USA : Evariste Ndayishimiye yakeje Donald Trump inyuma y’intsinzi yiwe mu matora y’umukuru w’igihugu
Donald Trump niwe ahejeje gutahukana intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, atsinze uwo bahiganwa Harris Kamala ku majwi 279 kuri 219, akazoba abaye umukuru w’ico gihugu agira 47. Mwomenya kandi ko Donald Trump yaheruka gutwara Amerika imbere y’umukuru w’igihugu ahari ubu. Hari kuri uyu wa 6/11/2024. Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba yamaze kumukeza ku ntsinzi atahukanye.
Evariste Ndayishimiye abicishije ku rubuga X yagize ati :”Ndagukeje cane mukuru w’igihugu Donald Trump ku ntsinzi yawe y’akataraboneka mu matora. Ndagushikirije ivyipfuzo vyanje vy’ukuroranirwa mukurongora Amerika bijanye n’intumbero yawe hamwe n’ivyo wemera. Nditeze kurushiriza gukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi na Amerika.
Iruhande y’aho hari abandi bakuru b’ibihugu bamaze gukeza Trump, aho twovuga umukuru w’igihugu ca Ukraine; Volodymyr Zelensky, umushikiranganji wa mbere wa Israël; Benjamin Netanyahu, uw’Ubufaransa; François Macron n’abandi.
Toutes nos félicitations
Byiza cyane kuri iyo ntsinzi ya Donald Trump ubu abatari bake baranezerewe
Congratulion Donald Trump
Abatuye America ubu bariko bariruhutsa kuko benshi bari bamaze ibihe bariko bidoga ngo ubukene nibwinshi kandi ngo ibintu byose byaraduze
Ntaburongozi butava ku MANA
Twizereko hagiye kuba impinduka kubyari bimaze imisi bivugwa muri Reta zunzubumwe z’America.
Rega haburana babiri hagatsinda umwe Trump turagukeje cyane uzoyobore neza Intama IMANA ikujeje.
Twizereko natwe tuzoshikirwa