Impungenge za PARCEM kubijanye na Budget yatowe na Reta y’uburundi mugutunganya ibikorwa vyuyu mwaka wa 2024-2025
Impungenge za PARCEM kubijanye na Budget yatowe na Reta y’uburundi mugutunganya ibikorwa vyuyu mwaka wa 2024-2025
Kuvaho Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko rigena amafranga Reta izokoreshwa muri 2024-2025. Ishirahamwe PARCEM ribona ko abarundi ata rukiza bokwitega kuri ayo mafranga yemejwe ngo azokoreshwe.Hakaba hemejwe ko imiriyaridi 4.383 niyo yemejwe ko Reta izokoresha muri uyo mwaka w’ubutunzi.
Nkuko uwurongoye ishirahamwe Faustin Ndikumana yabivuze kuruyu wa 17 ruheshi, mumiriyaridi 569 zitezwe kuzokwiyongera ,imiriyaridi igera kuri 520 zose zikoreshwa mu kubaho kwa buri musi aho gushirwa mu bisata birwiza umwimbu ku rugero rushimishije .
Reta ikaba yiteze ko imiriyaridi 1766 izova mu bufasha uburundi buhabwa nibihugu vyo hanze canke ingurane uburundi buzaka mwivyo bihugu ariko mwivyo vyose akaba atabuhinga buhari bwo kwinjiza ayo mafranga .
Ikindi mwomenya nuko ata nahamwe haboneka n’urufranga ruzokwinjira ruvuye mu butare mu gihe arico gisata cofashije mu gusahiriza mu buremere igihugu gifise tutibagira amakori hamwe namatagisi .Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe ashimangira avuga ko bikimeze uko biragoye ko ibibazo vy’igitoro canke amafranga mvamakungu ,umuyagankuba ,amazi n’ibindi abarundi baakeneye bizotorerwa umuti .
Iryo shirahamwe Parcem ikabona ko nyabuna Reta yoshira imbere ivyo kwongereza ibisata birwiza ubutunzi vyaba ivya Reta canke gushiraho umwuka mwiza ku banyamitahe bigenga baba abo ngaha mugihugu canke abava hanze nayo ngo kuguma haduzwa amatagisi n’amakori nta muti bizokwigera bitora .
Tutibagira kwiyo nteguro y’iryo tegeko yatowe kuwa 13 ruheshi 2024 ,itowe n’abashingamateka 100 kuri 118 nukuvuga 84%.
BBNEZW #NIYUBAHWE Justin #Source Agaseke.bi
Reta niyo muvyeyi wa twese ninayo yogushira vyose kumurongo !
Reta. Niyo yogukemura Ivyo vyose ngumuntu muto nawe abeho yorohewe
asha ntibigiye kworoha kabisa
reta niwo muvyeyi wacu nigikorereko kln
ico kibazo kirakomeye cane
ivyo bintu ko bikaze noe?
nihatari nkrii
reta izobikemura tuvyizere
ko bikaze noe?
iyo ngingo irakwiye gusubirwamo canee
reta irabibona dutekane
abanyagihugu bato bato twoca tubaho gtee noe?
kazoba kabaye noneho
tuzoshika kumbona kazoza yumukuru w’igihugu gtee knd ibintu bikiyumbayumba
iyo ngingo umukuru w’igihugu yoba ayizi?
harakwiye kwiga iyo ngigo ubugira kandi
nkri kw’imana ivyo bintu birakwiye guhindurwa
asha nihatari kabisa
nkabanyagihugu batobato mubona vyoca bigenda gtee??
vrema uburundi turakwiye gukora cane
asha tuzoba turaba ingene umwaka uzohera kabisa
reta nukuraba ivyo bintu ikavyigako
iyo ngingo nihatari kabisa
kabisa reta nukuja kukivi
iyo ngingo ikwiye gusubirwamo kln
ningorane tugira tujemo kln
asha nihatari nkri
mutekane biriko birirwa kln
ko biteye ubwoba noe
ntibigiye kworoha kln
ntibiza kworoha kln
reka turindire ngira bizohinduka
this is a serious problem for our country
hama bantahonikora nabo bizoca bimera gte kln??
harakwiye gusubira kwishara hagasubiramo irya ngingo
vyari sawa gsa abanyagihugu batobato ningorane
nukuraba hakaronderwa ayandi mashirahamwe kabisa
eeeh abanyamitahe nukuraba mugafasha namwe muriki kibazo
ahubwo barondere aba Diaspora kln
abanyamahanga nimurabe mudufashe kabisa
ivyo bintu vyo kurondera abandi banyamitahe nisawa kln
ibintu vyo kwizera imfashanyo sivyiza kabisa
kwizera ibiva mumahanga ntitwobiha umwanya munini kln
uwanditse iyo nkuru yarihenze kwandika BBNEWS yayanditse nabi kln
noe BBNEWS bayandika uko nyn
ashaaa bbnews muri kukivi kln
ntako mutagira kugira mutwapdatinge
ntibiza kworoha ivyo muriki gihugu kabis