SOPEBU : Kuva ubu buri ngendeshwa yose izoza iranywa igitoro rimwe canke kabiri mu ndwi
Ikigo kijejwe ivy’igitoro mu Burundi, SOPEBU, camenyesheje kuri uyu wa 12/11/2024 ko kuva ubu buri ngendeshwa yose izoza iranywa igitoro 1 canke 2 mu ndwi. Bitunganijwe ku buryo ku musi kanaka, nyene imodoka amenyeshwa muri ngendanwa yiwe biciye muri application “Igitoro Pass” hamwe n’igiharuro gihereza ku mparati y’ingendeshwa yiwe, umusi wo kunywa igitoro.
Ku wa mbere, ku wa kabiri no ku wa gatanu ni ingendeshwa zifise ibiharuro bihereza ku mparati : 0, 1, 2. Ku wa gatatu no ku wa gatandatu, ni ingendeshwa zifise ibiharuro bihereza ku mparati : 3, 4, 5 nayo ku wa kane no ku w’Imana ni ingendeshwa zifise ibiharuro bihereza ku mparati : 6, 7, 8,9
Mwomenya kandi ko iyandikwa hakoreshejwe abakozi ba Sopebu ryaraheze ariko kwiyandika muciye ku buhinga ngurukanabumenyi (www.sopebu.com) birabandanya. Ariko mu gihe utabishoboye, hariho abakozi ba Sopebu ku kigo gikuru bafasha muri ico gikorwa. Nayo ibisabwa ni: “carte rose”, “contrôle technique”, n’imparati z’ingendeshwa.
Mwakiriye gute iyi nkuru?
Kubafise igendeshwa nugushima kuko nigikorwa cyiza cyane gose nokuri twebwe twese dusanzwe twiyunguruza.
Jeho ata modoka mfise ivyo ndumva ntibindaba
Ibintu jewe ndumva bipanze kurutonde rwiza
mbe ntibizohava igitoro kiduga
Ni vyiza gose kubera ko bavyroheje nuko iyo application izoca iza iramenyesha ko ushikiriwe ,iyo ngingo ni nziza gose
None Nkivyo none nibintu vya hatari rero babona bakoze
Tugiye turagira ku ntonde nkizo bizoba vyiza gose
Reka turindire turabe iyo bizoherera ivyo bintu
iyo ngingo niyo gsa hariho abantu iyo app idakunda muma phoe yacu
Nkabantu nabo batazoshikirwa bizoca bigenda gute
Jewe bazompe akazi ivyo bintu ndabibapangire
iyo ngingo nsw kln
Burya inyungu ivyo bintu bizozana niyahe jewe binteye amakenga
Nizera ko bizogenda neza kuko iyo gahunda ni nziza
nkabantu dufise imiduga inywa tuzoca dukora gtee
Vyose bizorangira habaye ingorane
Iciyumviro kirashe kln
ivyo ko batabikoze kuva kare hose
None kubafise imodoka zinywa cane canke bagenda kubirometero vyinshi bizoca bigenda gute?
iyo nkuru ninziza
hahahaha Ivyo bintu nukuri Jewe ntanyungu yavyo mbona
nivyo gushima vrt
Imiduga inwa amazutu nayo bizogenda gute
bije hageze nkri
Bakoresheje iyo nzira yubwo buryo bazoba boroheje ibintu
bizodufasha kutaza turara kuma station
Bizoba vyiza cane nukuri
iyo ngingo izoza iratworoheza cane
Bazoba bagize igikorwa kidasanzwe ,ariko nkuwufise imodoka nyinshi bizoca bigenda gute?
Ino nkuru nukuri niyamateka
Iyo application izokworohereza abagendesha imiduga
ivyo bintu ntibishoboka nkabantu dukunda kugira ingendo ntibizotworohera
Hanyuma abagira ingendo zirezire bo?bizoca bigenda gute?bizohava bibagora nukuri borabara uko bobikosora.
nkabantu dukorera ruguru tugataha I BUJA ntibizotworohera kbsa
Je pense que c’est vraiment utile felicitation
Ahubwo nibazane cinshi gikwiye nayo ivyo bintu ntavyo bazovamwo.
Ariko nkivyo bintu babona ko harico bizomarira abantu?
turatanguye kwegereza ya mbonakazoza ya 2040_2060
Jewe ndabakurikirana ndi muri SUISSE ivyo bintu jewe mbona ataco bizomara na gato
Mbega ico kibazo cibitoro kizotorerwa umuti ryari? ibyo bintu ndumva ni hatari pe
vraiment la décision que SOPEBU a prise est la meilleure
iciyumviro kizima vrt
ivyo bintu ntibishoboka kln
C’est une bonne chose, pourquoi?parce que tout d’abord, cette appli GITORO PASS a été créé, une évolution en technologie pétrolière .ca mérite des acclamations👏👏😎
Reka Twizere
Ivyo bintu bizohera ryari?
batufanyiye 3jrs par semaine au moins bitatusaidiya
Ayo ma plaque none kuma bus nama Taxi Bizogenda gute?
Ivyo bintun Jewe ntabwo binshimishije ?
Iyo ngingo naho ari nziza ntizokworohereza benshi kubera ko abagenda ingendo nyinshi canke bafise imodoka zinywa cane bizogorana.Boraba uko bahindura canke bakazana igitoro gikwiye.
barakwiye kwongereza iminsi kln kbera nimike
Ayo namateka atazokwibagiranwa mu Burundi
Imiromgo izogabanuka kuma station ariko abanywesha ntabwo bazokworohererwa.
nama bus nizere ko azoca aboneka
Mbe abandi bantu nabo barangura igitoro kugiti cabo nabo?
noe nkatwe tunyonga ama bus iyo ngingo ntaco izodufasha kabisa
Ibintu Bizoba mumahoro ndavyumva namba bafashe iyo ngingo
Mbe hoho abari mu gihugu hagati bazoba barimwo canke ni abari ku RWAMUKURU gusa?
Ntibigiye kworoha kbsa
eeee wap kweri icokintu sico
none hjoho basi canabonetse?
ego vyoba nivyo basi nyimba tutazosubira kurara muma station
ivyobintu mugabo sivyo
none nkatwe dufata amasari menshi ntibazoduha
ivyonibabihebe nivyakajari
bakoze icogikorwa hariho bamwe wosanga turiko turarenganwa
none kobavuizuko muzomenya iyanyoye gute
noneq bazoza bandika imodoka yose inyoye bazobishobora?
vyoba nivyo