Kubera iki umuririmvyi Mista Champagne atashizwe kuri uru rutonde?

104
cha

Muri uru rutonde rw’abaririmvyi b’abarundi, guhera ku bakera mu muziki, abakundwa cane, abakurikiranwa cane ndetse n’abakiri bashasha mu muziki, hari abaririmvyi benshi bidoze ko umuntu yakoze urwo rutonde yoba yarashizemwo uguhengama canke kurenganya bamwe bamwe mu bibanza bari bakwiye kujamwo. Muri abo harimwo umuririmvyi Mista Champagne, urwo rutonde rwagaragaye ku kinyamakuru Akeza Net.

Mista Champagne abicishije ku rubuga rwa Instagram yarabajije ikibazo agira ati : “Nabonye ibinyamakuru bikorera ku mbuga ngurukanabumenyi (Online Media) bashizeko cane uru rutonde, inyuma y’aho abakunzi banje baca baguma babaza ibibazo vyinshi ngo : Kubera iki Mista Champagne atari kuri uru rutonde kandi akora neza?”

Aca avuga ko impamvu we atagiye kuri urwo rutonde ari kubera ari umuririmvyi mpuzamakungu, ngo amakuru yiwe muzoyasanga kuri BBC, RFI, TRACE TV, WASAFI n’izindi?

Iruhande y’uwo hari abaririmvyi benshi nka Mkombozi, Mr Joker, Mnif Jimbo n’abandi batigeze baja kuri urwo rutonde, abakunzi b’umuziki ndundi bakibaza nimba abo bandi atari abaririmvyi. Ikindi kibazo ni ikijanye n’imigwi igize urwo rutonde.

Musomyi, urashigikira iciyumviro ca Mista Champagne? Weho wari kubitondeka gute?

104 thoughts on “Kubera iki umuririmvyi Mista Champagne atashizwe kuri uru rutonde?

  1. None ko numva mufise urwamo ryishi uwo ubundi numurundi canke nuwi Congo
    Nimba yqshavuye nawe bakore urutonde rwiwe yishire ahashaka hamubereye suko

  2. Ibi bintu bakoze nsinzi ico baravye kugira ngo bavyandike?nibasigure neza ico ayo majambo asigura mwijambo rimwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights