Burundi : Mbega inzego zijejwe kurwanya igiturire zikora gute?

72
IMG_0176

Inzego za Reta zitegerezwa gukora uko zishoboye kose kugira ngo amahera ya Reta ntaze araherera ku bantu bamwe, amahera aherera mu bintu bitagira akamaro n’amabwirizwa agasubirwamwo kugira ngo inzego n’abajejwe kurwanya igiturire hamwe n’abacamanza bigenge bikwiye. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Léonce Ngendakumana nk’umuti wo kurwanya igiturire, umwe mu bari batumiwe mu kiganiro ishirahamwe PARCEM ryari ryatunganije kuri uyu wa 4/12/2024 mu nyubakwa z’ihoteri City Hill.

Ikindi yashikirije ngo n’uko umengo naho hari inzego nyinshi zijejwe kurwanya igiturire no gusesagura itunga ry’igihugu, umwe wese umengo akorera ku gatwe kiwe. Yasavye ko abacamanza n’abandi bose bari muri ico gisata, bohabwa uburyo bukwiye butuma bashobora gukurikirana imanza z’ababa bagirizwa ivyaha vyo kurya igiturire batekanye.

Umwigisha muri kaminuza, Pr.Masabo Michel yatanze icigwa, yamenyesheje ko mu Burundi hashinzwe inzego zitandukanye kuva mu mwaka wa 2000 zijejwe kurwanya igiturire no gusesagura itunga ry’igihugu. Hariho kandi na Sentare ikorana n’ibiro vy’umukuru w’igihugu (Inspection Générale de l’Etat ) yashinzwe ku wa 27/8/2004, iyo nayo igakurikirana ibijanye n’ubutunzi muri rusangi n’ikoreshwa ryabwo ku bisata vyose vy’igihugu.

Abari batumiwe bose muri iyo nama bakaba baravuze ingorane zimwe zimwe zituma kurya igiturire bidahera, bamwe mu bafashe ijambo bakavuga ko akenshi usanga abashirwa mu bibanza kanaka baba bahawe itegeko n’abakuru babo, gutyo bakabategeka ingene bakora. Muri ico gihe ntibaba bacigenga, baca bakorera ku gitsure no ku mategeko yabo.

72 thoughts on “Burundi : Mbega inzego zijejwe kurwanya igiturire zikora gute?

  1. munyagihugu menya neza yuko ayo mande baguciye mugihe ufashwe mwikosa nawe azoguruka kugufasha kandi wumveko ubufashije uburundi muri rusangi

  2. Igiturire akenshi usanga abakigwanya aribo bakirya none ni kuberiki ivyo vyose nibibazo tuba dukwiye kwibaza tukanavyiga kuko namayobera

  3. kurya igiturire bituma urara ufunguye nuwagitanze akara afunguye ninayo mpamvu rero kitohera mugihugu

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights