Bururi : Inyuma yo kurekurwa n’Umukuru w’igihugu, yafashwe yivye ipikipiki

73
prison

Muri Komine n’intara ya Bururi, hari umuntu yafashwe n’igipolisi ku mutaga wo kuri uyu wa 18/11/2024 yivye ipikipiki.  Ivyo bikaba bibaye inyuma yo kurekurwa ku kigongwe c’Umukuru w’igihugu kuri uyu w’Imana mw’ibohero rya Murembwe mu ntara ya Rumonge. Mu makuru ava aho i Bururi aremeza ko yafatiwe kw’ibariyeri y’igipolisi i Bururi, ubu akaba ariko arabazwa mu gipolisi c’inyamiramabi i Bururi, nk’uko tubishikirizwa n’iradiyo Bonesha FM.

Muri wa mugambi w’umukuru w’igihugu, wo kurekura abanyororo bakoze ivyaha bito n’abamaze ica kane c’umunyororo wabo, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17/11/2024, mw’ibohero rikuru rya Rumonge harekuwe abanyororo barenga 190.

73 thoughts on “Bururi : Inyuma yo kurekurwa n’Umukuru w’igihugu, yafashwe yivye ipikipiki

  1. None nkubu yihoye iki nukuri yari gupfuma asaba ayoze hama bamuhembere nuko nico yagikoze abe make ariko ayaronke.

  2. Barakwiye kwiyumvirira kucerekeye ama centre d’encandrement kubafungwa baba babohowe kugira ngo nuzugerageje gukora ibiri hanze yivyo baba bayaze agaca asubizwa mwibohero.

  3. Ubusuma nukubutuza nukuri kubera birateye agahinda ingene umuntu akomeye amaguru namaboko ashobora kwiyumvira kwiba hari nabatayafise bakora akazi baba bashoboye ataco barinze kuraba .

  4. abafungwa baronkejwe ico boca baba barakora vyofasha yuko batonagira iciyumviro zokuja mungeso zubusuma naho yoba afise ako gatima ko kubikora koca kahava.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights