Ng’ibi ivyo twomenya ku kirangamisi c’amatora ya 2025
Mu Burundi, harategekanijwe amatora mu mwaka wa 2025, amatora azoba agizwe n’amatora y’abashingamateka, ay’abajenama ba komine, ay’abakenguzamateka n’ay’abakuru b’imitumba n’amakaritiye. Ayo yose akazoba guhera muri Ruheshi gushika Myandagaro 2025. Mwomenya kandi ko ku wa 2/4/2024 abashingamateka bariko bahinyanyura itegeko rigenga amatora ryo muri 2019. Ivyo bikaba vyavuye kukugene imbibe z’intara, amakonine, amazone, imitumba n’amakaritiye vy’igihugu kuva muri 2025 bizoba vyahindutse.
Ikirangamisi c’amatora y’abashingamateka
Ku matora y’abashingamateka, ku wa 9 gushika ku wa 23/12/2024, ni kwakira amadosiye y’abashaka kwitoza hamwe n’amadosiye y’amashirahamwe y’abo mu bwoko bw’abatwa. Izo dosiye zice zigwako mu kiringo c’imisi 7 gushika ku wa 30/12/2024. Urutonde ntabanduka rw’abitoje ruzosohoka ku wa 13/01/2025. Nayo kuva ku wa 14 gushika ku wa 18/01/2025 hakazoba igikorwa co gutanga intonde mu ntara no mu makomine z’abaserukira imigambwe, inani z’imigambwe n’abahiganwa.
Ibijanye n’imyiyamamazo bizugururwa ku wa 9/5/2025 n’umukuru w’igihugu. Imisi 21 niyo izoba igize ikiringo c’imyiyamamazo, ikazotangura kuva ku wa 13/5/2025 gushika ku wa 02/06/2025, nayo amatora nyezina akazoba kuva isaha zitandatu zo mu gitondo (6h00) gushika isaha icenda (15h00) zo ku wa 5/6/2025. Mukamenya ko abazoba batowe mu bashingamateka bazotangazwa ku wa 20/6/2025.
Ibindi vyo kumenya n’uko ku matora y’abajenama ba Komine, dosiye zizokwakirwa mu kiringo c’imisi 10, abitoje bakazotangazwa ku wa 2/1/2025. Ikiringo c’imyiyamamazo ni imisi 21, bizobera imisi imwe n’ivy’abashingamateka n’amatora akazobera umusi umwe. Abazoba batowe bazotangazwa ku wa 24/6/2025 hama itegeko rigena abazoba batowe rikazosohoka ku wa 20/8/2025.
Ivyo vyose bikaba biri mu kirangamisi c’amatora cashizwe ahabona ku wa 15/10/2024, n’umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora (CENI), mu nama wari watunganije n’abazofashanya muri ayo matora. Ntahorwamiye Prosper, arongoye uyo mugwi ahamagarira abakwije ibisabwa kugira bazitabire amatora yimirije. Nayo kubipfuza gusoma vyinshi kuri ico kirangamisi boraba ngaha :
Barabe bongereze agatoro rero kugira abiyamamaza bashike aho bifuza si non kuduga ruguru nikibazo
Nukwitegura tukazotora indongozi zizoturongora
Nivyiza hasigaue kwisuganya tukazoyitabira
Ubuho tuzonywa Primus ibitoki vyarahonye ntanzarwa zikiboneka
Twosabako yogenda neza bimwe vyo kwidoga bigahagarara
asha naho harageze kabisa dutore inzego twizeye
gusantimwatubwiye ibisabwa kugira umuntu yiyandikishe mubazotorwa
bize bibe mumutekano gusa
dukeneye yuko abatwa bohabwa intebe nyinshi murayo matora kweri
dukwiye gusidukana niyonka tukaja gutora inzego zishoboye
hariko haregereza kabisa
nugukurikiza ivyo dusabwa nuburongozii bubijejwe kugira tuje gutora twese
vyoba vyiza gose atamvururu zibayemwo
asha ayo matora turayashuhiye kabisa
asha nihagere tuje gutora twese
ivyo vyari ivyakera cane kuko abarundi ubu dukunda amahoro
ntitworeka kuja gutora inzego zacu
amatora azoba meza cane nkuko nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu yama yavumereye
ariko nizereko abashingamateka tutotora abatazi ingorane zacu
burakeye tuvyereke abagabo
mwibuka ivyo nyakubahwa yavuze gusa.
Dutore ababishoboye babikwiye nuko yavuze
Bibwigwa beshi bikumva benevyo
jew sije nzobona hageze kuku ububuzima turimwo nibazako mubatuma vyanka kwarahantu twatoye nabi
haraho nabandi vyagenda uko !!
Karibu tuzobakira kugatumba
nugutora neza inzego twizeye
sinibazako bose aribamwe kuko turarushe nukuri
nisawa kuja gutora inzego zishoboye
Ese mwombwira impanzu batitavye bikwiye ivyo kwiyandisha ?
nukuja gutora ukwo umunyagihugu wese avyumva
amatora yatanguye kumota kabisa
ubu nanje mpora nibaza bicancanga erega tuzohava tubura nabaza gutora kabisa
amatora azoba meza cyane
asha iki nico gihe cokwitegura tukaja gutora indongozi nziza
Baramaze kwihebura cane
asha turabona ko muri mukazi kugira muze muratw’apdatinga kubijanye namatora
mugutora ntakuraba ngo ka mwana wa mama nugutora abafise vision nziza
amatora yegereje kabisa
nukuja gutora kabisa
noe kumenga bazo proclama kera
noe ko mutavuze ibisabwa kugira umuntu yiyandikishe
noe biremewe kuwahora ari umu députés canke umu sénateur asubira kwitoza??
hama ivyiyamamazo navyo bipanze gute?
dusabe abatera akajagari mugihe camatora ntibazongere sinon bizobamerera nabi
oya vrema ntankeka amatora azoba meza cane
asha naho harageze kweri umwaka utanguye uba uheze
eka nyn burakeye tuvyereke abagabo
turipfurije amahirwe masa kubazokwitoza kabisa
Ikosa tutazokora nugusiba gutora indongozi z’Igihugu
Tumwongere SEBARUNDI ntako atagize aragahezagirwa
Numva nkeneye kubona abazitoza mukibanza c’Umukuru w’Igihugu kabisa
SEBARUNDI niyibandanirize ntawundi yoshobora Abarundi atariwe
Imisi niyo itevye si non tuzobatora ntakibuza
Amahirwe masa kubazitoza ariko uwutazovugako agiye kutuzanira igitoro emwe amahirwe sikirenga ABARUNDI turageramiwe
Bazotume batubesha ko igitoro bagiye kukizana ubundi bwo amajambo bazokoresha azobagora
Amajwi yacu arahari hatevye kugera gusa udupapuro twitora twatanzwe ntanguvu dufise hari hakwiye aga carte ubundi bwo harabatazotora kandi bariyandikishije canke kugira ntihazogire ababura ayomahirwe bariyandikishije bazoshireho intonde umwumwe wese aho yiyandikiishirije vyofasha.
Nsindabona uwonzotora nibande bawitoza
Bazotubesheko bagiye kutuzanira igitoro nisukari aho bazoba batsinze nayo gutora tubirindiranye igishika.
Kudatora nukwiyaka ubwenegihugu tuba dukwiye twese kuvyumva kumwe twese.
Hatevye kugera gusa.