Sandrine Niyonkuru umukinyi w’umurundikazi ari mu bakinyi 10 beza ku mugabane wa Afrika
Umurundikazi Sandrine Niyonkuru, umukinyi yakiniye imigwi nka Fofila PF wo mu Burundi, Fontaine Gate wo mu gihugu ca Tanzanie, Tutankhamun FC wo mu Misiri n’iyindi, hamwe n’umugwi FC Masar wo mu Misiri, ari nawo asanzwe akinira ubu, yatowe mu bakinyi 10 bagiye guhiganirwa agashimwe k’umukinyi mwiza muri Afrika yaranze umwaka w’inkino wa 2023-2024 gasanzwe gatunganywa mw’ihiganwa CAF Awards.
Sandrine Niyonkuru ari kumwe n’ibindi bihangange muri Afrika nka Tabitha Chawinga, ava muri Malawi, akinira umugwi Olympique Lyonnais wo mu Bufaransa, Rasheedat Ajibade ava muri Nigeria, akinira umugwi wa Atletico de Madrid muri Espagne n’abandi.
Turamukeje
Ageze kurwego rwiza nakomeze
Naserukire uburundi nivyiza
Naserukire uburundi nivyiza
nukumutera intege
turamukeje
amhirwe nayiwe
nukumuha amashurweb kuko arayakwiye
umurundikazi wacu
Abarundi natwe turiko dushika kurwego rushimishije
nukumushigikira
amashi kuruyo kumurundikazi wacu
ninde yoreka kumufana
amahirwe nirwiwe kbs
amahirwe masa kumurundikazi
arateye agateka abarundi kbs
abigeme bandi murihehe
Nibakomeze baserukira Uburundi
bisaba gushigikira abandi
abarundikazi turashoboye
hariho nabandi bashaka kuba nkawe
Nakomeze gutera imbere
mwakabonye akarorero
amahirwe kuriwe
i think ko banabihevye
arabereye imboneza abarundikazi bose
biratesa kln
arakwiye agashimwe kl
mbega avuka muntara iyahe
uwipfuza kumera nkawe ninde
None uwo mukobwa ninde yoba afise numero yiwe
ndamukeneye kumubona
amashi nayiwe
numukinyii mwiza kbsa
abantu tuba dukeneye ninkabo rero
umuntu amwimye amahirwe ninde
ahubwo nukumwiyandikako
akwiye ikintu gihambaye muburundi nkuwo
courage kl urashoboye
mwumva akwiyiki nkamwe uwo mukobwa
nugushigikira nabandi basigaye
Ako gashimwe kazaza ahangaha iwacyu! Courage courage sandrine wacyu.
wawo arakwiye akantu
turakeneye abandi nkacumi baba nkawe
abandi bigeme barihehe
gusa mwakino gihe sinziko tuzoronka uwundi aba nkawe
muburundi mwakino gihe kugire utere imbere biragoye
muburundi mwakino gihe kugire utere imbere biragoye
habura abadushigikira natwe
Sandrine imbere niheza! Akogashimwe nakiwacyu.
Njewe numva bamuha tubiri ako Kuba arimwiza nako Kandi kurukino!
Ndamwikundiye sandrine.ntawondosa aka numero
imana imuje imbere muvyakora vyose
Felicitation kbx