Burundi : Abanyororo bangana na 5.442 baraye barekuwe ku kigongwe c’Umukuru w’iguhugu
Kuri uyu wa 14/11/2024, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yarekuye ku ncuro igira kabiri abanyororo barenga 5.442 bakoze ivyaha bitobito hamwe n’abarangije ica kane c’umunyororo wabo. Muri abo hakaba harimwo abo mw’ibohero rya Muramvya, bashika ku banyororo 477. Mwomenya ko abanyororo barekuwe bangana n’ibice 41%, ni ukuvuga ko abapfunzwe bose hamwe baharurwa muri 13.211 mu gihugu cose.
Umukuru w’igihugu akaba yavuze ko ivyaha bito bito bishobora kubabarirwa, ariko ngo nk’ivyaha vy’ubwicanyi, guhungabanya umutekano w’igihugu, guhemukira igihugu n’ivyo gufata ku nguvu bitari mu vyaha bibabarirwa. Yahanuye abaronkejwe ico kigongwe kwigenza runtu kugira ntibaze basubire kurwa mu vyaha vyohava bibasubiza mw’ibohero.
Mwomenya ko ico gikorwa cabaye mu ntumbero yo gushira mu ngiro akamo katewe n’Umukuru w’igihugu ko kugabanya ibitigiri mu mabohero narirya vyabaye umurengera, nk’uko bishikirizwa na Léonard Manirakiza, umushikirizamanza kizigenza wa Republika.
VYIZA CANE ARAKOZE IGIKORWA GIKOMEYE CANE
nahabwe icubahiro aragikwiye
ivyabintu agize sivyo yarikubagumizayo
bwabundi abanyavyaha ni benshi mu gihugu cu BURUNDI
gusa ndavyibaze yarekuye abadafise icaha kinini
nabagumizeyo bareke kuza gutera umwaga
igihugu cacu gifise abanyororo benshi vrt
nihatari nukuri nko kurekura umusuma
igitigiri cabafungwa kirakwiye kugabanuka kln
Président wa republiqua yu BURUNDI afite umutima wikigongwe pee
Big respect to our Président
mbega umuvyeyi wee urakaramba kungoma
icogikorwa kirakomeye cane
Nibaze ko mukurekura abanyororo abanza kuraba amakosa bakoze ko adakomeye?
imana ishimwe cane abacu barayugarukiye
twizere yuko bagiye guhindura ingendo kabisa
none koyrekuye benshi ntabasigayeyo
arakoze kubarekura nbo babnzev babone hanze ingene hameze
abarekuwe baratombojen babisa
ubu rero uwivye ntampimba azojamwo
gufunga umuntu siyo solution ahubwo nukubicarika bakabahanura kln
kandi nkubu hariho nkuwo barekuye ejo akaca asubirayo
Imana imuhezagire cane nyecubahiro yaraye ankuye mwibohero
yaraye andekuriye umujama wanje disi
yaciye abaha nimfashanyo kweri
none uwomutima mwiza nkuwo awukura hehe
uwomutima uzowuhorane mutama
gusa vyovyo nivyo harihivyaha bitarivyo kuja mumpimba
none natwe bazoturekura ryari
harakwiye kugabanurwa igitigiri cabafungwa
none abobantu bose baribafuzwe gusa
ubu abantu bivyaha bitobito abazoze babajana kurima nokumenamabuye
abantu nkabo bose bafunzwe arukurya gusa atanico bariko binjiza nikibazo
ahubwo nibabarekure bose batangure bushasha gunga
icokintu kirakomeye cane gose
Igikorwa kidasanzwe vraiment.
Abantu ibihumbi bi 5000 ni benshi kabisa Ikingongwe cari gikenewe
Biranshimishije Pe
Inkuru Iremesha kumiryango