Umurundi Ndihokubwayo Jimmy yaritavye inama y’ikigo c’uburongozi bwa YALI mu karere ka Afrika y’ubuseruko
Kuri uyu wa 27/11/2024, Ndihokubwayo Jimmy, umukuru w’ishami ry’abanyeshure b’abarundi bo muri YALI Alumni, yari yitavye inama y’ikigo c’uburongozi bwa YALI muri Afrika y’ubuseruko, yabereye mw’ihoteri Hyatt Regency. Mu majambo yiwe yagize ati : “Ese ukuntu ari umusi mwiza i Nairobi muri Afrika yo mu buseruko! Naratewe iteka yo kuja mu nama y’abafatanyabikorwa bacu n’abafatanyabikorwa bo hanze y’ikigo c’uburongozi bwa YALI muri Afrika y’ubuseruko.”
Jimmy yavuze ko yaronse akaryo keza ko kwihweza cane imigambi y’ikigo mu mwaka wa 2025 gushika 2029 no gutohoza ubumenyi bwashikirijwe muri raporo y’ingaruka. Ngo vyari biteye umunezero kubona ingaruka zigaragara z’utwigoro twabo bose hamwe biciye mu nyandiko yerekana ingaruka za YALI RLC EA, hamwe n’ikiganiro c’abanyeshure ba kera giteye umunezero.
Mwomenya ko ico gikorwa kandi kirimwo n’urubuga rw’agaciro rwo kwifatanya n’abantu bahindura ibintu bo mu bihugu 14 no gukorana n’abafatanyabikorwa b’icubahiro. Jimmy ngo arashimira cane umuntu wese afise uruhara muri ivyo bikorwa kubera imfashanyo n’ukwiyemeza mu guha ubushobozi urundi ruvyaro ruzokurikira rw’abarongozi.
Abarundi bagiye barasohoka mu guserukira igihugu cacu bitanga ishusho ryiza kandi rihimbaye kubakunzi b’Uburundi kandi bikavyara ba mukera rugendo benshi
Uburundi burakeneye amafranga y’agaciro nagire agaruke afise menshi y’imigambi kugira ashware mu benegihugu
Nivyiza dukeneye abantu nkaba baserukire igihugu cacu kugira natwe tubandanye mu iterambere ,
Ubundi urondera iterambere ashira urwaruka imbere .
Ejo niheza Jimmy nahataraho uzohashika ndakuzi urumunyamwete Kandi ukundumurimo ivyiyumviro vyawe ndabitahura cane Imana ikomeze ikutuzigamire uzogaruke amahoro
Congratulation Jimmy Uburundi burakeneye abantu binkerebutsi nuguca muraba mugasabikanya ubumenyi bagenzi banyu .
Courage.
Ndakunda ukuntu buri murundi wese yitayeho iterambere ryigihugu cacu
Uburundi ni Dubai mugihe gito kirimbere
Vyiza cane nyakubahwa imigambi yawe imana iyijimbere
twese hamwe birashoboka
Bidusaba umutima wogukunda igihugu nukugikorere bivuye kumutimla
Burundi bwacu bwiza dukunda
Jimmy komeza utuvugire mukudu serukira ndazi one day hazovamo aka deal keza cane
Gusa uzotwibuke mutama
Jewe ndafise ikibazo kuki batubwirako ibintu bizohinduka bikaguma bigora?
Umurundi yaciye umugani ati ubuza gusha buratagata nibareke kuduhenda
Nibakorere kuri kino kibazo cubuzima bwase mugihugu ntabindi bareke kubandanya bongeramwo ibindi
Baravye nabi bazombwibanamamwo kuko bose bakubwirako vyase
Ugwaruka gwose rushaka kwigira
wopfuma uja kuba umucakara ariko abana bakarya
bakubwiye ibibera muri saudia biteye agahinda ariko barajayo kuko ntabundi buzima
harakwiye kwiga ikintu cotuma nabo baza gukora iwacu natwe bakabona ukuntu bibabaza gufatwa nabi urondera ubuzima
Ubuyobozi burakwiye kwiga ukuntu bwokworosha ikibazo cama visa tukaja europe hoho birapfuma
VISA niwomuti kuko ubonye ukuntu aba diaspora bariko bubaka uburundi vyobaye icigwa
Dushime ivyodufise kuko nivyishi vyahindutse
Sha ndumwasi wama project adukemesha nibatureke bwigire iburaya kuzana dollar
Iyi Dubai bashaka bataturetse kugira tuje kurondera ama dollar bizogorana
botureka uburundi bwosumba american
ndashimiye cane gose ukuntu batanze visa kubaririnvyi mumisi tuzobona ama etage yabo yaduze buri muvyeyi yishimira umwana wiwe kuba yavukanye iyompano yo kuririmba
umuziki ubu nicamwe kiriko camugwa cane leta nibahe ubufasha mukubaha droit de terre
biraboneka cane kabisa
gusa rero ndakunda ikintu kimwe ibi bihereye aha ivyo vyiterambere natubwire uko bizogenda ngo turishikeko
Twikomere amashi nubwobo biruko
mumisi African turayifata kabisa
Leta itagize icikora biracagoranye cane
noneko abantu bose bagiye hanze bavugako bagiye muvyubumenyi ariko ntihagire nabimwe biranguka?
sha duhendwa keshi
nibisanzwe gusa gukunda igihugu nivyo vyakamaro
Mwebwe ivya 2025 mubibona gt?
Atabuzi cnk igitoro muburundi nitwicare kuko twarakubititse
Congratulation
ubu buzima ninrya nkurye
Ibaze ukuntu ibintu vyose vyaduze imishahara ntiyaduga!!!!!!!!!!
ninzu ziguma ziduga sha natwe imvukira vyase
Harigihe nibwirako aha atariwacu 😒
Reka tumukeze nyakubahwa wacu yitavye iyonama tunitegeko ivyo yahakuye bizogirira akamaro uburundi
Tubihe amaso twicecekere
kumenga ntavyizere mugifise habayiki?
kumenga ntavyizere mugifise habayiki?
Umwana uko arezwe niko akura!
Nibo babitugize baduhenze keshi .ubu naho ngo twitege ibitangaza 2025?
biragoye kwemera ariko reka tumwizere kumbure yozana ihinduka
birahimbaye nubwo mwavyakiye ugutandukanye
Bisosa birura turabarundi knd baduhenda bareka tuzociyubakira
ikibazo nuko niyo tugize creation yikintu bataraka ngo dukore twisanzuye
jewe nama mvuga ibihugu vyose vyemerewe kwigenga kur internet birateye imbere
Ukabesha kabisa ngugwo nu Rwanda gwaturiye kabisa
Mu Rwanda na comedy irahemba kurusha akazi gakomeye muburundi
Ni Muburundi umuntu akora imyaka gushika akukuruke agipanze inzu yabandi
Naterimbere nk’umuzinga
Ikintangaza nikimwe kwayo mahirw ataba ayabose biraba kuri nyarucari ndabe
Ivyo ntaco bimbwiye kuko abarundi turaziko atawutezimbere uwundi umwumwe wese aronderera inda yiwe
Genda wirire amadorari ko wagiriw ayomahirwe
N’amahirwe atari ayabose congrats
Bwamukereye neza
Ugiruyarye ukiri muto
Urugendo gwiza Ntwari yacu
Tumwizeyemwoko vyishi
Ntavyishi twovuga .tuzovuga ugarutse tubonye ivyuzanye
Vyari vyiz cane
Turikumwe twese birashoboka