Ihuriro ry’abafasha Uburundi mw’iterambere n’abanyamitahe ryatanguye ku musi waryo wa mbere

81
tableronde

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 5 Kigarama 2024, mu Burundi hatanguye kubera inama idasanzwe ihuza abafasha Uburundi mw’iterambere n’abanyamitahe  bigenga. Iyo nama ihuza abanyamitahe barenga 1.000 bavuye mu mihingo y’isi itandukanye. Ikaba ifise intumbero yo kubahimiriza ngo bazane imitahe yabo mu gihugu, ndetse bifashe mw’iyinjira ry’imbonakazoza y’Uburundi ya 2040-2060.

Ibiza kuvugirwa muri iyo nama tukazobigarukako mu nkuru yacu yo hanyuma, iyo nama irangiye. Ku bipfuza gukirikirana ikibiriraho iyo nama boca ngaha : https://www.youtube.com/live/ThPXQZT-1bU?si=9WsBeSXXlJ8i_qMf

81 thoughts on “Ihuriro ry’abafasha Uburundi mw’iterambere n’abanyamitahe ryatanguye ku musi waryo wa mbere

  1. reka turindire nkuko umukuru wigihugu yabivuze turabe kotuzoba twavuye mwakakaga turimwo kuko turaremvye

  2. jewe simbona ivyobarimwo nukuguma baduhenda ivya 2040 na 2060 gusa aho twotanguye ubunyene gutera imbere

  3. kugire ivyovyose avuga bizobe nabanze atuzani ibitoro kwanza tuze tunwa ahotugenze nibintu vyanzimvye vyongere bizimbuke aho gutera imbere tuzoba duhejeje

  4. urwo nurujijo bariko badushiramwo ngo tuzotera imbere nukuntu ibintu vyose vyahindutse uko vyahora siko bimeze ubu

  5. harakwiye gukoreshwa inama nabarundi baba hanze kabisa kuki bafise uruhara runini mw’iterambere ry’igihugu

  6. igihugu cifashe2040 igihugu giteye imbere 2060 asha ndabona kubishikira biri kure nkizuba nukwiremesha nyene

  7. none ndababaze kuki ivyo bintu bitaba kubanyamitahe mo gihugu cacu ko tuzi aribo bafise uruhara runini muri wa mugambi wayambonakazoza ya 2040_2060

  8. none ko mwama mutwizeza yuko igihugu cacu kiriko kirakora ibishoboka kugira tugere ku mbonakazoza gusa nta mpinduka twigera tubona

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights