Hashizweho umugambi ugiye kworohereza abadandaza bahora bacisha ibidandazwa ku mupaka wa Congo n’Uburundi

Kuri uyu wa 30/10/2024, Marie Chantal Nijimbere, umushikiranganji w’ubudandaji mu Burundi na Kongo Julien Paluku, umushikiranganji w’ubudandaji muri Congo, batanguje umugambi witwa “Régime Commercial Simplifié (Recos)”, umugambi ugiye kworohereza abadandaza bo mu bihugu bihurikiye mu muryango w’isoko rusangi “Comesa”, gukora urudandazwa ndengambibe cane cane abaca ku mupaka w’Uburundi na Congo muri Zone Gatumba y’intara ya Bujumbura.
Clarisse Baricako, aserukira abadandaza bakora urwo rudandazwa mu Burundi, na mugenzi we wa Congo, Vumilia Kwibe, hamwe n’abadandaza muri rusangi, barashima cane uwo mugambi ugamije gushira ku mugaragaro urutonde rw’ibidandazwa vyemewe ndetse hagabanywe n’amafaranga yahora arihwa iyo vyinjiye mu gihugu. Nayo ngo abo badandaza bakwiye kwihatira kugwiza umwimbu mu vyimburwa canke ibihingurwa biri ku rutonde rw’ibizokworoherezwa muri uwo mugambi.
Nukuri ni igikorwa ciza gose kizokworohereza abadandaza batari bake narirya amazi ubu yamaze gukama.
Jewe mbona ahubwo CONGO N’UBURUNDI bibaye igihugu kimwe niho vyogenda neza kurusha.
Nikintu cyiza cyane
Turakeje abagize ico ciyumviro kizokwungura vyinshi.
COMESA iragahora iraza.
Ubu ndumva bigiye korohera aba dandaza cyane cyane abadandaza batobato kuko ikori ryari umurengera
Bazoshireho un grand restaurant yokwakira ingenzi hamwe na systeme yokuriha en dollar canke muma CONGOMAN kubazoba bariko bava muri CONGO.
Ko akarere bakaguye bizobasaba no kwiyumvira nkahamwe abadandaza bubiriyeko aho boca barara mu micungararo canke aho ibidandaza vyabo vyoca biba birabitwse nko muri un entrepôt commercial yoba iri payant.
Bizoba bitunganye nukuri.
Numugambi mwiza kuri buri zina mudandaza wese .
Ubu Rero nanje ngiye gutangura business kabisa
ntaco badakoze kweli
nizereko bitoye umuti vrt
icipfuzo ca buri muntu wese
congo nireke abarundi twirenganire
birahimbaye cane
ntawitoshima iyo ngingo
ivyiza nuko boreka umuntu agahiga ubuzima
Ahubwo nibakureho nabacunzi umuntu yinjire uko ashaka
barya bantu bacunga imbibe nabana babi
nukuri ahubwo nimba bataragura indege barahonvye
biba cane
baraturya amahera tukibura
none harya baba biyumvira gute?
ntamahera ava mubusuma yogira icakumarira
Mbese burya leta ibiba irabizi?
turibamwe nibareke twitagatire
Gusa nubundi tubanye neza kiretse abaca bivanga
ukwobiri kwose haragezeko amahoro aboneka tugakore business ataco twinona
umuti watotse ariko ikibazo nikimwe
ntagishasha tubona
hari vyishi bavuga ukabona ntagihindutse kuko batubwiye vyishi bakora bike
Aha ikizoba nuko abacunga imbibe bazokora ivyabo
none nkubu mbabaze wokwanka gutanga amahera ngo umuzigo wawe ngurengane
mwebwe nimwe mutuma batumenyera
Bisa naho atacizere mugifise
Ndababwire muze tureke kubaha ibiturire
hama ubimye ayomahera umuryango uzoca ubaho gute?
ikibazo tugira nuko dutinya
Agaciro aho kamye.
Ubu buzima ninrya nkurye.
Ibiturire nivyo vyishe gusa
Iyo bitaba birya badukorera beshi tuba twarugaye
Sinorara ntariye twogabana
nibatureke dutuze pe