Ni imigambi ingahe yashizwe imbere na Reta y’Uburundi ngo ishigikirwe?
Dufatiye kw’ihangiro nyamukuru ry’inama ihuza abanyamitahe n’abafashanya na Reta y’Uburundi, yatanguye kuri uyu wa 5/12/2024, kwari ugusigurira abanyamitahe mvamakungu ivyiza vyo kuzana imitahe yabo mu Burundi. Kari n’akaryo keza ko kuyaga ku bijanye no gukingira abanyamitahe hamwe n’ubutungane bahabwa. Imigambi igera kuri 40 ikaba ari yo yashizwe imbere na Reta y’Uburundi ngo ishigikirwe.
Kuri ico kijanye no gukingira abanyamitahe, Uburundi bugiye gushiraho Sentare ikurikirana ibijanye n’amakori n’amatagisi nk’uko umuryango wa Afrika y’ubuseruko ubitegekanya. Nk’uko vyashikirijwe, ngo imitahe mvamakungu ntishobora kunyagwa beneyo canke ngo yitirirwe Uburundi. Mu gihe bitagenze uko, uwarenganijwe ararekuriwe kwitura ikigo mpuzamakungu co gutatura amatati afatiye ku banyamitahe.
Mu bindi navyo vyari ku rutonde rw’ivyigwa uno musi ku wa 6/12/2024, urangiza iyo nama, harimwo ibijanye n’uburyo bwo gushira imitahe no gushigikira ibisata vy’uburimyi, guhingura umwimbu, amagara y’abantu, ubuhinga bwa none, ubutare n’agataka n’ibindi.
Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi cahawe umuyobozi mushasha
Tukivuga ibijanye na Sentare ikurikirana ibijanye n’amakori n’amatagisi, kuri uyu wa 5/12/2024, Jean Claude Manirakiza, umuyobozi mukuru yahora arongoye ikigo OBR yarakuwe, maze hashirwaho Emmanuel Mbonihankuye yahora arongoye Kaminuza ISGE (Institut Supérieur de Gestion des Entreprises). Ivyo bikaba vyabaye inyuma y’aho ico kigo giheruka kugira igihengeri c’imiriyaridi 110 BIF z’amafaranga yari kwegeranywa muri aya mezi 4 aheruka.
Nibazane imitahe yabo mu gihugu c’amata n’ubuki
barahawe ikaze iwacu
iciyumviro ciza
asha turipfuza kumenya iyo migambi 40 yashikirijwe kabisa
nizereko uburundi buzohungukira nivyo kuronsa ubuzi abegihugu
nibazane iyo mitahe kugira igihugu cacu naco gitere imbere kabisa
none ni kuki uyo mukuru wa OBR bamukuye
none bitaronsa akazi abenegihugu vyoba bimaziki
burundi nyabagendwaaaaaaaaaa
reka baze bikorere kumbure natwe tuzoshikigwa
ego kabisa abanyamitahe barakwiye kuzana imitahe yabo mu burundi kugira igihugu cacu naco kigere kure mu bijanye nubutunzi
none bari barindiyiki
tugiye kwunguka cane gose
iyo biza kuva kera ngira ububu bukene bwari kugabanuka
impundu iburundi
harakenewe abantu nkabo beshi cane mugihugu
ikimbabaza nuko iyaba vyarivyo abarundi vyari kugorana cana kugira baronke ugwo ruhusha
ntaco nyakubahwa atazodukorera kweli
aha kuriki kintu nikizima bikomeye cane
aha nibazako harabarundi beshi bagiye kuharonkera ubuzi
ivyo vyo nivyo bizoboneka kuko ahandi bafita ibice vyabenegihugu bategerezwa gukora murayo ma company
niko bigenda mubihugu hose bategerezwa gutanga ubu bwishi kubanyagihugu
igihugu vyanka bikunda kirubakwa kabisa
Burundi ni Dubai yo mumisi kabisa
Tugiye hamwe twese birashoboka
Nivyiza cane Guteza imbere Igihugu biciye muma investissement
imana izodufashe amatora agende neza ibindi navyo bizokoreka
Ariko ivyo bintu ubwo ntibizohava bituma ubuzima buzimba
Ndizera ko mon pays le Burundi mumisi iri imbere izoba yateye imbere cane
Mbega bazozana imitahe mumarundi canke muma Dollars 💵 canke Mumarundi
mutibagira gusaba nimana igitoro kuko iterambera ryogorana ducegwa kubuzi ndetse nibindi bitandukanye
ivyo ntibikivugwa kuko iyongwara yarase gukira cane
Nizera ko ubu OBR bazofa ico kibazo muntoke
kwihebura ntibikenewe kuko nikibazo cuburundi bwose
Nanje ndifuza guteza imbere uburundi biciye mumitahe yanje
birateye ubwoba cane ariko
Amahera ni meza mugihe ariko akora imigambi yo guteza imbere igihugu
Imitahe niyo dukeneye cane cane mwiyi nzira y’iterambere
Nifuza kuzobona twarateye imbere cane tugeze aho namakungu ashima
ahobigeze ayaba hariho igikogwa umunyagihugu yokora mukumara icokibazo twese twobonetse tukagikorera hamwe
Gusa ayo mahera yabuze muri OBR si make nukuri hamwe yoboneka yokora ibikorwa vyinshi vyiza kandi vyoduteza imbere
ubuzima atagitora iterambere ryibagigwe kuko hapfa ibintu vyishi cane
Jewe ndashaka guteza imbere igihugu canje nukuri ninaronka imitahe nzokwubaka isoko
Dusengere uburundi ntakindi kabisa
ntangwara ibira umuti kandi dufise abayobozi badukunda cane
noneko dusinzikaye ?
batubwire ukwokuntu atangwara ibura umuti kandi dupfuye .uribaze kuva murubirizi ugiye kanyosha namaguru?
noneko umenga taxi zuruzuye?
Igihugu cose kiri mu nziza yiterambere nivyiza ko citwararika guha agaciro abanyamitahe
woriha 15000fb naw ugiye gukorera angahe?
Ariko iyo nama ndabona yamaze igihe gito cane kuko vyasaba ko bavyigako nkukwezi kwose
Imitahe irakenewe cane kugira igihugu gitere imbere
harya nkabavuka ruguru ntimwahora mumara umusi wose mugenda namaguru?
Dukore cane dukore peee kuko natwe turashoboye twoteza imbere igihugu cacu kandi nivyo abanyamitahe turabakeneye
OBR irakora cane ndizeye ko bizogenda neza kuko OBR burya irafise akamaro cane mugihugu
iciyumviro cubwana cane kuko ubuzi butangura kare
Burya natwe turakwiye kwigigira icizere naho abanyamitahe ataco bodufasha
Mumyaka i 5 iri imbere ndizera ko igihugu cacu kizoba cateye imbere kurwego rushimishije
Burya muvyukuri ubiravye Umukuru w’Igihugu ariko arakora ibishoboka kugira igihugu cacu ciza kigere kure
narake kudukora munkovu
Numva norarikira abanyamitahe kuza mugihugu cacu bazanye imitahe kuko bazoba bagize ivyiyumviro vyiza
Jewe ndizera ko mumisi iri imbere tuzoba twateye imbere
aravuze nabi cane uwo muntu pe
Turafise ahangiro twihaye ryogushika kure kandi nizera ko twese tugiye hamwe tuzoshika kuyindi ntambwe
mubabarire kuko ntaraheza icigwa kumbure nawe azoshikigwa vuba cane
Umugambi wokwubaka amasoko ni umugambi mwiza cane kuko amasoko niyo ntango yiterambere abanyagihugu bose bakaronka aho basumira
Abanyamitahe nibazane amahera dukore imigambi
nkubu ndibaza bishetse mumatora vyogenda gute kweli
bibe mukuri kuko bongeye kugangura pe
Abo nibande baganguye nabo?
ivyabaye mur OBR nibara pe
sha bazobazwa vyishi kuko baraduhemukira cane kandi tubashiraho tubizeye
ikibazo mfita ese arya mahera wombwirako yahonvye gt?
barayariye mukirundiii
nibazeko bazohera mumpimba nibafatwa abo kabisa
hoho barazwi?
Babiri nka nyakubahwa ntabo pe
Nivyiza cane ko twokwiteza imbere na cane cane biciye mubanyamitahe
Imana yomuduha imyaka ijana uburundi bwoba ari ubwambere kwisi butunze
uburundi twarahezagiwe gusa beshi baramutobera
batoba bareka uburundi azobushikana kure kuko arabarembeje abdutobera
kandi nuwa OBR yaramukuye?
vyiza gose gusa azokurikiranwe atange umuco
Aho rero gatanga yafashwe
Ariko naho bahinduye uwahahora ndumva ntivyari ngombwa
Nibazane imitahe bikore maze ibintu bikomeze gutera imbere
Iyo abanyamitahe bazanye imitahe yabo bizotuma dushika kumbono yigihugu cacu.
Nabandi bo mubindi bihugu batitabiriye rirya huriro nabo barahawe ikaze bazane imitahe yabo.
Iyo habonetse imitahe benshi turatera imbere kandi bigashimwa
Iki gikorwa co kuzana imitahe mugihugu nikintu ciza cane
Nivyiza kuronka abanyamitehe bakayizana mu gihugu
Iki kintu co kuzana imitahe cari caratevye
Vraiment nibintu vyamateka