Rumonge: Abakozi ba Reta bahamagarirwa kwitaho uburimyi
Martin Niteretse, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano yahamagariye abakozi ba Reta kwitaho uburimyi. Ivyo yabishikirije mu nyigisho ku ndongozi zitandukanye zo muri komine yagutse ya Rumonge kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Munyonyo 2024. Umushikiranganji yagize ati: “Umuntu wese nagerageze ku buryo kw’isoko naho hatoboneka ivyo gusuma aja kwidahira mu kigega ivyo yimbuye.”
Umushikiranganji yatanze akarorero ati : “Mbega hamwe vyoshika abarimyi bakamara igihe badashoye umusesekara w’umwimbu ku masoko, mbega twoca duhagarika gufungura?” Kubwiwe ngo ntatahura ukuntu umuntu aja kugura ibintu vyose kw’isoko harimwo n’imboga (lengalenga) kandi yoshobora kuzirimira.
Avuga kandi ko abakozi ba Reta bari bakwiye kwijukira kuja barakora iyindi migambi ibafasha iruhande y’akazi ka Reta baba basanzwe bakora. Ngo biratangaje kubona umuntu yakoreye Reta imyaka itari mike hagera gukukuruka akaja gukora izamu.
Umushikiranganji Niteretse aranegura n’abakozi basaba ingurane mu ma banki aho kuyikoresha imigambi y’iterambere bakayihereza mu kabare. Nayo kukijanye n’igiterwa c’ikigazi kitabana n’ibindi biterwa ibituma isi ndimwa yaga, yahamagariye abanyarumonge kwitura abahinga muvy’uburimyi bakabigisha ingene botera ico giterwa kugira gishobore kubana n’ibindi biterwa.
Musomyi wakiriye gute iyi nkuru?
iki nikintu kizima cane kuko harukuntu umenga barigunga bari bakwiye gutegwa inkunga
Ivyobintu birakwiye gukoregwa hose koku harintara nyishi usanga bikengera cane
Abarimyi nibo bagize ubuzima bwigihugu
Harakwiye kujaho umugambi wukuntu boronka imbuto zirobanuye kandi kugiciyo ciza
kubwanje hojaho ikigega kibaha imbuto nkinguzanyo
Ego kabisa kuko beshi barabura uburyo bwokugura imbuto
Bunobuzima turimwo nyene biranabagora kubika imbuto kubera ubukene
kugira habemwo umuco leta yoca yishiriraho abaganga bindimo bazikurikirana
bohaguruka ikibazo cinzara cokwibagigwa burundu
Twaratewe ubuzima buguma buzimba
muburundi icokintu nticitaweho cane bashirembere icayi nikawa gusa
Abo bashira imbere idollar gusa
kandi shaaa!!!!! ivyo babishira imbere kubera babishora hanze
jewe sinumva ukuntu abantu bashira imbere inyungu zabo natwe turenvye!!!
reke bazoza cagihe cabo we tuza gusa
kandi muzobongera 😂
Ariko sibose baturiye nukuri hariho abazi icobatorewe
Biratangaje umenga isuka niyabatize gusa nibarindire bizobagarukako Raba amahera umuceri ugezeko ibiharage nibindi nakamaramaza
Kurima n’umwuga kubarundi bose
Dukwite kwijukira kurima
Uburimyi niryo tunga ryambere dufixe mû Burundi
icokintu umushikiranganji yavuze nico
ntakuntu nubundi umuntu nirengarenga aja kuzisuma
gusa nyene bariho bahawe ingurane bava kuyitora bashikira mukabare
ubu nabo basigaye barima bobura ubwenge rero
asha ubu basigaye bakora bararima kabisa
biratangaje ukuntu umuntu ronka ingorane yose akaca ajana mukabare
gusa ivyovyo umuntu agakorera reta imyaka nimyaka kahera akacaja gukora ubuzamu aba yariye nabi
ubu ntanumwe atarima bose barabonyeko vyakomeye
ubu numuntu yigirisha ngo ntiyorima ubu ararima ubona yocabaho gute utarima
ningorane nukuri
urumvako uwomushikiranganji kwashaka ko batera imbere
inzara yobafata kuko basigaye barima