[P] Gusaba ingurane muri microfinance COJEB ni nko kuja gutora amafaranga yawe
Microfinance COJEB (Coopérative des Jeunes Entrepreneurs Burundais), ni ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana, risanzwe rikorera mu Rubirizi muri Komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Inyuma y’aho kare batanguye badakorera mu mategeko, ariko ubu bakaba ari Microfinance yemewe n’amategeko. Ngo kuja gusabayo ingurane ni nko kuja gutora amahera yawe, kuko baca bayiguhereza, basanzwe wujuje ibisabwa vyose.
Umwe mu banywanyi baryo, Bibonimana Jonas, arashima cane ingene COJEB ikora, agahamagarira abandi benshi kuza muri iryo shirahamwe ryo kuziganya no kuguranana nk’uko nawe yarijemwo abibwiwe n’abandi. Avuga ko ushobora kuronka ideni maze ubuzima bukamera neza. Agashinga intahe ko ubu ameze neza, aronka ico afungura n’ico afungurira umuryango.
Nizigiyimana Jean Marie Vianney asanzwe arongoye igisata kijanye n’ivy’ingurane. Yemeza ko ugiye gusaba ingurane muri COJEB, uronswa inyishu mu kanya isase, kuko bagutunganiriza vyihuse, gutyo ukikenura hakiri kare.
Kevin Barekensabe, umuyobozi wa COJEB avuga ko batanga ingurane ku barimyi n’aborozi, ku badandaza no ku banyamishahara. Akavuga ko kandi COJEB yitaho gufasha cane abari mu mashirahamwe, cane cane ko bashigikiye imbonakazoza y’igihugu c’Uburundi y’igihugu cifashe muri 2040 n’igihugu giteye imbere muri 2060.
Nimuze twese twigire muri cojeb, baduhe imitahe
Cojeb numva itunganiriza abenegihugu neza
Ikibazo nuko ama Microfinance menshi usanga basaba ingwati bakibagira ko natwe tuba dushaka gutangura ataco dufise vyocamwo
Nibaduhe ingurane aba jeune twiyungunganya?
Iyo microfinance iratanga ibintu nez cane
Jewe ntahandi ngiye kuza ndaja kweri kuko ituzaniye akarusho kenshi muvyo tuba dushaka muze mwese
Umutima ntahandi uterera atari muri microfinance COJEB
Ndumva ari amarame
Banque niyo kbx
Nishirahamw ryiza pe kandi cane
Nishirahamw ryiza pe kandi cane gose
waooo ivyiza nkivyo nivyo abanyagihugu bakeye
nivyagaciro cane mwiterambere ryigihugu
begenda gute mukwuguruza compte
nibazako ucushika aho bakorera kugira umenye vyishi
haramashirahamwe meshi yemera ibintu ntabishitse
yoyo abashaka abanwanyi gusa ibisigaye bakabafata uko bishakiye
nagirango microfinance itanga amahera kubanwanyi kugira nayo yunguke
ego ntituvyase ariko nuko icishiraho amategeko aremeye ugaca usanga umunywanyi ntibimworoheye
ibaze nkokuba udandaza kugira uronke ahuba hama ugiye gusaba ingurane bagaca bakwaka ingwati yitongo ataryo ufise
ariko nimwe mutuma bimera uko kuko habayahabwa munyuma bakihoza bigaca bituma babafatira izongingo
harakwiye kujaho icugwa cukuntu abantu badafise ingwati nabo bokwiteza imbere
vyoba vyiza kurusha kuko abadandaza batobato nibo beshi cane
iyo microfinance ntama agence ifise ahandi?
abo bantu bashinga ayo mashirahamwe bibukako na ruguru tubashaka
burya mwodufasha akamaro ka ,microfinance
COJEB ndabizi izohomba none ayo mahera baguma baha abantu nkingurane bayakura hehe?
ishigikira umunyagihugu mwiterambere.
Microfinance nziza cane gose kandi itanga service nziza cane gose muburyo bugiye butandukanye gose cane
ariko kwanza bumveko babanza kuba umunwanyi wayo
Jewe ko Nshaka Bampe nka 100 Millions bazoyaronka nshaka kurangura ama Ractis
Uburundi Buriko Buratera imbere cane
mumfashe ukuntu umuntu aba umunwanyi muri microfinance
nukwuguruzayo compte
none bayuguruza kumahera?
reka dukeze iryo shirahamwe kandi twitege impinduka
imigambi niyo cane gusa babe bari mukuri
ego kweli babe mukuri kuko keshi harabahenda abanyagihugu bakicuza impamvu bagiyeyo
twahenzwe kera gusa bose siko bameze muvyukuri
harabo wicuza icakujanye
gusa harico nosaba abantu bashi mubuzi nkubu bibuke kwubaha umuntu ukwari
jewe biranezereje
Namateka COJEB ikora neza
harumuntu ashobora kuzana amahera bakamufata nabi
Nanje ndakeneye nka 5 millions akantu nikorera mbega bazoyampa?
nkumuntu ugasanga araje yihuta bakanka kumwakira bari kur fone
canke ugasanga umuntu bariko bamwakirana akagaye bivanye nuko yambaye
Dukwiye natwe gukora ibishoboka kugira urwaruka rutere imbere
abo ntakazi baba bazi nagato
Vyose ninyungu kwurwaruka
Iyo microfinance nanje nzoyijamwo
Mbega ntayindi boba bafise yoba iri ngaha hafi ville?
Nizindi Microfinance zirakwiye gukora Nkiyo
Jewe ndizera ko abazosaba ingurane bose bazoyasubiza ayo bazoba bayahaye
ivyo vyamaho ariko abakozi nkabo barakwiye kwirukanwa mubuzi
Niteka cane bateye abantu bafise imigambi
Mbega amahera menshi batanga nangahe?
mumico yikirundi umu client numukwe
bamaze gushika murivyo biro vyabo umenga kwubaha bavyibagiye
Ntihagire uwuzogira icitwazo ko yabuze amahera yimigambi COJEB yaje
Jewe ndanezerejwe nuwo mugambi biyumviriye
ariko hari nabusangayo ukabonako arabantu bazi ivyo barimwo
Barababe neza ntibaze bahombe kuko kuguuma atanga amahera nikintu cokwitondera
ariko barengeje ngo gusaba ingurane ni nkoguja gutora ayawe?
none batavuze uko vyogenda gt?
ntiwumva ama microfinance tuba dushaka kwari nkayo
none kuduhenda niwo muti?
nanje buca nigira muri cojeb banyihere imitahe nikorere
none ufise ivyangombwa bokwima gt
wobikwiza ukabura muburundi ntamikino
ama Microfinance ingorane ngo ningwati ubanza kubaha none utayifise urumva ntushikirwa
bibaho gusa hariho umuntu abura ingurane ataco abuze
ubu nububeshi cane
uwo bitarashikira azobibona muvyumve
umukozi azi icakora ntaraba ntunzi atunganiriza bose
Nanje ndashaka bazompe ingurane
Niciyumviro ciza cane