Burundi —Umwuga wo gutwenza biciye muri memes wobeshaho abawukora?

47
Uhereye i bubamfu : Iradukunda Chalom azwi nka Chazel, Sinzobakwira Idrissa azwi nka Ingo Dutwenge Hamwe na Nishimwe Fabrice azwi nka Bahe, na

Uhereye i bubamfu : Iradukunda Chalom azwi nka Chazel, Sinzobakwira Idrissa azwi nka Ingo Dutwenge Hamwe na Nishimwe Fabrice azwi nka Bahe, na

Umwuga wo gutwenza biciye mu nyandiko ziriko amashusho (memes) urashobora kubeshaho abawukora, ariko mu Burundi ntibirakunda neza kubera ko uwo mwuga udahurumbiwe cane kandi na bamwe mu bawukora bataritahura neza ivyo barimwo. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’urwaruka rukora uwo mwuga, rugizwe na Iradukunda Chalom azwi nka Chazel, Nishimwe Fabrice azwi nka Bahe, na Sinzobakwira Idrissa azwi nka Ingo Dutwenge Hamwe. Hari mu kiganiro urwo waruka rwakoranye na BBNEWS.

Nishimwe Fabrice azwi nka Bahe
Nishimwe Fabrice azwi nka Bahe

Urwo rwaruka ruremeza ko umuntu yari akwiye kubeshwaho n’impano yiwe hamwe n’ivyo ashoboye, ariko ko mu Burundi, abakora uwo mwuga baracafatwa nk’aho ari abantu batazi ivyo barimwo, ibinebwe n’ayandi mazina menshi. Ariko ku bwabo ngo ni umwuga kandi babona ko uzobateza imbere muri kazoza. Ikijanye n’ingene bamwe mu bawukora harimwo ababikora nko kwinezereza, urwo rwaruka rubasaba kubiha agaciro.

Iruhande y’uko ivyo bandika bifasha kuruhurira umutwe, kugabanya ivyiyumviro bibi vy’umurengera kubera gutwenga, ngo birafasha mu kwamamaza ibintu abantu bakora. Bagatanga akarorero ko mu gihe birya bandika bashizemwo ivyo kwamamaza, ubutumwa bugera kure cane gusumba.

Ni akahe kamaro ko gutwenga?

Ivyigwa vyakozwe n’abaganga bemeza ko gutwenga bifise akamaro kanini ku buzima bw’umuntu, kuko bifise ingaruka nziza ku maganya no guhangayika, bituma umutima utera neza, biruhura imitsi ndetse bigatuma ubwonko buhema neza (meilleure oxygénation du cerveau).

Ubushakashatsi bwakorewe muri kaminuza ya Leta ya Wayne i Detroit, muri Leta ya Michigan bwerekanye ko gutwenga vyongereza igihe co kubaho ku rugero rwa 20%, ivyo navyo bikaba bihwanye n’imyaka 7. Ubwo bushakashatsi nyene bwatanguye mu mwaka wa 1952, bukorwa bufatiye ku mafoto 230 y’abakinyi ba Baseball. Vyemejwe kandi ko bafatiye ku bantu batwenze bisanzwe, babayeho hagati y’imyaka 72.9 ugereranije n’imyaka 79.9 kubatwenze cane.

Hokorwa iki ngo abakora uwo mwuga bafatwe nk’abandi banyamwuga

Urwo rwaruka ruvuga ko impano yarwo itangaje cane, kuko biyumvira cane aho abandi bose badashitsa, bakemeza ko bakoresha ubwenge bwinshi, mbere ngo bari bakwiye gushirwa mu rutonde rw’incabwenge. Nayo ngo abanyamitahe, abafise amashirahamwe atandukanye batangure babatumbere babafashe kwamamaza ivyo bakora.

Iradukunda Chalom azwi nka Chazel
Iradukunda Chalom azwi nka Chazel

Baridoga ko abarundi benshi badakoresha imbuga ngurukanabumenyi, n’abo baronka benshi bakoresha urubuga rwa Facebook gusa. Ivyo navyo bituma baca bakoresha urwo rubuga gusumba izindi mbuga. Ngo abarundi ni bahurumbire gukoresha imbuga nka Instagram, X (Twitter), n’izindi.

Ikindi naco ngo ntibotangura gukora umwuga wabo mu zindi ndimi mu gihe n’abarundi benshi ubwabo izo ndimi zibagora, ariko ngo nibabona ko urugero rwinshi rumaze gutahura uwo mwuga, bazoheza bakoreshe izindi ndimi.

47 thoughts on “Burundi —Umwuga wo gutwenza biciye muri memes wobeshaho abawukora?

  1. Bane ndabona mufite impano lakini tatizo kuronka sasa ababageza Kure! Icyiyumviro nobaterera genda mudodore imbere nko mubushikiranganji bwo gufatana munda emwe bazobakira pe!

  2. Birababaje kubona mufise impano nkizo ariko mukaba mutariko muzitumenamwo.
    Emwe njyewe iyamba nabishobora nabafashije kuko mwararyoheye saana.

  3. Man abantu bomugisagara barantangaza cyane! Ibaze umuntu wese ngo akeneye abamufata mumugongo ngafise impano none iyompano yibyaze umusaruro naho haba mwibarabara cyika umusazi.werekane impano yawe.

  4. Mubisanzwe nimba uzi ko ufise impano ja mwi site werekane ibyuzi.ibyonyene ucyuterekaho inkoko uwuza wese kuraba ashiramo ijana! Isorosoro rigwira iyo rija

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights