Burundi : Inama Nkenguzamateka ihejeje kwemeza umugenduzi mukuru mushasha w’igipolisi

84
seN

Kuri uyu wa 5 Kigarama 2024, inama nkenguzamateka y’Uburundi, ihejeje kwemeza Général de brigade Ninteretse Joseph nk’umugenduzi mukuru w’igipolisi mu Burundi. Akaba yatowe ku majwi 39 kuri 39, ni ukuvuga 100%. Mwomenya ko Général de brigade Ninteretse Joseph yahora ari umuyobozi mukuru w’ibitaro vy’igipolisi.

Général de brigade Ninteretse Joseph yaranguye ibikorwa ivyahe?

Général de brigade Ninteretse Joseph yatanguriye ibikorwa mu gisirikare c’Uburundi, mu nyuma aca aja kwiga mu gisata c’ubuganga(Médecine) muri kaminuza y’ Uburundi ikukira kaminuza y’intwazangabo mu gisirikare (ISCAM). Arafise kandi impamyabushobozi mu gisata co kuvura amaso (Diplôme d’études supérieures spécialisées en ophtalmologie), iyo nayo yayironkeye muri Côte d’Ivoire.

84 thoughts on “Burundi : Inama Nkenguzamateka ihejeje kwemeza umugenduzi mukuru mushasha w’igipolisi

  1. Yadugijwe neza cane rero ni kuraba ko yokora ibirenze ivyo uwo yarariko atakoze kuko benshi nibansumirinda ariko turashima kuko reta yacu iguma ibona ibikenewe ikabitunganya muri make abenegihugu turakenguruka

  2. Ninteretse Joseph nukuri uravye ningene yatwaye ikigo c’ubuvuzi yaragerageje twibaza ko ariyo mpamvu bamuhaye icicaro mugiporisi jewe ntaco novuga gikuru niyirambire tuzorebera kuvyo akora nuwari ahari turamukunda cane

  3. Samahani sijui kirundi ila nilipenda kujua yanayo endelea inchini burundi napenda kufuatilia habari za inchi bali bali ila hiyi niliipenda saana mtutafsiriye maana nina myaka mingi nilitoka burundi nasikia bidogo bidogo tu ninhependa muwe munaandika na kiswahili

  4. Reta irizewe cane mugutora abazofasha umukuru wigihugu ibikorwa vy’iterambere mugihugu gusa batanguye guhindura kare namatora ataraba ubwo sivyabindi bigira bize vyo kwigenera uwo ushaka hama ngo yatowe nabenegihugu ndumurundi ndakunda uburundi

  5. Ikibazo numva mfise nuko nobaza mbega izonsego nabenegihugu bazitora canke batorwa ninzego zo hejuru nimba ari inzego zo hejuru ndibaza ntamahoro azoboneka kuko bitorera abo bashatse ariko naho biri uko tubaye turashima no gusenga cane imana izodufashe ivyabategura vyose ari ivyiza bidushikire ari ibibi navyo bibagarukire ntamuntu akunda gupfa ariko iyo umuntu kwipfurije inabi ntakumusabira ngo ineza imana ituzigame inaturinde amatora yose azogende neza mumahoro numutekano ntangere
    MURAKOZE

  6. Ivyo nibikorwa vyiza gukurakuranwa nivyo bizana amahoro mugihugu kuko iyo washatse kuguma utwara bizana intambara ariko iyo mukuye umuntu kuntebe yiwe nizereko muba mubikoranya umutima mwiza nawe nyene abone ko bamuruhuye ntabone ngo bamukuye kukazi oya ahubwo nibiri soite babonye ko atahalwiriye canke araharengeye bizobe biba mumahoro ntangere atarwanko canke inzigo ibirimwo cari iciyumviro cumwene gihugu turakenguruka cane ibikorwa vya reta yacu iri gukora cane

  7. Amakuru nkaya niyo tuba dukeneye kubera tumenye ibiriko biraba mugihugu, tumubwire ati komera cane niyirambire tukaba tumwipfurije namahirwe menshi numutima wogukunda abenegihugu, nivyiza gutwarwa numuntu wumutima akunda uburundi nabarundi babe baraba uko bapanga inzego
    nino bakunda kutubwira ngo utora nabi ugatwarwa nabi

  8. Amashi menshi kuri Général de brigade Ninteretse Joseph guhabwa uburongozi nivyiza gisa nuko bamwe bibaboreza bakibagira ko imana yabadugije ishatse yonabamanura ntazibagire ngo asuzugure abari hasi bazosenyere kumugozi umwe erega nibo batwigishije gukundana nabo nibakundana biragenda neza munegihugu turatekanye nabonyene bazobane neza

  9. Niba kwakwanye nayumukuru w’igihugu acemwo turonke indongozi ziyemera big cogratulation kuri Général de brigade Ninteretse Joseph

  10. Komerez aho mwana wahafashe ndakwipfurije amahirwe mwana komeza uzotware neza abandi wibuka ko hari abenegihugu bato bato uzokore ibishoboka bashikirwe uzokore mukuri mwana turagushigikiye kibirengeye akuzigame uzogumane amagara meza numutima mwiza ko hari bato bato inyuma yawee ubafasha nabo bashikirwe iyaguhaye ikuzigame
    Général Ninteretse Joseph

  11. Uwuri mukuri natubwire ukuriNinteretse Joseph yarahakwiriye kwer canke bapfuye ivyo bitorera nakare ntamwenegihugu yarimwo mukumutora ebena nibakore ivyabo tu twebwe tubarabisha amaso dukeneye intwaro yamahoro n’umutekano gusa

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights