Ni inde wo kwizera mu rukundo muri iyi myaka tugezemwo?
Urukundo kuri bamwe ni umunezero, ariko ku bandi ni umubabaro. Ivyo navyo biterwa n’uko bamwe bamwe baba barubayemwo. Guhemuka canke guhemukirwa, muri iyi myaka biriko vyigaragaza cane kuri bamwe n’abandi. Gushika ubu bamwe barabaza bati ni nde muntu wo kwizera mu rukundo muri iyi myaka? Tugaruke kuri imwe mu nkuru ziriko zivugwa cane muri Afrika cane cane mu gihugu ca Guinée Equatorial, z’umugabo yitwa Baltasar Ebang Engonga batazira “Bello”, aheruka gufatanwa amashusho arenga 400 ariko arakora imibonano mpuzabitsina n’abakenyezi batandukanye.
Baltasar Ebang Engonga ni umuhungu w’umwana wa mushiki wa Perezida Obiang, yari umutegetsi ajejwe igenzugwa y’ubutunzi bw’igihugu (ANIF) muri Guinée Equatorial. Ni mu gihe vyari vyaravuzwe ko ashobora kuba anyuruza ubutunzi bw’igihugu, maze hajaho itegeko ryo kumugenzura no kumusaka. Muri ico gikorwa niko gusanga muri mudasobwa yiwe harimwo ayo mashusho arenga 400 bivugwa ko yakoranye n’abakenyezi barenga 200.
Bimwe mu biriko bitangaza abantu, muri ayo masanamu n’uko harimwo iz’abagore ba murumunawe, mukuru na mutoyi, iz’abakenyezi b’abashikiranganji, uw’icegera c’umukuru w’igihugu, w’umucamanza, uwa marume wiwe n’izindi nyinshi. Ivyo vyose vyakorerwa mu bibanza bitandukanye nk’amahoteli, ibiro vyiwe canke ibindi bibanza vy’ibanga.
Kubera ivyo bintu, ubucamanza burongowe na Procureur Général Anatolio Nzang Nguema, bwaciye bwihuta gufata ingingo mu gutanguza itohoza kugira ngo hamenyekane nimba “Bello” afise indwara yandukira mu bihimba vy’irondoka.
Umwe mu baganiriye n’umwanditsi wa BBNEWS avuga ko ivyo bintu vyabaye bitangaje cane, ahubwo bigiye gutuma ingo zitari nke zisambuka. Ikindi ukwizerana hagati y’ababana bigiye kujamwo igipfungu. Akavuga ko muri iyi misi ari ugukomeza gusenga cane kugira ngo ingo zirame.
Musomyi, wakiriye gute iyi nkuru?
Uwizera umwana w’umuntu uwo aravumwe bagenzi
Emwe n’ugusenga nyene
Nice
Uwo ararenze nukuri
Burya haracabaho urukundo koko?
urukundo gwaru gwakera
Jewe mbanibazako rutanigezeho
Ntarukundo gwigezeho ntanuruzigera
urukundo nugwo gukunda abavyeyi nigihugu gusa
Ese koko harumuntu yoba akiguhenda ngo aragukunda?
Imana ibarinde abakobwa mwese
None babakoze iki?
Nuko babesha cane
Muribake bariho ntakuri bafise pe
Sabahungu canke abakobwa bose ntakuri kubarimwo.
mfise ikibazo kuki abubatse bose batoguhanura ngo urungore?
Nikubera keshi abakobwa bihisha mumaze kubana bagaca berekana ico bari
urukundo ntarukibaho nagato
ubu rero ntavyo kwubaka?
ntankudo ni mutuze