Kaminuza y’Uburundi yamenyesheje amanota yafatiweko ku banyeshure bazokora ibibazo vyo mu mashure y’akarorero

27
Ikimenyetso ca Kaminuza y'Uburundi

Ikimenyetso ca Kaminuza y'Uburundi

Mw’itangazo ryo kuri uyu wa 11/11/2024, ubushikiranganji bw’indero bwaramenyesheje amanota yafatiweko ku banyeshure bazokora ibibazo vyo mu mashure y’akarorero muri Kaminuza y’Uburundi mu bisata bitandukanye. Ariko kandi abanyeshure bize mu mashure y’akarorero bose bararekuriwe gukora ico kibazo mu gihe bakwije ibikenewe mu gisata bahisemwo, nayo intonde z’ivyigwa n’amanota ku cigwa ico arico cose bimanitse ku biro vy’indero vy’intara hamwe n’ivya komine guhera kuri uyu wa 12/11/2024.

Ibindi biri muri iryo tangazo n’uko abazotora ikibazo vyo mu bisata nka : FABI, ISTA na FSI bemerewe kwiga muri Kaminuza y’Uburundi yonyene, ariko mu gisata c’ubuvuzi (médecine) barashobora kwiga mu makaminuza atandukanye y’abigenga.  Abazokora mu gisata c’ubuhinga (Institut des Technologies Numériques, ITN) bazobimenyeshwa hanyuma.

Imisi yo gukora ico kibazo bitegekanijwe ku wa 14 na 15/11/2024.

Urutonde rw’amanota yafatiweko biri ngaho munsi.

27 thoughts on “Kaminuza y’Uburundi yamenyesheje amanota yafatiweko ku banyeshure bazokora ibibazo vyo mu mashure y’akarorero

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights