Ng’izi zimwe mu mpinyanyuro zishasha ziri mw’itegeko rigenga intwaro mu makomine rigiye kwisungwa kuva mu mwaka w’2025
Ng’izi zimwe mu mpinyanyuro zishasha ziri mw’itegeko rigenga intwaro mu makomine rigiye kwisungwa kuva mu mwaka w’2025
————————————–
Ba musitanteri bose bazoronswa agahembo kangana kava ku buryo butegekanijwe na Reta hatarabwe impamyabushobozi y’umwumwe
Uburyo komine izokoresha buzotegekanywa iruhande y’uburyo Reta isanzwe ikoresha ku mwaka ku mwaka
Imbere y’uko komine yaka ingurane, izobanza kubimenyesha ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta
Hazoba hariho urwego nshingwabikorwa ruzoba rurongowe na Musitanteri, rukazoba rurimwo umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine (yahora yitwa umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa), abahanuzi ba Musitanteri hamwe n’abarongoye ibisata
Mu nama ya komine, musitanteri ntazoba ayirimwo, izoba yigenga ikazoba ijejwe kugenzura ibikorwa vya komine
Hazoba hari igisata kijejwe kugenzura ikoreshwa ry’uburyo bita contrôle et audit
Kuri musitanteri n’uwurongoye zone nta mpamyabushobozi ya kaminuza isabwa ariko abahanuzi babo bazotegerezwa kuba bafise impamyabushobozi za kaminuza
Izo mpinyanyuro zashikirijwe kuri uyu wa 07/05/2024 n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse, mu gihe yariko asigurira abakenguzamateka integuro y’ibwirizwa rihinyanyura ibwirizwa rigenga intunganyo y’intwaro mu makomine
Gira ico mushikirije kuri zino mpinyanyuro, basomyi…#BBNEWS
Nivyiza cane
Mubandanye cane tuzoshike nokubindi bihugu bitandukanye
Muhezagirwe