October 18, 2024

Ikibazo c’umuvuduko wa Internet kiraje ishinga benshi mubiyungunganya bakoresheje ubuhinga bwa none/Internet Wireless

18

Urwaruka n’amashirahamwe akoresha umuhora wa Internet mukwiyungunganya,barasaba ko hokwirwa ingene umuvuduko wa internet wokwongererezwa ivyo bigatuma,benshi mubakoresha imbuga hwaniro canke abakoresha uyo muhora mugutunganya ibikorwa vyabo boroherwa,kuko hamaze imisi hibonekeza Ukwikwega n’izimba ryama MEGA yoba akoreshwa mukuronka Internet,ariko bikaguma vyikwega ntibiborohereze mukurangura ibikorwa vyabo.

benshi murwaruka baridoga ko batagishoboye kugura ama MEGA kuko ibiciro vyaduze kandi nabo batagira aho bakura uburyo,abafise utwo boba bakora kumbuga kugira barabe ko harico bohakura bikabagora gukora neza kuko usanga bipfuza umuvuduko ukwiye,ariko ntuboneke.

ivyo navyo bigatuma urwaruka rudashobora kworoherwa muguhamvya abandi muvyerekeye gukoreha ubuhinga bwa none narirya harimwo nababukoresha mukoronka akanoti bifashishije za Youtube,Faecebook,n’izindi mbuga nyinshi.

kubanyeshure ngo ntibiheza biborohere kuko baba bashaka kugira ubushakashatsi ariko bikabagora kuronka ningoga ico bipfuza nuburyo nabwo butibagiwe.

ico basaba nuko. hokwiga ingene abadandaza umuhora wa internet bogabanya ibiciro,kandi bakiga ukwo umuvuduko woduzwa eka ukanakwiragira igihugu cose,kuko hari impande ugiye udashobora kuronka Internet.

basaba reta ko yofata muminwe ico kibazo kuko gishobora gutuma abenegihugu bigorana uko bashobora kumenye gukoresha ubuhinga bwa none.

18 thoughts on “Ikibazo c’umuvuduko wa Internet kiraje ishinga benshi mubiyungunganya bakoresheje ubuhinga bwa none/Internet Wireless

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *