Uburundi bufise amanota 14/100 ku bijanye no gutunganya ku mugaragaro amafaranga Reta ikoresha

61
IMG_8414

Mu kiganiro co kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 29/11/2024 cabereye mw’ihoteri Emeraude, cahuje abahinga, abamenyeshamakuru n’abatumire batandukanye, ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhinduka no guhindura ingendo (Parole et Actions pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités) ryari riramutse rishikiriza ikiganiro co guhanahana ivyiyumviro ku bijanye no gutunganya ku mugaragaro amafaranga Reta ikoresha, aho Uburundi bwaronse amanota 14/100 mu cegeranyo c’ishirahamwe “International Budget Partnership” co mu mwaka wa 2023.

Umwigisha wa kaminuza Cyriaque Nzirorera, yagize umwihwezo kuri ico cigwa yashikirije uko ico cegeranyo gitunganwa, yongera agaruka ku kugene ibikivamwo vyifashe ku Burundi ubu no muri kahise. Mwomenya kandi ko ku bijanye no gutunganya ku mugaragaro ibijanye n’ubutunzi bw’igihugu, Uburundi  bwagiye butera intambwe. Ariko akavuga ko ayo manota ari make cane kuko ngo hari bimwe mu bifatirwako mu gusuzuma iryo tunganwa ry’amafaranga bitaratera imbere.

Ni ibihe bisata bifatirwako mu gutanga ayo manota?

Prof Cyriaque Nzirorera yavuze ko mu gutanga ayo manota ibifatirwako ahanini ari bitatu: Ica mbere akaba ari ugukorera ahabona ibijanye n’amafaranga Reta ikoresha. Ico kijana no gushira ahabona ibitabo bitandukanye bigera 8 bijanye n’iryo tunganywa, ubwa kabiri ni ikijanye n’uruhara abanyagihugu bagira mw’iryo tunganywa n’ica gatatu kijanye no kugenzura ikoreshwa ry’ayo mafaranga nk’uko bitegerezwa, ivyo bigakorwa ahanini n’Inama nshingamateka hamwe na Sentare igenzura amatungo ya Reta.

Mu bahawe ijambo, harimwo umushingamateka Agathon Rwasa, uwo nawe akaba yavuze ko ku bwiwe abona ko bitari bikwiye ko Reta ifata amafaranga yari gufasha abantu bose ahabwa umugwi w’abantu biciye mu ma koperative. Kuko Komine ni iy’abantu bose bitandukanye n’ama koperative kuko ariho kubw’inyugu z’abanywanyi bayo bayashinze.

Yavuze ko nko ku mafaranga angana 500.000.000 fbu yahabwa amakomine, mbere ubu bakaba barayongeyeko akagera ku 560.000.000 fbu ku mwaka, bagaca bavuga ko ibice 80% bihabwa amashiramwe y’abitunganiriza imigambi (coopératives), akavuga ko kuva bayahabwa ata suzumwa ry’uko yakoze ririgera ribaho. Abona ko harimwo agahaze kuko Komine ata ruhara ruyafiseko ngo rukwirikirane uko ayo mafaranga akoreshwa.

Ku ntererano yiwe ngo yabona ko vyari kuba vyiza iyo ayo mafaranga bashira muma koperative bobaha uburenganzira bwo kuronka uko bayahabwa nk’ingurane mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ndetse n’ama banki ariko ntibayahabwe mumafaranga yofashije igihugu canke amakomine.

61 thoughts on “Uburundi bufise amanota 14/100 ku bijanye no gutunganya ku mugaragaro amafaranga Reta ikoresha

  1. Nibaduhe umuco uko ayo manota atangwa kuko wosanga barihenze, uburundi dusigaye tuzi uko dutegura ivyacu tutarinze gusabiriza.

  2. Erega ntakuntu boduha amanota akwiye babona ko Uburundi dusigaye turi mw’iterambere. Bashaka dusubire kuza turabasega, natwe twaranse ubukoroni.

  3. Parcem nibaza ko ishaka kugumura abenegihugu kandi kuko ibiharuro nkivyo nabo nyene bategerezwa kuvyiyamiriza. Turahanzwe n’ibindi, nibazimye ivyo birofa.

  4. Reta yuburundi (reta mvyeyi, reta nkozi) nimwe muma reta ariko akorera abenegihugu neza naho vyose vyama bitera. Abapfasoni bibaruka ku buntu abana b’igihugu biga ku buntu, amafranga menshi akora mugusanura uburundi bwari bwarononekaye gute abo bantu baduha amanota 14

  5. Jewe ayomanama yabo nsimbona icamaze none nkimisi tumaze atagitoro ubu vyaranse ko bokwicara bakagira ico bashitseko twariyakiriye.

  6. Rwasa ntukavuge nabi ama coopérative yaratanze umusaruro namba habuze suivie si non nsinoyavuga nabi . Abayarose yarabagiriy akamaro

  7. None nkabantu nkabo bakoranye bakaronka 14/100 mbona kwishule boshiraho itegeko ko atakudubura kuko nsimbona igituma batuduburiza ibibondo.

  8. Ikibabaje nuko muronka 14/100 ubuzima bukabandanya ariko twe vyanse. Nimurabe mwiyumvire kuneza y’umwenegihugu mutomuto nimutum mugira coopération musangiye muturimire ibikajou turonke isukari

  9. Batwanke canke bareke, baduhe make canke menshi ayo manota yabo ntaco atumarira kuko ntitiriko dusaba kunguruzwa

  10. Abatama binararibonye mwubahwe uwubanka ndamwanka arakabura icoyiha nicaha ibibondo murintwari kurugamba ntakugugumwa

  11. Abarundi bizotugora guter’imbere pe! None kombona commentaire umenga ntaciza kirakorwa mubona ntagihugu nakimwe kitagira ibigihanze na Ukrene nuburusiya Bari mukangaratete kandi tuziko abariyo Bari muri paradiso

  12. Ivyo bavuze birumvikana ariko turipfuza kumenya ivy bisunga canke inzira bacamwo mukwerekana ikibanza iguhugu runaka ikibanza kirimwo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights