Burundi : Mbega inzego zijejwe kurwanya igiturire zikora gute?
Inzego za Reta zitegerezwa gukora uko zishoboye kose kugira ngo amahera ya Reta ntaze araherera ku bantu bamwe, amahera aherera mu bintu bitagira akamaro n’amabwirizwa agasubirwamwo kugira ngo inzego n’abajejwe kurwanya igiturire hamwe n’abacamanza bigenge bikwiye. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Léonce Ngendakumana nk’umuti wo kurwanya igiturire, umwe mu bari batumiwe mu kiganiro ishirahamwe PARCEM ryari ryatunganije kuri uyu wa 4/12/2024 mu nyubakwa z’ihoteri City Hill.
Ikindi yashikirije ngo n’uko umengo naho hari inzego nyinshi zijejwe kurwanya igiturire no gusesagura itunga ry’igihugu, umwe wese umengo akorera ku gatwe kiwe. Yasavye ko abacamanza n’abandi bose bari muri ico gisata, bohabwa uburyo bukwiye butuma bashobora gukurikirana imanza z’ababa bagirizwa ivyaha vyo kurya igiturire batekanye.
Umwigisha muri kaminuza, Pr.Masabo Michel yatanze icigwa, yamenyesheje ko mu Burundi hashinzwe inzego zitandukanye kuva mu mwaka wa 2000 zijejwe kurwanya igiturire no gusesagura itunga ry’igihugu. Hariho kandi na Sentare ikorana n’ibiro vy’umukuru w’igihugu (Inspection Générale de l’Etat ) yashinzwe ku wa 27/8/2004, iyo nayo igakurikirana ibijanye n’ubutunzi muri rusangi n’ikoreshwa ryabwo ku bisata vyose vy’igihugu.
Abari batumiwe bose muri iyo nama bakaba baravuze ingorane zimwe zimwe zituma kurya igiturire bidahera, bamwe mu bafashe ijambo bakavuga ko akenshi usanga abashirwa mu bibanza kanaka baba bahawe itegeko n’abakuru babo, gutyo bakabategeka ingene bakora. Muri ico gihe ntibaba bacigenga, baca bakorera ku gitsure no ku mategeko yabo.
nibareke sha kutwumva turabizi ivyabo
Ese koko bakora gt?
ibibazo bibe vyishi kurico kabisa kuko nayo batoza meshi ariko hakama ibibazo vyamahera
ibikogwa vyayo biteye ubwoba harimwo utunenge twishi.
abo bantu banyonyeza cane
biragoyeko wovugako arya mahera batwaka ko yose ashika mukigega ca leta
Abo ntibakigwanya ahubwo nibo bambere bacaka
tuvugeko leta itazi ibiba?
Ariko bene data
burya ivyo bibazo tuvyiteza gute?
nimba muba muzi amategeko kuberiki ubaha amahera kandi ukiko agashika
muribuka ibibazo turimwo harigiye ubuzima bugukoresha amakosha.
iki kibazo nibo botwishura sinumva ukuntu ubukene butwizingira kandi amakori nama tagisi birihwa
haraba bashira imbere inyungu zabo atari izigihugu
Imisi yabo iriko ibashirana ni mutuze
haragezeko uburundi twese dusenyera kumugozi umwe
munyagihugu menya neza yuko ayo mande baguciye mugihe ufashwe mwikosa nawe azoguruka kugufasha kandi wumveko ubufashije uburundi muri rusangi
tuvavanure ningendo yibiturire nimba dushaka iterambere
ibiturire numwasi witerambere
harakwiye kuza haraba ukugenzura uko abobajejwe ico gisata bakora
vyoba vyiza kugira uwutabikwiriye bakamukura mumabanga
uwutarahurira nabo kumupaka ntaco arabona
ibaze ukuntu muciranira kumizigo yawe nkaho umunga murasangiye
muyabaha kuberiki
ntiduhendane hako worara inzara woyatanga
ntubeshe haraho biba ngombwa ko mufashanya
bantu bimana nabo ntiborohewe batahure
none bibagoye baza kunyonyeza igihugu
ngira nabonyene utwobaronka ntitubakwira
ariko natwe biratugora kuronka turya batwiba
aha bobongera imishahara niho batobandanya biba?
Ivyigiturire biragoy vrmt ntamuti wavyo kuko abakirya ntibabura
Igiturire akenshi usanga abakigwanya aribo bakirya none ni kuberiki ivyo vyose nibibazo tuba dukwiye kwibaza tukanavyiga kuko namayobera
ivyigiturire vyovyo ntibizopfa biheze mugihugu
ivyigiturire vyovyo ntibizopfa biheze mugihugu
igiturire nibarinde bakirya inzara ninyinshai mugihugu
igiturire ivyaco vyaramenyekanye
vyose nibibazo bikwiye kwigako kuko ningorane
asha baraba ahuko bara zero bacabemera kukirya
amategeko ariho kandi baranayarenga
amategeko ahaba kugire umuntu ayarenge kotutarabona umuntu mwahanye kubera yakiriye
habuze iki rero kugire icogiturire gihere mugihugu
icoco nticokunda ntiwoba ugombe uburare muhira ukareka kukirya ico giturire
vraiment naje nokirya ntiwobona ahubega ushonje ntubege ntigikunda
ahubwo mbere nasanze ibiturire arivyo bitubeshejeho mwakinogihe
biragoye guheba kurya igiturire warakimenyereye
igiturire nisawa kibeshejeho benshi yaba abakirya nabatakirya
erega nabo sibo kugire barinde barya igiturire barafise imvo
igiturire kirakwiye kugwanywa mu gihugu cacu kuko nico gituma igihugu kidatera imbere
kurya igiturire bituma urara ufunguye nuwagitanze akara afunguye ninayo mpamvu rero kitohera mugihugu
asha ahubwo barakwiye guhanwa vyivuye inyuma kuko nibo batuma igihugu cacu kiguma hahandi
biagoye guheba ibintu wamenyereye kabisa
guca amande abantu birafasha gose bituma icoyakoze bakamuc ayo mande atazogisubira
jewe banciye nkamande sinoshavura kuko nubundi aragaruka kugufasha
kurya igiturire biratesa sana kuko bituma urya aguhaye igiture abandanya nigikorwa ciwe
asha nimba arikintu kigoye guhera mu gihugu nico nyene kabisa
ivyo bintu vyo kurya igiturire wokwibaza yuko vyohera gute kandi hakiri inzara mu gihugu
gusa nyene duhagurukiye icarimwe tukabirwanya vyohera ntankeka
biragoye yuko igihugu cotera imbere tugifise uwo mutima wo kurya igiturire kabisa
turakwiye kwiyamiriza ubwo bubwa twivuye inyuma kabisa
izo nzego zigifise uwo mutima wo kurya igiturire zirakwiye guhanwa bimwe bishimishije
ntakuntu none bokura burundu izo nzego zirya igiturire kuko turazi ko bazwi abakirya
gusa uwundi mwanya womenga nisawa kuko uwukiriye nawe abashaka kubaho ubuzima bwiza
igiturire nikintu itazopfa giheze kabisa
igiturire kugira kizoveho burundu nuko inzara yobanza ikagabanuka mu gihugu kabisa
izo nzego nukuri ziratukisha igihugu
nuguhana bimwe biboneka uwutanga nuwuhabwa igiturire
igiturire rega kihaba kubera inzara iba iri mu gihugu
none vyohera gute kandi izo nzego ziba zifise inzara
igiturire burya kibeshejeho abantu benshi muriki gihugu kabisa
none mwebwe mushaka gihagarare kandi harimiryango myinshi gitunze
none mwumva mwafashe ingingo iyihe kugira gihere burundu?