Ikigo Smart Education Center SMEC mumpfunyapfunyo kirangurira ibikorwa vyaco mugisagara ca Bujumbura cihaye intumbero yo gushigikira no guteza imbere akanovera K’indero .
Ikigo Smart Education Center SMEC mumpfunyapfunyo kirangurira ibikorwa vyaco mugisagara ca Bujumbura cihaye intumbero yo gushigikira no guteza imbere akanovera K’indero . Ikigo SMEC catanguye gukora mu mwaka w’i 2019 kikaba kimaze kuragura ibitari bike mu nyigisho z’urwaruka n’abakuze .
Ikigo SMEC catanguye gukora mu mwaka w’i 2019 kikaba kimaze kuragura ibitari bike mu nyigisho z’urwaruka n’abakuze .
Catangujwe n,abahinga mu vyo kwigisha no gutegura indinganizo y’inyigisho mu mashure les concepteurs des curricula bakaba bagiye hamwe bahejeje ibisata bitandukanye vya kaminuza y’uburundi mu vyerekeye ivyigwa vy’ ubuhinga n’i vy’indimi .
Ico kigo rero gitanga indero iri mumice itandukanye turavuga indero mumashure ,mukibano hamwe ningene umuntu yoshobora kwigenza mu buzima bwiwe haba mu gihugu avukamwo canke mpuzamakungu bigaheza bikamushikana kw’iterambere rirama .
Ico kigo rero kubijanye n’indero mumashure kimenyesha ko umurerwa ategerezwa gusoma no kugira ubushakashatsi bwiwe buza bwiyongera kuvyo aba yiga mwishure , ico bise lecture et recherche personnelle , bakongera bakavuga ko ubumenyi bushingiye kukuvumbura aribwo bugira ico bumariye umunyeshure ndetse n’igihugu haba kumenya mw’ishure ndetse n’ukororanirwa mu buzima bw’inyuma y’ishure ivyo bise réussite scolaire et socio-professionnelle . Ico kigo kiremeza ko ari isoko ry’ubuvumbuzi vyerekanwa n’icivugo caco « Ihinguriro ry’ivyiyumviro » Imagination Factory.
Kuva ku ntwaro y’igikoloni aho ishure riziye , umunyeshure yama ntanaryo atonda kumviriza umwigisha asoma ivyigwa ivyo bise exposé magistral hama agaheza agasubiramwo ivyo yize akamenya mw’ishure,(taisez-vous, vous ne savez rien, moi je sais tout) : umwigisha niwe yarabwa wenyene nk’isoko ry’ubumenyi (méthodologie traditionnelle vs pédagogie active) yaronka urupapuro rw’umutsindo bikamworohera kuronka akazi muri leta . Ico gihe nta ntambamyi vyatera, ariko ingorane zigiye gutangura kwibonekeza aho ubuzi bwo muri leta bugabanukiye, abahejeje amakaminuza bize muri bwa buryo ntibaheza ngo bashobore guhangana n’ibura rya kazi ngo bareme akabo mu vyo bize kuko batigishijwe muri rwa rugezo rwo kwironderera ubumenyi bubashoboza gutanguza ubuzi bwabo kuko benshi bama barindiriye nta ntaryo uwo baha akazi . abagize n’abo ngo baratanguje amashirahamwe mu kwikorera utwabo ntibaheza ngo bashikekurekubera ubumenyi buke baba bafise.
Ni muri iyo ntumbero Ikigo Smart Education Center mu myaka itanu iheze gitanga indero n’ubumenyi bushingiye ko umurerwa yiyubakira ubumenyi afashijwe n’umurezi twita guide ou facilitateur basanze vyoroshe cane ko umwana yiga yisanzuye hama agaheza akiga atarondera amanota gusa ariko arondeza hose ico kintu cose co mwungura ubumenyi (isomero, muhira, inzu y ’ibitabu, imararungu, imboneshakure, ibinyamakuru, abagenzi, abagusumba mu myaka, ingurukanabumenyi,….) Ivyo babivuga kubera nabo bagiriwe ubuntu babimenya kare arico gituma bahavuye bagira ishirahamwe rishingiye kuvyo bize hirya no hino hama ababitura bagatunganirizwa neza cane umwe wese muco arondera.
Barafise imbonakazoza (vision) : Gutsimbataza mu gihugu cose inyigisho ifatiye ku vyiyumviro (imagination) , ukurema imirimo (creativité) no kuvumbura ibitari bihari (innovations ) ari yo nkomoko yo kwororanigwa mu buzima
Barafise ibikorwa bakora ku munsi ku munsi kugira bashitse ihangiro bibahaye (mission) : kumenyereza urwaruka agatima ko gusoma no kwironderera ubumenyi vyo soko rya kazoza batibagiwe no gutanga ibitabu bitandukanye bibafasha gutahura vuba na vuba ivyigwa baba batashoboye gutegera neza kw’ishure)
Barafise kandi akarangamutima valeurs :
–ugusoma no kwibako mu bumenyi(lecture et recherche personnelle)
-kwitwararika ivyo ujejwe(responsabilité)
-ubwigenge( liberté)
-ugukayangana m’ubumenyi (rayonnement intellectuel)
-kuba umwenegihugu w’isi( citoyenneté mondiale)
SMEC iriko irabigaragaza mu vyo isanzwe ikora, abayigize bamaze kwiha akazi bongera bagaha n’urundi rwaruka rutari ruke ; imaze kurusangiza imigambi n’imigabo yayo, baramaze kubona ko ivyo bahabwa k’umunwa n’ababigisha guhera mu mashure y’intango gushika mu ya kaminuza ko bidakwiye kugira ngo bagire ico bimariye mu buzima .
Akarorero : umunyeshure ahejeje mu gisata ca kaminuza cerekeye gukoresha inyabwonko(informatique) kenshi usanga ata bumenyi buhagije afise yavyize mu myaka itatu canke ine ariko yaronka uwumwigisha hanze y’ishure mu kigo cigisha : centre de formation akagira ubumenyi buhagije mu mezi atatu ashobora nawe gukoresha mu buzima bwa misi yose)
Nico kimwe n’abiga mu gisata c’indimi benshi baheza kaminuza batazi kuzivuga kandi atakindi biga ariko nk’abatumbereye ikigo SMEC babimenya mu mezi abiri aha turavuga indimi dusanzwe dutanga (Kirundi, Kiswahiri, igifaransa n’icongereza.)
Ivyo rero biratuma ubushomeri bw’iyongera ataruko akazi kabuze ahubwo kubura ubumenyi buhagije no kwiyemera (self-confidence) bituma ukora akazi baguhaye uwuhejeje amashure akananirwa no kwishirakw’isoko y’akazi aho karihose kandi kira noneho uwize muri ubwo buryo buhimirizwa n’ikigo SMEC ntibarindira guhabwa akazi baheza za kaminuza baramaze kubona ico bazokora inyuma yo guheza amashure yabo, Kubera ko abarundi twari twarishize mu mitwe y’uko akazi ka leta ariko gakomeye gusumba ukwiremera akazi , ubu biriko birahinduka, urwaruka ruciye mukigo c’ubushakashatsi SMEC bariko barahindura ivyiyumviro mu kwiyubakira ubumenyi ndengerashure ryo soko ry’iterambere .
Ikigo SMEC kikaba kimaze kurangura ibikorwa bitari bike kuva aho kiboneye izuba kandi kikaba caje nk’inyishu aho bavuga bati : Twariyumviriye ico twokora ngo duterere mwiterambere ry’igihugu catwibarutse tubona twofasha mu gisata c’ inyigisho benshi bavuga ko kitifashe neza ariko ataco bariko barafasha niko guca tuja hamwe umwumwe nico ashoboye twubaka ikigo kidasanzwe nuko duca dutangura gusangiza abatugana ubumenyi dufise mu buryo butari bumenyerewe . Mu vyo bakora twovuga nko:
–kwigisha indimi zitandukanye nka Ikirundi, Kiswahili, Francais ,Anglais , Espagnol , Chinois ,–
aha twigisha abakiri bato n’abakuze mukubaha ivyo umwe wese akeneye na cane cane ababa bavuye mu bisata bitandukanye mu buzima bw’igihugu: ivyo bishoboka kubera inkererebutsi zo muri SMEC batanguyegusoma kuva kera bakiri mu mashure y’intango)
–Turigisha icigwa c’inyabwonko : informatique mu ntambuko zose
–iyandikiro n’isomero ry’ibitabu mfashanyigisho mu mashure yose
–gusubiramwo indimi (kwandika no kuvuga) (Traduction et interprétariat)
–Igisata co gutembereza ingenzi naco nticibagiwe
–Ikiganiro smartmind gihamagarira urwaruka ruri kw’ishure n’urutari kw’ishure guhindura ivyiyumviro dufatiye kubihe tugezemwo: isi yabaye nk’umutumba kandi iguma ihinduka bigatuma urwaruka rwinshi rusigara inyuma mw’iterambere no mu nyigisho za none (smart education)
–gukarihiriza ubwenge abahejeje amashure y’inderabigisha bagaca barondererwa akazi.
Abantu bose bamaze kwitura icokigo ngo ntibidoga kuko bahasanga incabwenge zimenyereye umwuga wo kwigisha , bakamenyesha ko bamaze gufasha urwaruka rwinshi rw’igihugu mukubigisha izo ndimi hamwe na mudasobwa bakavuga kandi ko haba nababa bari mubuzi babitura kugira bakarihirizw ubumenyi muvyo baba basanzwe bakora . Abanyeshure amajana indwi 700 abato n’abakuze akaba aribo gushika ubu bamaze kwigishwa n’ico kigo SMEC mu myaka ine kimaze gitanguye gukora, kandi bakaba bari mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi, ubumenyi ngendanwa bakuye muri SMEC nibwo butuma biga canke bagakora aho bashitse hose.
Hambavu y’ivyo bikorwa vyose ikigo SMEC kugira gishobore kurangura neza imigambi yaco yose caciye ciyumvira gushiraho umugambi: Burundi Book Culture Outreach BBCO-Muhe Igitabu wo gukundisha urwaruka gusoma no kugira ubushakashatsi mu masaha yo hanze y’ishure : muhira, mu nzira, mw’isomero ry’ibitabu eka aho hose umunyeshure ashobora kuronka ubumenyi bushasha bwiyongera ku vyo bizemw’isomero kugira baterere mu nyigisho mu Burundi no kw’isi yose na cane cane bahe akaryo abana bava mu miryango ibayabaye kandi baba kure y’aho bashobora kuronka inzu z’isomero z’ibitabu (bibliothèque)
Baraha ibitabu bitandukanye abanyeshure vyandikirwa murico kigo nyene nico gituma atantambamyi bagira kuko babikora babikunze kanatsinda benshi muribo barashinga intahe ko gusoma ari kirumara mu buzima bw’umuntu kandi ko benshi ko bahejeje amashure bitagoranye kubera gukunda gusoma ibitabu no kugira ubushakashatsi mu vyigwa bitandukanye (culture générale)
Ivyo bitabu vyanditswe mu buryo bw’igitangaza aho twihweje urugero rw’ugutahura kw’ abanyeshule dufatiye umwaka w’ishure aba agezemwo. Muvyo tumaze kubona rero n’uko abana babitahura mu mwanya muto gusumba ivyo biga kw’ishure kubera baba bariko bakwirikirana icigwa ca mwigisha bigatuma batisanzura mw’ishure kubera ubwoba bwo kuyoberwa mu cigwa n’umwanya udakwiye ntibaheze ngo babimenye. Hambavu yo guha ibitabu urwruka rwo mu mashure y’intango nayisumbuye, ntitwibagye n’abahejje za kaminuza, abikorera utwabo eka n’abakozi ba leta turandika ibitabu biberekeye umwe wese bivanye n’akazi akora aho twovuga:
abaganga, abadandaza, abakora mu banki, abarwizatunga, abasirikare, abapolisi, abajejwe ingenzi, abacamanza, abakozi b’Imana bose baroroherwa kuko basanga harimwo amajambo bakoresha mu buzima bwabo bwa misi yose.
Bakatumenyesha ko uwo mugambi w’umuco wo gusoma wuguruwe icese n’uwurongoye ico kigo
umushingantahe HATEGEKIMANA Clovis kw’ishure ry’akarorero k’inyigisho kuri bose(Centre de Reference pour l’éducation Inclusive) ritumbereye mu kigobe hari kw’igenekrezo rya 11/3/2022; umuyobozi w’iryo shure eka n’abaserukiye abanyeshure bakaba barashimiye ico kigo ku ngabire nziza baronkejwe. Ibindi bitabu vyatanwze kw’ishure ry’intango rya kabondo aho bashimiwe naho nyene.
Ikigo SMEC gikoresha uburyo kironka mu vyo bakora kigaheza k’ubwo umutima w’urukundo ufitiye urwaruka rwo Burundi bw’uno munsi n’ejo kikabaha ibitabu mfashanyigisho bibafasha kuronka ubumenyi buzobafasha muri kazoza, ivyo bitabu bitangwa k’ubuntu n’ikigo SMEC kumashure atandukanye ari hano mugisagara ca Bujumbura, bakaba bategekanya kubitanga mu mashure ya ruguru mu ntara zigize igihugu cacu hamwe boronka ababafata mu mugongo muri uwo mugambi w’akaburagero.
uwo mugambi uramaze kwerekana neza ko hamwe woshigikirwa ushobora kuzana impinduka zikomeye mu gihugu cacu ; nk’akarorero ivyiza twovuga vy’uwo mugambi ni nk’ibi bikwirikira:
-Leta ntizosubira gukoresha amafaranga menshi mu gisata c’inyigisho kubera urugero rw’ubumenyi ruzoba rwaduze bivuye ku banyeshure bazoba basigaye bironderea ubumenyi
-ukwagukirwa mu mutwe k’urwaruka hamwe no kwiyemera mu kazi bajejwe
-ukugabanuka kw’ingeso mbi n’ubuhumbu mu rwaruka kubera bazoba baronse ikibafatira c’ingirakamaro
-igitigiri c’abaheba ishure kizogabanuka kubera bazoba bakunda ivyigwa babona neza kazoza
-Igitigiri c’abashomeri kizogabanuka cane kubera uguhindura ivyiyumviro mu kwikorera ivyabo
-Inda zitipfujwe ku bigeme zizogabanuka kubera bazoba bafise agatimabaza mu ngingo bafata m’ubuzima bwabo no mukudahendwa n’abazibatwaza.
-Amashirahamwe ya Leta n’ayabigenga azoronka abakozi bafise ubumenyi buhagije kandi bashoboye akazi. ……..
Nikubwiyomvo ikigo Smart Education Center gisaba gishimitse umuntu wese akunda igihugu cacu gufasha kugira ngo turamure incabwenge zishobora guteza imbere igihugu no guhiganwa mu makungu bafise ubumenyi buhagije kubera ikigwanisho gikomeye mw’iterambere ari indero y’akanovera igizwe no gusoma hamwe n’ubushakashatsi mu barezi n’abarerwa.
Ikigo SMEC kikamenyesha n’amashure Ya leta nayabikorera utwabo akeneye abigisha banonosoye umwuga , bafise Ubuntu n’ubumenyi buhagije ko bateguwe kandi bamaze kwizegwa aho bamaze gutangwa guhera mu mashure y’intango , ayisumbuye eka hamwe naza kaminuza. Ivyo babishoboye mu gukarihiza ubwenge ababa bahejeje mubisata bitandukanye vya kaminuza ariko baba batiteguriye kuja guhiganwa mu kazi, tumaze guhitamwo abasumvya abandi atari mu manota yo mw’ishure gusa ariko turapima n’urugero rw’ubumenyi aba yarirondereye ari nabwo bumutuma ahagarara neza igihe bamushinze igikorwa ico ari co cose.
Birumvikana rero ko ikigo SMEC kizanye ibidasanzwe mu Burundi ndetse nokwisi yose mu guha urwaruka ubumenyi udapfa kubona ahari ho hose bubakura mu mpome zine z’ikirasi c’ishure bukabajabukana imbibe z’igihugu batarinze gufata rutemikirere.
Barangije batera akamo abarundi bose iyo bava bakagera baba abavyeyi, leta , abarezi b’igisha n’abarerwa abarundi baba mu mahanga, abaterera mu gisata c’inyigisho kubona ko ibihe vyahindutse ko kandi ko ataterambere rishoboka mugihe twoba tukiri mu nyigishoza kera ( méthodologie traditionnelle) kandi isi yo iguma ihindura ingene igenda. Ikigo c’ubushakashatsi mundero SMEC gisaba abafise abana guhera ku myaka itanu gushika kuri cumi n’itanu ko bobazana n’imiburiburi kabiri amasaha abiri mundwi kugira ngo baronke ubumenyi atahandi bashobora kuronka.
Murakoze ni harambe ugusoma n’ubushakashatsi mu mashure vyo soko ry’iterambere rirama.
+25779126342 / +257 62522855
Bonne objectify👍👍
Mwiyumviriye neza kuja hamwe kubwiyo ngingo
Urwaruka rwohakura ubumenyi bwishi mubandanije ivyo mwiyemeje ndetse niterambere ryokwiyongera
None ko mutasavye ubufasha reta murikwije muvy mukenera vyose kugira ibikorwa vyanyu bigende neza?
Urwaruka rumw rumw mbona rutanguy gukanura
Courage muzobera abandi urumuri
at least reta ikwiye gushigikira ivyiyumviro nimigambi yanyu kuko nivyakamaro
Kuberiki ibintu vyose birangurwa nabuze kaminuza ya leta, noe abiga ama privée connaissances zabo bazijana he😂😂😂
None kwakira abanyeshure bubwoko bwose ?donc nta description ibaho?
Burundi 🇧🇮 ejo have niheza
SMEC mubandanye ntimucike intege Imana irababona kandi icociyumviro nikiza kubarundi twese najewe nzoza kwiga muturangire neza ahomukorara sinahatahuye neza
Feeling proud of you guys keep it up 💪
Guys murashoboye kabisa kubamushitse ngaho nta sponsored mufise murabagabo
Murashoboye kabisa najewe nzoza vuba mfite urugendo
Mbega bizotwara ikiringo kingana gute ngomenye icongereza?
Brother ivyobintu uracabibamo
Narinziko wabihevyekweri love form USA keep it up sky no limit
Jewe nzoza kwiga computer kuko mbona ivyo nize naravyibagiye kweri ibaze kwigira kuri computer 1 muri abanyeshuri 200 nakamaramaza mugabo ubu nukwibako mundangure aho mukorera nzoze
Ivyo bitabo twobisangahe ?
Umuntu ashakako mumwandikira igitabo murabikora ?
kumenyereza urwaruka agatima ko gusoma no kwironderera ubumenyi vyo soko rya kazoza batibagiwe no gutanga ibitabu bitandukanye bibafasha gutahura vuba na vuba ivyigwa baba batashoboye gutegera neza kw’ishure mwahisemo akazoza keza
Iciyumviro mwagize niciza cane
Kabisa Imana ibahe uburyo mukorere igikorwa mushike kure
Najewe mbonye uburyo nzobashigkkira ndakunda benibi vyiterambere
Wow mwubahwe cane
Ndabateye intege cane. Nta nkeka ko ibikorwa vyanyu bifasha cane. Ndabipfurije kubandanya mutera imbere mwongera mubera akarorero abandi.
🎉🎉🎉📕📙