Uburundi bwabaye ubwa 4 mu bihugu 5 vyitavye ihiganwa ryo kwoga ry’akarere ka 3
Igihugu c’Uburundi, ari naco cakiriye inkino za Afrika z’akarere ka 3 (zone 3) mw’ihiganwa ryo kwoga ryabereye kuri Entente Sportive, bwatahukanye ikibanza ca 4 bukurikirwa na Soudan y’Epfo. Nayo igihugu ca Uganda akaba arico catahukanye iryo higanwa, Tanzania iba iya kabiri nayo Kenya itahukana ikibanza ca 3. Ihiganwa ryatanguye ku wa 22/11/2024, mu nkuru iri ngaha (https://bbnewz.com/bujumbura-abakinyi-118-nibo-bitabiriye-ihiganwa-ryo-kwoga-ryahuje-ibihugu-5/).
Ni igiki catumye Uburundi butaronka ikibanza gishimishije?
Ica mbere twomenya n’uko Uburundi bwari bwakiriye ku ncuro ya mbere iryo higanwa, naho utugorana tutabaye twinshi ariko ntitwabuze. Haba mu nteguro, mw’ihiganwa muri rusangi. Uwuserukira ishirahamwe ry’inkino zo kwoga mu Burundi, Basogomba Cassien batazira Fantomas yavuze ko ari iteka ridasanzwe kubona Uburundi bwakiriye izo nkino, ngo naho habaye gucererwa ku myiteguro ngo bakoze uko bishoboka.
Ariko kandi ku ruhande rw’abanonotsi 28 bari baserukiye Uburundi, vyaragaragaye ko hariho bamwe bamwe batari bafise imyiteguro ihagije bituma barushwa cane n’abaganda ndetse na Tanzania. Ubundi burorero n’uko hariho abakinyi bakoze birashimwa mugabo bakaba bavuga ko hagikenewe izindi nguvu no gushigikirwa.
Belly Crésus Ganira, Umunonotsi mpuzamakungu w’umurundi yavuze ko naho ku ruhande rwiwe yaronse imidari yipfuza yose mbere akaronka n’umwanya mwiza, ku ruhande rwa bose, Uburundi butaronse ikibanza ciza bwari bukwiye kubamwo. Avuga ko Leta ko yoshigikira abanonotsi bakaronka uburyo n’ibikoresho vya nkenerwa kugira abanonotsi b’abarundi nabo baze baritabira amahiganwa atandukanye ndetse banatere iteka igihugu.
Ariko kandi Jeanne Niyonzima, yaserukiye ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo inkino, akaba asanzwe ari umuyobozi mukuru w’inkino muri ubwo bushikiranganji, arashima kuba Uburundi buriko burizerwa gutunganya amahiganwa mpuzamakungu. Akizera ko muri kazoza bizoba biteye igomwe kuko n’abandi batunganya ayandi mahiganwa bazohora bayatunganiriza mu Burundi.
Mwomenya kandi ko muri iryo higanwa, ibirori vyasozerewe no gusangira ndetse no kwiginana, inyuma yo gutanga ubushimwe n’imidari, bikaba vyemejwe ko ihiganwa ryo mu mwaka wa 2025 rizobera mu gihugu ca Kenya.
Tukaba tubaye abakabiri uv’inyuma congrats
Jewe ndabona vyari bishimishije
Biraryoshe kubona urwaruka ruhagurutse kugira rushitse kure igihugu cabibarutse.
Ntidukwiye kwemerera imirwi idusanze iwacu ko yotahana intsinzi pe
Biratangaje ingene butari bwiteguye neza ariko bugashobora kuba kukibanza ca kane bica bigaragara ko iyo bari kuba bavyiteguriye neza vyari kugenda neza.
Ariko abandi mu myitozo yabo baba bafise ibikoresho bikenewe vyabigenewe kandi naba coach binzobere bisaba ko rero ikindi gihe aba coach bazozana iyindi mikenyuro kugira ngo ikibanza kizobe ciza kurusha .
Ko babifisemwo umwete nubwira ntakibuza ko nokuyindi ncuro batazokora neza kurusha uko bakoze ejo.
Vyogenda neza kurusha banaronse aho bakorera iyo myimenyerezo hagenewe vyo gusa hari nibikoresha vyankenerwa kugira bakore bisanzuye.
Ariko biratangaje ntibahora bitegura misi yose kugira naho hoza ico umuntu ataba yiteze bashobora kwumva atabwoba mu bikoresho bike bafise?canke harabuze ibikoresho vyimyitozo bikwiye?
Turateye isoni
Nukuri ntakintu ciza gihari nko kubona Idarapo ryigihugu ca kwibarutse ririko rihungabana mu makungu .
Ubutaha uburundi nitwe tuzotahana igikombe
Uko bazomenya kwongereza inkomezi zabo niko ibitsindo bizokwiyongera.
Iyo bija hose uburundi tugeze kuntambwe ishimishije
Harakwiye kurabwa neza ikibazo igisata cinkino gifise muburundi ikikibanza ntigikwiye kubateguye ihiganwa
jewe mbona baragerageje kuko twabaye abakabiri tuva inyuma wumva gute?
Nugushaka abamenyereza muvyo kwoga babifisemwo uuburambe
Harakwiye gutunganywa ikibanza civyokwoga gitunganijwe neza kandi gifise ibikoresho vyose kugira ngo abanonotsi bari muvyo kwoga boroherwe kandi nimyimenyerezo itunganywe neza ntihazosubire kubaho ivyitwazo.
Ejo niheza ntiducike intege
fifi reka ibyobintu! abakabiri tuva inyuma ?hahhhhhhh! hubwo jew mbona bobashakira ibikooresho ababijejwe hama bgakitegura bihagije ntakibuza tutazoba abakabiri tuva imbere
jewe ndakeje abatahukanye intsinzi nongera ntera intege abo bitashobotse ko batsinda ubutaha nibo bazatsinda
iwacyu Burundi turashoboye cyane hubwo ikibuze nibyo bikoresho usanga bidakwiye mukugira imyimenyerezo
Nzaka naje ndagushigikiye ubutaha ikibanza cambere nicyacyu
urwaruka rwi wacyu Burundi rugeze kuntabwe ishimishije kuko idarapo ryuburundi riguma riduzwa nomubindi bihugu bigatuma uburundi bumenyekana mubindi bihugu
Ikindi gihe buzotahukana intsinzi yikibanza cambere ,ugukora cane bafise ivyerekezo badacika intege niwo muti.
Biragaragara ko abo 28 bavuze baboneka ko batari bafise imyitozo ikwiye ;ko batariko bitabira neza imyitozo,bari baherekeje ahubwo abandi.
Ku yindi ncuro bizoba ari ivyamateka.
Turabakeje gose nukuri abagiye guserukira igihugu muragahora muraramutswa intsinzi.
Mr Belly Crésus Ganira,arariciye umurya nuko vraiment hamwe nabadafise Ubufashwa baburonke kandi babihe agaciro.
nubwo tutatahukanye intsinzi nezerejwe nukuntu byukuri urworwaruka rutabaye decourage bibonekako ubutaha intsinzi niyacyu.
ivyo birori vyari biryoshe cane
Abo batsinze nshaka amazina yabo jewe ndabagurire i Fanta
Nibaturindire twe ntidutsindwa
sikazima tutabaye abanyuma
ikibi nuko twari gutahana ikibanza canyuma hhhhhh
ivyo biramaze kln
birakwiye kand biratunganye kl hhhh
ahubwo turateye isoni ihiganwa ryabereye muhira kln
Sikazima ubusa busumbwa nakamaramaza
Reka dushime nivyo biramaze kln
Courage hanyuma bizobaa vyiza
Noé vyagenze gte bananirwe gutahukana ikibanza ça mbere iwabo??
Aho njee natation sindaba kln
Muduhe basket nayo
Muri Kenya idarapo yacu izoja hejuru kln
Usanga bataronka ivyo bashaka nko mubindi bihugu
Kuki tutabaye abambere kln ??
tuzoba turatsinda no hanyuma kln
iyo nintango hanyuma bizoba sawa
iyaba dushigikiwe neza nko mubindi bihugu ntankenka uburundi bwarikuba ubwambere
rega muburundi nta bikoresho dufise bikwiye vyotuma duhiganwa neza
dukwiye imyitozo ikwiye kugira dushike kure mwiryo higanwa
reka turindire turabe mumwaka uza
ivyo bintu sindavyizeye
igikuru nuko twaryakiriye iryo higanwa
vrema nimba mu Burundi tugeze kuriyo ntambwe tugeze kure kbsa
nihatari kabisa
uburundi hejuru cane
birakwiye knd biratunganye kln
ivyo birakwiye kln
twitege umwimbu mwiza muri kenya
Go ahead intamba za Natation
asha mbona arurwaruka gusa kln
tuzoba turanatsinda no hanyuma
birakwiye kandi biratunganye kln Hhhh
rega arivyo muri Edeni biramaze kln
bukebuke nirwo rugendo kln
tuvuye kukibanza ca 4 objectif kufika mpaka place ya 1
aho nisawa nkri
ntawuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi
we gonna win hanyuma
birashimishije naho atari cane kln
ibirori vyabereyehe??
nukwikubita agashi tukazotahukana iryo higanwa muri KENYA
niryo niteka kwakira ihiganwa kln
niryo niteka rikomeye kbsa
noe kriki iyindi mikino tutakira amahiganwa mpuzamakungu??
Abo ba Type ndabona barazi kwoga cane
nukuri aba bantu ntavyabo peeee
vyagenze gtee kwariho bahora bagirira imyitozo
ahubwo birateye isoni kln ari muhira
ati abakane biramaze kln
pas possible vrema muhira kln
ivyo bintu nihatari kbsa
Ihiganwa rizokurikira n’uburundi buzoritahana
Gusa nyene nivyiza cane kuko natwe dusigaye turonka amahirwe yokwakira inkino nkizo
Abakobwa bacu nukubatera umwete
muduhe ivyurunani navyo kln
ubu dukeneye kuduza idarapo ryigihugu mumakungu kabisa
ivyo bintu sisawa kln