Afrika : Ibihugu 24 bizokwitabira ihiganwa ry’igikombe ca Afrika CAN2025 vyamenyekanye
Gushika mw’ijoro ry’uyu wa 19/11/2024, hari hamaze kumenyekana imigwi 24 igiye kwitabira ihiganwa ry’igikombe ca Afrika (CAN2025) ku ncuro ya 35 rizobera mu gihugu ca Maroc ku wa 21 Kigarama 2025 gushika ku wa 18 Nzero 2026. Muri iryo higanwa Uburundi ndetse n’Urwanda vyarasezerewe. Ibihugu 3 gusa birimwo vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko (EAC) ni Tanzaniya, Uganda na Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo.
Uburundi bwavuyemwo buri mu kibanza ca gatatu mu mugwi bwarimwo (L), bwari bufise amanota 4 gusa n’ideni ry’ibitsindo 7, ni mu gihe Senegal yari mu kibanza ca mbere ifise amanota 16 n’ibitsindo 9 izigamye, Burkina Faso ikaza mu kibanza kigira 2 n’amanota 10 n’ibitsindo 3 izigamye.
Mwomenya ko iryo higanwa mpuzabihugu vya Afrika ryatanguye mu mwaka w’1957. Inkino za nyuma zabaye kuva ku wa 10 gushika 16 Ruhuhuma 1957, ribera i Khartoum muri Soudan, ico gihe igikombe catahukanye igihugu ca Misiri itsinze igihugu ca Ethiopie, ibitsindo 4 ku busa.
Amakuru avugwa mu makungu muri UEFA Nations League
Ku mugabane wa buraya naho, mw’ihiganwa rihuza ibihugu (UEFA Nations League) haramenyekanye imigwi 8 igiye kubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma. Iyo migwi nayo akaba ari France, Portugal, Espagne, Allemagne, Italie, Pays-Bas, Danemark na Croatie. Nayo ingene izohura bikazotangazwa kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 Munyonyo 2024 igihe c’isaha indwi (13h).
Mu kirangamisi c’inkino, bitegekanijwe ko inkino zo mu gice ca kane gishira ica nyuma (quart de finale) zizoba kuva ku wa 20 na 23 Ntwarante 2025. Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma (demi-finale) zizoba ku wa 4 na 5 Ruheshi hamwe n’urukino rw’abahiganirwa ikibanza ca 3, urukino rwa nyuma (Final) ruzoba ku w’Imana igenekerezo rya 8 Ruheshi 2025.
UBURUNDI nukwifata ah tubabaye
Courage
Ko Amerika itarimwo
Iyo izotwara Uganda
Bazobaha amahera angahe abazotsinda ?
Uburundi bwihangane
Ntakundi nubwo Burundi tutarimwo
Ntagucika intege nukuguma dushigikira Intamba zacu
None nurwanda ntarurimwo kl
Baradukeyemwo rero
Amahirwe masa barashoboye kujayo
Tuzobakurikirana
Burundi ntimucyike intege Imbere niheza
Inkino benizo jewe rwose zira ryohera.
Nshaka kubaza mbega icyo gikombe babaha barashobora kukinwesha amazi? Kuko nzanumva ngo babaha igikombe?
Man njewe ndashaka kugikoraho rwose!
Hahhhh!!! Ngo barakinwesha amazi kweli? Nawe uraka rofa kabisa!
Jewe ndashaka uwondihira nkaja ku wurorera ngaho muri maroc.
Hahhhhh!!! Ariko weeee!! Ngo urashaka uwukurihira ngo uje kuraba inkino muri maroc? Uriko urarota kumurango?
Yoooh birababaje nukuri gusa ko harimwo ibindi bihugu biserukira Africa nisawa.
Abagiye guserukira Africa baze badukorere umuti.
Ntaco Bwari Bwagerageje.
Abarundi twihangane ivyacu biri imbere.
AFRICA tera uja imbere.
Africa turashoboye.
Ntakidakunda iyo dukoze cane .
Ntakidakunda iyo dukoze cane .
Faut ko basubira kwiyubaka bafungure cane ubugari bwibigori.
Tutajitaidi ingine mwaka.
Ico gihugu Tanzania kirimwo abakobwa beza Nico jewe mpa amahirwe
Vyose Nizera Ko Bizogenda neza
Messi azokina ?
Afrika bakina umupira udakaze
match zose ntanimwe ntazoraba kuko ndakunda football
Twama dutaha mubambere imisi yose
Ico gikombe ndazi kizotwara abazungu
Mu misi iza natwe tuzoshikirwa dutware igikombe
Uburundi twamanuye amahera
Ubu nije ngiye kuba umumenyereza w’uburundi kuko biguma bigenda nabi ivyabo
Buca ndabashakira umumenyereza musha
Buca ndabashakira umumenyereza musha
Uburundi oye
Nitwaguma dutsindwa tuzobiheba
Burundi oyeee
Basket nayo ni ryari
Abafana b’umupira wa maguru twe tugumako
Bazokinisha amaguru?
Bizogenda neza ikindi gihe.
Africa ishigikiwe vyose bizoba bitomoye.
UBURUNDI