Chris Ndikumana : Naretse ivyo gutoza amashikanwa muri Kanguka kubera Mpwemu Yera yambujije
Umuvugabutumwa w’umurundi, Chris Ndikumana, aheruka gutanga ubutumwa buhambaye ku bijanye no gutanga amashikanwa ndetse no kurihishwa mu biteramo vyo guhimbaza no gutazira Imana. Inyuma y’aho abatari bake bagumye bibaza impamvu Chris Ndikumana adatoza amashikanwa mu biteramo vyiwe vya “Kanguka”. Yasiguye ko impamvu yabiretse ari uko Mpwemu Yera yamubujije kuva muri Kanguka yabereye i Bujumbura muri Mukakaro 2023.
Mu majambo yiwe yagize ati : Kuva ejo nariko ngerageza gushira ubutumwa kuri Facebook ariko biranka rwose. Nashize ubwo butumwa nyene kuri YouTube ndabasaba ngo mubwumvirize kuri YouTube. Naratanze umuco ku bijanye n’amashikanwa mu gihe c’igikorane kuko shetani yariko igerageza gutera gucanganikirwa mu bantu.
Yemeza kandi ko Mpwemu Yera ibijanye no kwegeranya amashikanwa mu gihe c’ibikorane canke co gusenga ari ivya Bibiliya. Ndetse akavuga ko Ijambo ry’Imana ritarwanya ivyo kwegeranya amashikanwa. Yasiguye neza ko ivyo vyo guhagarika gutoza amashikanwa yabikoze kubera yari afise urutonde rudasanzwe mu mutima wiwe, ico yise “RHEМА”. Ahubwo Chris Ndikumana ico yanse ni ugusaba amahera yo kwinjira mu biteramo vyo guhimbaza no gutazira Imana.
Igiteramo c’i Abidjan citabwe n’abarenga 300.000
Uwo muvugabutumwa Chris Ndikumana, w’imyaka 51, aherutse gukora igiteramo mu gihugu ca Côte d’Ivoire, neza na neza ku mugwa mukuru Abidjan, hari kuri uyu wa 7 Kigarama 2024, ico giteramo citabwe nabantu barenga 300.000. Mwomenya ko Chris Ndikumana asanzwe afise abamukurikirana barenga 500.000 kuri Facebook, abarenga umuriyoni (1.000.000) kuri YouTube ndetse no ku mbuga nka X. Ikindi n’uko yakoze urubuga (application) ashirako amasengesho buri musi
Musomyi ufata gute umuvugabutumwa Chris Ndikumana?
Nivyiza kuba yabihagaritse
Yabihagaritse kuko yayatoza mubiryo bwo kwiba abantu
Abantu benshi ubu binyegeza inyuma ya Bible bakora ivyo mpwemu yera yanka
Nta kuntu woba uri umukozi w’Imana hama wasengera uluntu ukamwaka amahera
Imana ikwiye kuza iragaragaza ubusima bakora mumashikanwa
Uyu musi abantu ntabwo bayoborwa na Bibiliya
Imana ikomeze imuhezagire ashike kure
Imana imuhezagire
uwo mugabo yubahwe cane
uwo niwe akorera imana rero
burundi twarahezagiwe kandi cane
yibuka nugusengera uburundi kuko siheza kabisa
uwo atandukanye nababandi bafata gusengesha nka business
imana ikomeze kumuhemukira
twishire umuvugabutumwa wacu
twishire umuvugabutumwa wacu
niteka kukugira our pastor
Imana imuhezagire cane
aradusengera cane
twarahezagiwe muburundi pe
yubaka imitima yabeshi ahezagigwe cane
birateye ishema nukuri
ndibazako batomwagiriza ubusuma pe
uwo numukozi w’Imana kabisa ntakubishidikanya
uwo ntabesha vraiment nimvugakuri
uwo mugabo sha ntawomenya ivyiwe ushobora gusanga akoreshwa namadayimoni
uwo mugabo ivyiwe birayobeye vraiment
turamukuda cane pe
ubutumwa bwiwe buraruhura cane