Ihuriro ry’abafasha Uburundi mw’iterambere n’abanyamitahe ryatanguye ku musi waryo wa mbere
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 5 Kigarama 2024, mu Burundi hatanguye kubera inama idasanzwe ihuza abafasha Uburundi mw’iterambere n’abanyamitahe bigenga. Iyo nama ihuza abanyamitahe barenga 1.000 bavuye mu mihingo y’isi itandukanye. Ikaba ifise intumbero yo kubahimiriza ngo bazane imitahe yabo mu gihugu, ndetse bifashe mw’iyinjira ry’imbonakazoza y’Uburundi ya 2040-2060.
Ibiza kuvugirwa muri iyo nama tukazobigarukako mu nkuru yacu yo hanyuma, iyo nama irangiye. Ku bipfuza gukirikirana ikibiriraho iyo nama boca ngaha : https://www.youtube.com/live/ThPXQZT-1bU?si=9WsBeSXXlJ8i_qMf
iyo nama yoyo izofasha abantu iki
muburundi ndabonako turiko tuza pore pore
twizere yuko bigeye kuzana impinduka idasanzwe mugihugu
igihugu cacu kigiye kuzamuka cane kabisa
nivyiza nukuri nibakore barabe ikizovamwo
iyo nama ko mutatubwiye igihe izorangirira
nibazane iyomitahe turabeko boduha ubuzi
iyo nama yabereye hehe??
twizere neza yuko igihugu cacu kigiye gutera imbere kabisa
none iyonama izodufasha iki twebwe ubundiho kobizoherera muribo gusa
uburundi turiko turegereza yambonakazoza kabisa
igihugu cacu kiriko kiraza kumuvuduko ucimishije mwiterambere kabisa
none ko mutatubwiye igihe iyo nama izomara
iyo mitahe nubwo bazoyizana ntaco bizodufasha twebwe
igihugu cacu kiriko kirazamuka bukebuke kabisa
none iyo nama izomara igihe kingana gute
none ko mutatubwiye ibihugu abo bagwizatunga bavuyemwo
iyo nama izomara iminsi ingana gute ??
nibakorane n’ibanki y’isi kugira tugende kumuvuduko udasanzwe kabisa
iyo nama ije gufasha iki mw’iterambere ry’igihugu?
ntabafasha ntabo kobasha tukaba tuguma twicwa ninzara
igihugu kiriko kiraza kumuvuduko udasanzwe pee
nkuko babivuze ntaburundi buzoterimbere kirya gihe bihaye ntibizoba birakunda
twizere yuko iyo nama izofasha ikintu kinini kabisa
uburundi buri muvyunguka kabisa
igihugu cacu kigira gitere imbere vyoroshe kabisa
asha igihugu cacu kiriko kiratera imbere cane kabisa
iyo ngingo bihaye ntayo bazopfa babonye
igihugu cacu gutera imbere biratanguye kumota kabisa
asha igihugu cacu kirimwo kija munzira igana iterambere kabisa
ndabona hamwe ivyo bintu vyogenda neza twoba turiko turegereza ya mbonakazoza kabisa
turiko turegereza imbonakazoza kabisa ya 2040-2060
nkuko abivuga umukuru wigihugu cacu 2040 igihugu cifashe 2060 igihugu giteye imbere nivyo knd cane
ivyo bintu ndabona bizozana impinduka mu gihugu kabisa
iki gihugu c’uburundi gikwiye abanyamitahe kabisa kugira gitere imbere kumuvuduko mwiza
iyo nama reka turindir icobazotubwira cavuyemwo
birashimishije kabisa ivyo bintu
inama nkizo nyene nizo zituma igihugu gitera imbere kabisa
izo nama ziratuma igihugu kigera kure kabisa
reka turindire nkuko umukuru wigihugu yabivuze turabe kotuzoba twavuye mwakakaga turimwo kuko turaremvye
igihugu cy’uburundi kirimo kizamuka cyane kabisa amahirwe masa
jewe simbona ivyobarimwo nukuguma baduhenda ivya 2040 na 2060 gusa aho twotanguye ubunyene gutera imbere
ivyo bintu nisawa kabisa igihugu kirimwo kijamwo
igihugu cacu kirimwo kiregereza yambonakazoza kabisa
kabisa igihugu cacu kiri kuyindi level
igihugu cacu carigikwiye inama nyinshi nkizo kabisa
reka turindire twumve ibizova muriyo nama kabisa
gusa ntimwatubwiye igihe iyo nama izoherera
iyo nama yatanguye ejo nyene canke yarimaze iminsi
none iyo nama izomara igihe kingana gute?
izo nama nibarabe bazikomeze cane kabisa
harakwiye no kuraba abarwizatunga bo ngaha mugihugu cacu nyene bakaza baritabia inama nkizo
kugire ivyovyose avuga bizobe nabanze atuzani ibitoro kwanza tuze tunwa ahotugenze nibintu vyanzimvye vyongere bizimbuke aho gutera imbere tuzoba duhejeje
urwo nurujijo bariko badushiramwo ngo tuzotera imbere nukuntu ibintu vyose vyahindutse uko vyahora siko bimeze ubu
harakwiye gukoreshwa inama nabarundi baba hanze kabisa kuki bafise uruhara runini mw’iterambere ry’igihugu
ico gikorwa niciza kabisa
igihugu cifashe2040 igihugu giteye imbere 2060 asha ndabona kubishikira biri kure nkizuba nukwiremesha nyene
none ndababaze kuki ivyo bintu bitaba kubanyamitahe mo gihugu cacu ko tuzi aribo bafise uruhara runini muri wa mugambi wayambonakazoza ya 2040_2060
ko twumva inama zirirwa zakozwe muga impinduka ntazo twigera tubona kabisa
none abo bantu bazozana imitahe muburundi nibahere kuri jewe bampa umutahe ndabereke iconikorera
ngirango ko abo barwizatunga baje bagombe babanze batuzanire ibitoro kuko hanini nivyo bituraje insinga
igihugu cacu namba kigeze kurugo rwego ndabona ibintu nisawa cane kabisa
ivyo muburundi nukuri vyabaye ndanse nibarabeko bogikemura kuko arukurwa twaguye
abo banyamitahe ko aribenshi cane none
twizere impinduka idasanzwe mu gihugu cacu kabisa
iyo nama twizere yuko itandukanye cane nizindi twirirwa tubona ziba kabisa
ahubwo ndabona muburundi sinzi aho bipfira kandi ni mburundi gusa tuvugeko bipfira kundongozi
none ko mwama mutwizeza yuko igihugu cacu kiriko kirakora ibishoboka kugira tugere ku mbonakazoza gusa nta mpinduka twigera tubona
ivyo bintu nisawa cane turabishima kabisa
muburundi mbere mbona ahogutera imbere dutera tuja hasi sinzi rero ingene tuzotera imbere
kuki none inama nkizo zitarwizwa
birakwiye yuko izo nama zima nyinshi kabisa
gutera imbere muburundi ndabona bitazoshoboka
iyo nama barimwo ndibaza hazovamwo ikintu kimeze neza
nibakore amanama yinyungu zabo nyene nayubundi twebwe ntanyungu turonka
bizobacanga sana ivyomugihugu caca
none ko tubona amanama ya buri mwanya muga ibintu ntibihinduka mu gihugu
nibashigikire urwaruka kuko nirwo rufise uruhara runini mwiterambere ry’igihugu
urwaruka rurakwiye gushigikirwa kabisa kugira igihugu gitere imbere
twizere impinduka idasanzwe kabisa
nimba arivyo vyoba ari vyiza cane kabisa