Abafatanyabikorwa ba Lumicash bariyamiriza ingingo yo kubarihisha igihe bahanye amahera hagati yabo
Inyuma y’aho ishirahamwe Lumitel ribicishije mu gisata caryo co guhanahana amahera (Lumicash) kizanye guhera kuri uyu wa 02/11/2024, ingingo nshasha yo kurihisha abafatanyabikorwa bayo (agents & supers agents) igihe bahanye amahera hagati yabo ku bikorwa (transactions), ibijanye no guhanahana amahera vyatanguye kugorana ndetse abo bakora ako kazi bakaba bahisemwo guhagarika imirimo mu kurindira ko ivyo basaba bija mu ngiro.
Bagira bati : “Twebwe abafatanya bikorwa ba lumicash (Agents na Super Agents) ba lumicash; dufatiye ku buremere bw’amafaranga lumicash iriko irakata ku mitahe yacu igihe duhanye amafaranga, turavye uko Lumicash yirengagije ivyo twaberetse nk’ingaruka mbi vyogira ku rucuruza rwa lumicash igihe bobuza aba agents guhana ama electronic ata mahera arishishijwe, n’imigenderanire idashimishije iri hagati yacu na lumicash, hamwe n’urugero rw’agahembo (commission) kagabanijweko ubu tukaba dusigaranye intica ntikize: Tubaye turahagarika ibikorwa vya lumicash gushika ingingo yo gukata aba agents na Super Agents ihagaritswe.
Basaba Leta gukurikiranira hafi ico kibazo, nayo ngo abenegihugu bakoresha ubwo buhinga babatahure mbere bikunze babe barakoresha ubundi buryo bwo kurungikiranira amafaranga mukurindira ko ivya lumicash bisubira gutora umurongo.
Mwomenya ko iyo ngingo ya lumicash ije, inyuma y’aho ku wa 22/06/2024 ifatiye ingingo yo kuduza ibiciro vyo kuduza amahera akatwa mu kurungikiranira amahera no kuyabikura ku bantu basanzwe.
Ntibigiye kutworohera pe!
Nibarabe ubundi buryo bobigenzamwo ntibavunire mu mavi cane abakoresha ubwo buhinga (Lumicash).
Ntivyoroshe
Lumicash niya aba boss
Byukukuri Babijemwo batworohereze kuko bizogira ingaruka kuri twese ntimwibaze ngo bizofata aba agent bonyine.
Nibarabe babitunganye