Burundi : Inama Nkenguzamateka ihejeje kwemeza umugenduzi mukuru mushasha w’igipolisi
Kuri uyu wa 5 Kigarama 2024, inama nkenguzamateka y’Uburundi, ihejeje kwemeza Général de brigade Ninteretse Joseph nk’umugenduzi mukuru w’igipolisi mu Burundi. Akaba yatowe ku majwi 39 kuri 39, ni ukuvuga 100%. Mwomenya ko Général de brigade Ninteretse Joseph yahora ari umuyobozi mukuru w’ibitaro vy’igipolisi.
Général de brigade Ninteretse Joseph yaranguye ibikorwa ivyahe?
Général de brigade Ninteretse Joseph yatanguriye ibikorwa mu gisirikare c’Uburundi, mu nyuma aca aja kwiga mu gisata c’ubuganga(Médecine) muri kaminuza y’ Uburundi ikukira kaminuza y’intwazangabo mu gisirikare (ISCAM). Arafise kandi impamyabushobozi mu gisata co kuvura amaso (Diplôme d’études supérieures spécialisées en ophtalmologie), iyo nayo yayironkeye muri Côte d’Ivoire.
Yadugijwe neza cane rero ni kuraba ko yokora ibirenze ivyo uwo yarariko atakoze kuko benshi nibansumirinda ariko turashima kuko reta yacu iguma ibona ibikenewe ikabitunganya muri make abenegihugu turakenguruka
félicitation kabisa
asha twizere kwagye kutuzanira impinduka idasanzwe kabisa
congratulation kuriwe kabisa
asha twizere ko bizogenda neza kabisa
uwo mugabo ari sérieux ntawutamuzi kabisa
twizere impinduka idasanzwe kabisa
kuki bahinduye uwarahari noe??
uwo wewe numva arisawa kabisa
Ninteretse Joseph nukuri uravye ningene yatwaye ikigo c’ubuvuzi yaragerageje twibaza ko ariyo mpamvu bamuhaye icicaro mugiporisi jewe ntaco novuga gikuru niyirambire tuzorebera kuvyo akora nuwari ahari turamukunda cane
amahirwe masa mumabanga mashasha bamuhaye kabisa
félicitation à lui kabisa
numva afise diplome ikomeye cane kabisa
impinduka idasanzwe kabisa
umugabo akaze cane kweri
ahubwo nibarabe bahindure nabandi kabisa
noe bigenda gute bahindure umuntu tutamenye
uwahahora mwamushizehe noe ??
asha uwo mugabo nintore cane kabisa
kuberiki noe bahinduye uwahahora
reka turindire impinduka kabisa
mbona uwo wewe mbona afise amashure akaze cane kabisa
félicitation kabisa
Samahani sijui kirundi ila nilipenda kujua yanayo endelea inchini burundi napenda kufuatilia habari za inchi bali bali ila hiyi niliipenda saana mtutafsiriye maana nina myaka mingi nilitoka burundi nasikia bidogo bidogo tu ninhependa muwe munaandika na kiswahili
noe ko mutatubwiye uwahahora ukwo vyagenze
uwo mugabo turamuzi kwarumuhanga cane kabisa
reka turabe ibizohinduka kabisa
ibintu bizogenda neza tuvyizere kabisa
iki gihigu gutera imbere biri kure cane kabisa
kuki bahisemwo uyo noe??
Reta irizewe cane mugutora abazofasha umukuru wigihugu ibikorwa vy’iterambere mugihugu gusa batanguye guhindura kare namatora ataraba ubwo sivyabindi bigira bize vyo kwigenera uwo ushaka hama ngo yatowe nabenegihugu ndumurundi ndakunda uburundi
asha ibi bintu biratangaje sana kabisa
uwahahora yakoze ikosa irihe ??
noe ko mutatubwiye abandi bahiganywe cnk ntabahari
abandi bahiganywe vyagenze gute
Turamukeje cane
gusa ivyo bintu birimwo amakenga adasanzwe kabisa
Asangwe amabanga mashasha
vraiment félicitation kabisa
ntabandi mwotubwira bahinduye none ?
ko mutatweretse ifoto yiwe noe??
noe ko nyene mutaduha agafoto kiwe tumurabe
oya uwo azozana impinduka idasanzwe kweri
uwo mugabo numwana mwiza jewe ndamuzi kabisa
birakwiye ko mwari kutubwira nuwahahora mukatubwira nico mwamuhoye
yavuye mu gisirikare c’uburundi ryari?
Ikibazo numva mfise nuko nobaza mbega izonsego nabenegihugu bazitora canke batorwa ninzego zo hejuru nimba ari inzego zo hejuru ndibaza ntamahoro azoboneka kuko bitorera abo bashatse ariko naho biri uko tubaye turashima no gusenga cane imana izodufashe ivyabategura vyose ari ivyiza bidushikire ari ibibi navyo bibagarukire ntamuntu akunda gupfa ariko iyo umuntu kwipfurije inabi ntakumusabira ngo ineza imana ituzigame inaturinde amatora yose azogende neza mumahoro numutekano ntangere
MURAKOZE
Ivyo nibikorwa vyiza gukurakuranwa nivyo bizana amahoro mugihugu kuko iyo washatse kuguma utwara bizana intambara ariko iyo mukuye umuntu kuntebe yiwe nizereko muba mubikoranya umutima mwiza nawe nyene abone ko bamuruhuye ntabone ngo bamukuye kukazi oya ahubwo nibiri soite babonye ko atahalwiriye canke araharengeye bizobe biba mumahoro ntangere atarwanko canke inzigo ibirimwo cari iciyumviro cumwene gihugu turakenguruka cane ibikorwa vya reta yacu iri gukora cane
Amakuru nkaya niyo tuba dukeneye kubera tumenye ibiriko biraba mugihugu, tumubwire ati komera cane niyirambire tukaba tumwipfurije namahirwe menshi numutima wogukunda abenegihugu, nivyiza gutwarwa numuntu wumutima akunda uburundi nabarundi babe baraba uko bapanga inzego
nino bakunda kutubwira ngo utora nabi ugatwarwa nabi
turamukeje kabisa
Amashi menshi kuri Général de brigade Ninteretse Joseph guhabwa uburongozi nivyiza gisa nuko bamwe bibaboreza bakibagira ko imana yabadugije ishatse yonabamanura ntazibagire ngo asuzugure abari hasi bazosenyere kumugozi umwe erega nibo batwigishije gukundana nabo nibakundana biragenda neza munegihugu turatekanye nabonyene bazobane neza
twizere yuko uwo mugabo ari sérieux kabisa
asha harakwiye kuvugwa igituma uwahoze yahavuye
Niba kwakwanye nayumukuru w’igihugu acemwo turonke indongozi ziyemera big cogratulation kuri Général de brigade Ninteretse Joseph
kuki noe badatorwa nabanyagihugu batorwa n’inzego nyene??
asha amahirwe asa kabisa
Komerez aho mwana wahafashe ndakwipfurije amahirwe mwana komeza uzotware neza abandi wibuka ko hari abenegihugu bato bato uzokore ibishoboka bashikirwe uzokore mukuri mwana turagushigikiye kibirengeye akuzigame uzogumane amagara meza numutima mwiza ko hari bato bato inyuma yawee ubafasha nabo bashikirwe iyaguhaye ikuzigame
Général Ninteretse Joseph
Uwuri mukuri natubwire ukuriNinteretse Joseph yarahakwiriye kwer canke bapfuye ivyo bitorera nakare ntamwenegihugu yarimwo mukumutora ebena nibakore ivyabo tu twebwe tubarabisha amaso dukeneye intwaro yamahoro n’umutekano gusa
Amashi meshi kuriwe azotubere umuco
Amahigwe meshi munshingano zawe nshasha nyakubahwa
gusa nkaho bisunziki mugutora uyo?
nizerako abakwije ivyangombwa
ntawundi bahiganwe?
nibatubwire kabisa canke bamugenye ntavyamatora yabaye?
nivyo nanje nibaza kuko na ntamuntu botora uko !!!!!!
cank ni mchezo wa ndani?
Abarundi muragoye ni ryari muzokwemera mutabanje gupinga?
Nakomere kwibanga kuko yar umukozi naho agiye bizogenda neza
tuzoreka gupinga umusi bazokora ibintu bakanatwereka ukuri.
mugabo nivyo none habaye amatora ntihategerezwa kubaho uwambere nuwakabiri?
biragoye kwumva ukuntu hobaho uwambere ata wakabiri
reka tumukeze
Amashi kuriwe hama ibisigaye tubihe imana
ivyubu ni hatali biraboneka neza ko mwamaze kwihebura cane
Mbega yatowe nabande?
Nizerako batogwa nabashingamateka gusa.
hama bisungiki?
nibatubwire kuko ibibazo nivyishi
ibibazo vyovyo muzovyamana ni mutuze
Mbega uwo yasubiriye bahuhoye iki?
ubu rero ntanzego mushaka ko mbona mwashavuye
turabakeneye ariko atarabinryarya kuko natwe abo batwara turahakomerekera kand tuba twarabizeye.
ivyabaye vyabaye twitekanire ntakundi
jew ubwanje ndamukeje cane