeze aho mu bubare basigaye bakoresha (Vinaigre) isubirira indimu. Abihereza imfungurwa bisaba ko zijako indimu bagasaba ko igiciro c’indimu cogabanurwa?

Musomyi aho uherereye indimu ziraboneka?

85 thoughts on “Burundi : Indimu, icamwa kigoye cane kuboneka kino gihe

  1. Nibagire ico bakoze ziboneke niho nibiciro vyogabanuka kubera ntibogabanya ibiciro kandi nabadandaza mukuzironka bibagora.

  2. Nibagire ico bakoze ziboneke niho nibiciro vyogabanuka kubera ntibogabanya ibiciro kandi nabadandaza mukuzironka bibagora.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights