Chris Ndikumana : Naretse ivyo gutoza amashikanwa muri Kanguka kubera Mpwemu Yera yambujije

29
Chris-Ndikumana-1400x0-c-default

Umuvugabutumwa w’umurundi, Chris Ndikumana, aheruka gutanga ubutumwa buhambaye ku bijanye no gutanga amashikanwa ndetse no kurihishwa mu biteramo vyo guhimbaza no gutazira Imana. Inyuma y’aho abatari bake bagumye bibaza impamvu Chris Ndikumana adatoza amashikanwa mu biteramo vyiwe vya “Kanguka”. Yasiguye ko impamvu yabiretse ari uko Mpwemu Yera yamubujije kuva muri Kanguka yabereye i Bujumbura muri Mukakaro 2023.

Mu majambo yiwe yagize ati : Kuva ejo nariko ngerageza gushira ubutumwa kuri Facebook ariko biranka rwose. Nashize ubwo butumwa nyene kuri YouTube ndabasaba ngo mubwumvirize kuri YouTube. Naratanze umuco ku bijanye n’amashikanwa mu gihe c’igikorane kuko shetani yariko igerageza gutera gucanganikirwa mu bantu.

Yemeza kandi ko Mpwemu Yera ibijanye no kwegeranya amashikanwa mu gihe c’ibikorane canke co gusenga ari ivya Bibiliya. Ndetse akavuga ko Ijambo ry’Imana ritarwanya ivyo kwegeranya amashikanwa.  Yasiguye neza ko ivyo vyo guhagarika gutoza amashikanwa yabikoze kubera yari afise urutonde rudasanzwe mu mutima wiwe, ico yise “RHEМА”. Ahubwo Chris Ndikumana ico yanse ni ugusaba amahera yo kwinjira mu biteramo vyo guhimbaza no gutazira Imana.

Igiteramo c’i Abidjan citabwe n’abarenga 300.000

Uwo muvugabutumwa Chris Ndikumana, w’imyaka 51, aherutse gukora igiteramo mu gihugu ca Côte d’Ivoire, neza na neza ku mugwa mukuru Abidjan, hari kuri uyu wa 7 Kigarama 2024, ico giteramo citabwe nabantu barenga 300.000. Mwomenya ko Chris Ndikumana asanzwe afise abamukurikirana barenga 500.000 kuri Facebook, abarenga umuriyoni (1.000.000) kuri YouTube ndetse no ku mbuga nka X. Ikindi n’uko yakoze urubuga (application) ashirako amasengesho buri musi

Musomyi ufata gute umuvugabutumwa Chris Ndikumana?

29 thoughts on “Chris Ndikumana : Naretse ivyo gutoza amashikanwa muri Kanguka kubera Mpwemu Yera yambujije

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights