Deprecated: strpos(): Passing null to parameter #1 ($haystack) of type string is deprecated in /home/u183552678/domains/bbnewz.com/public_html/wp-content/plugins/latest-posts-block-lite/src/fonts.php on line 50

Deprecated: strpos(): Passing null to parameter #1 ($haystack) of type string is deprecated in /home/u183552678/domains/bbnewz.com/public_html/wp-content/plugins/magic-content-box-lite/src/fonts.php on line 50

October 30, 2024

Mpanda : Ubanza kwerekana agapapuro wiyandikishirijeko kaguha uburenganzira bwo gutora kugira uronswe ico wipfuza

0
Itangazo rya Komine Mpanda

Itangazo rya Komine Mpanda

Nibitanga Nadine, musitanteri wa Komine Mpanda mu ntara ya Bubanza, yamenyesheje kuri uyu wa 24/10/2024 ko kubera abenegihugu bo muri iyo Komine basa n’abatariko bitabira neza igikorwa co kwiyandikisha kugira bazotore mu matora yimirije muri 2025, yafashe ingingo ko umuntu wese afise ico abaza canke asaba muri iyo Komine abanza kwerekana agapapuro yiyandikishirijeko kamuha uburenganzira bwo gutora.

Inyuma yaho ariko, yavuze ko uwurondera karangamuntu we ayironka atagisabwe kugira ace aja kwiyandikisha. Musitanteri wa Komine Mpanda akavuga ko kwiyandikisha atari ubushake bwa buri wese ahubwo ko ari itegeko. Yasavye abajejwe intwaro ku mitumba, abajejewe umutekano gufasha muri ico gikorwa, nayo ngo uwuzofatwa yavyirengagije canke ariko arwanya uwo mugambi azohanwa hisunzwe amategeko.

Musomyi waramaze kwiyandikisha wewe?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *