November 14, 2024

Visit Burundi yatunganije indwi yahariwe ubukerarugendo mu Burundi ku ncuro ya mbere

40

Mu Burundi, hatunganijwe indwi yahariwe ubukerarugendo (Burundi Tourism Week) ku ncuro ya mbere. Iyo ndwi ikaba yatunganijwe n’ishirahamwe Visit Burundi hamwe n’abandi bafatanyabikorwa basanzwe bari muri ico gisata ca bamukerarugendo mu Burundi. Iyo ndwi yateguwe mu ntumbero yo kuvuga ivyiza vy’Uburundi, kumenyekanisha ibibanza vy’iratiro n’ibindi vyo kurata Uburundi. Bizoba kuva ku wa 11 gushika ku wa 14 Kigarama 2024, vyashikirijwe kuri uyu wa 13/11/2024 mu nyubakwa z’ihoteri City Hill.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Bruce Niyonzima, umuyobozi mukuru akaba nawe yatanguje ishirahamwe Visit Burundi, yamenyesheje ko iyo ndwi yatunganijwe mu ntumbero yo gukundisha abarundi ivyiza igihugu gifise. Nayo Dative Uwimana arongoye Ikaze Ventures, akongera akaba n’umwe mu mugwi uriko utegura iyo ndwi, yatanze urutonde rw’ibizokorwa muri iyo ndwi.

Hakizimana Richard, Umumenyeshamakuru wa BBNEWS

Jacques Bigirimana, umuyobozi mukuru w’igisata c’ingenzi mu Burundi, yashimiye abiyumviriye gutunganya iyo ndwi, yavuze ko nka Reta, ataco batazokora mu gushigikira abikorera utwabo bashaka gushigikira ico gisata ca ba mukerarugendo. Nayo abazoja muri iryo himbazwa ry’iyo ndwi akaba ari abarundi ubwabo 100%, abanyamitahe, abafise amahoteri, ama restaurants n’abandi. Hakaba hariho n’akabirya k’ihiganwa kuri ba gafotozi bazoba bafotoye ifoto nziza z’ibibanza vy’iratiro.

Mu bintu 5 nyamukuru bitegekanijwe, harimwo : 

_ Itanguzwa icese ku mugaragaro ry’iyo ndwi, bizoba ku wa 11/12/2024, bikazobera kuri Donatus Conference Center

_ Ihayanishwagurisha ry’amahoteri, uburiro, n’abandi, kuva ku wa 11 gushika ku wa 13 Kigarama 2023

_ Urugendo berekeza mu ntara ya Mwaro kwirabira ibibanza ndangakaranga n’ibindi, bizoba ku wa 13/12/2024

_ Urukino ruzoba mu gitondo hagati ya Golf na Tennis (bazocagura urukino rumwe muri izo), ku wa 14/12/2024

_ Umugoroba wo kwinezereza (Soirée de Gala), hazoba harimwo no gushimira abakoze cane muri ico gisata, ku mugoroba wo kuva 18h gushika 20h, no gusozera iyo ndwi, ku wa 14/12/2024.

Ku bipfuza insiguro nyinshi, no kwiyandikisha boca kuri : https://burunditourismweek.bi/

40 thoughts on “Visit Burundi yatunganije indwi yahariwe ubukerarugendo mu Burundi ku ncuro ya mbere

  1. Nikintu cyiza cyane! Kuko naho turi abarundi hariho ibibanza byiratiro twumva ariko kuri twebwe bamwe bamwe tutaranahaja numusi numwe!
    Aho kweli nanjye nipfuza kuhaba reka mbendikomeza. Nabonye link tuzacyaho mukugira tumenye byinshi.

  2. Nikintu cyiza cyane! Kuko naho turi abarundi hariho ibibanza byiratiro twumva ariko kuri twebwe bamwe bamwe tutaranahaja numusi numwe!
    Aho kweli nanjye nipfuza kuhaba reka mbendikomeza. Nabonye link tuzacyaho mukugira tumenye byinshi.

  3. Ihayanishwa gurisha akenshi abakora utwabo batobato tubimenya duteba kandi aba arivyiratiro ivyo mu Gihugu cacu dukora, mbe Abatwa bahora bibuka kubashikira ko aribo bakora ibikorwa vyinshi vyiratiro?

  4. Mbe imbere yuko biba ntakuntu boza barabicisha kumaradiyo atandukanye canke ku Bakuru B’imitumba kugira ngo bose bashikirwe?
    Mbe ibibanza bashiramwo ibikorwa vyabo vyiratiro vyoba birihwa?canke ni abari mumashirahamwe runaka baba babifitiye uburenzira gusa ?

  5. Nukuri si abava mu mahanga gusa, natwe ubwacu turi mu Burundi hariho ahantu henshi tutamenya bivanye nukuntu tuba tuguma aho tuba dukorera .Rero muri izo hayanishwa gurisha turahamenyera vyinshi kandi tura nungura ubwenge muvyo tuba dusanzwe dukora.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *