Bujumbura : Ibijanye no kwitwararika isuku vyifashe gute?
Inyuma yaho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye atereye akamo abanyagisagara ku wa 10/08/2024 ko atawohirahira ngo yicare mu biro ngo akore mu gihe aho akorera hari umwanda. Agasaba n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko yoza arasuzuma ko abenegihugu bibuka kugirira isuku mu bibanza baranguriramwo imirimo, abatari bake barabikora kandi ugasanga koko isuku rihari. Mugabo kandi hariho abatari bake bataratahura akamaro ko guta imicafu aho yagenewe, hamwe hamwe ugasanga hariho uducupa tuvamwo amazi n’ibindi.
Ahatari hake nko mu bibanza bihuriramwo na benshi (espace publics) harangwa isuku, mugabo kandi ahari ibikono vyo gutamwo imicafu (poubelles) haracibonekeza imicafu usanga iri hasi kubera ivyo bikono biba vyuzuye. Abatari bake bakabona ko arya mashirahamwe yishinze kwegeranya imicafu yari akwiye kwitwararika gukuramwo iyo micafu kugira iyindi ironke aho ija.
Ntawovuga bimwe ngo yibagire kandi ko mu gisagara ca Bujumbura, hariho abantu bamwe bamwe bataratahura akamaro ko guta imicafu aho yagenewe, hamwe hamwe ugasanga hariho uducupa tuvamwo amazi n’ibindi. Aho rero umuntu ashobora kwibaza uti : Mbega kubera iki hariho aho guta imicafu mugabo ugasanga imicafu yandagaye mw’ibarabara. Vyari bikwiye ko umwe wese afata kugira isuku nk’ikibazo ciwe akavyitwararika.
Ivy’ama poubelles mu ma modokari vyifashe gute?
Iruhande y’ivyo harashizweho itegeko ko imodoka yose yunguruza abantu (bus) itegerezwa kugira akantu kajamwo imicafu (poubelles), ariko ubu imodoka zifise izo poubelles ni nke cane, izindi nta poubelles zigendana. Aho ntituvuze bamwe bafungurira ibintu mu modoka bakabita aho bicaye mu ntebe canke bakabita mw’ibarabara imodoka ziriko ziragenda (ibituma imicafu usanga yandagaye mw’ibarabara).
Naho biri uko, Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura atera akamo abajejwe intwaro hamwe n’abasanzwe bakurikirana ibijanye n’isuku kuba maso kuko hari bamwe bataratahura integuro y’umugambi “Zéro déchets ” babandanya bata imicafu mu bibanza bihuriramwo abantu. No mu ngo bisaba ko umwe wese agirira isuku aho asanzwe aba kugira igisagara kigume cakaka.
mugisagara ivyumwanda kugira bizohere bitwara igihe
mugihugu cuburundi turacari hasi gose
murivyose tuzoguma turi hasi
akarorero tuze turabira murwanda
Ikibazo c’isuku kiracagaye abantu benshi pe kumvo zo kutitwararika aho guta ibicafu.
Ni muze twitwararike isuku mu ntumbero yogushika kumbona y’igihugu
Dushidukane n’iyonka dukorere isuku aho tubaye
nibaze barabaca amande rero kugire ivyo bigabanuke
mugabo nivyo na Leta irabishiramwo uruhara
Bakwiye kurwiza poubelles nyinshi kandi bagashira ahantu henshi hashoboka
Mumvo zo kwerekana igihugu cacu ko gisa neza, gukora isuku bikwiye kuba icipfuzo c’umuntu wese
kubintu vyumwanda muburundi turabambere
kuvyerekeye isuku twitungiwe nimana nukuri
kugire bazobone hari isuku nko murwanda bizobarusha
hari ama quartier meshi buja yibereyeho kubera uhoraho gusa nayahandi ibara ryaraguye nukuri
bakwiye gucungwa cane
isuku ivyo ntibikivurwa ngaha ibujumbura
none biva kuki kumenga hariho imiduga iza kuritora aho muba.
wobura ayo kugura ibiharage vyabana ngo ugomba upakize iyarara
yayayayaya mbega muzotahurako umwanda wica ryari kweli
abo bari muribamwe babisuka mulivo yamazi
gusa mbamùbona bihenda cane abantu basuka iyomyanda mumivo
bizibira amazi
ariko babirengako babizi cane
ikibi nabantu baha barya bantu bikorera umwavu kumutwe kuko bapfa aho babisutse bikagaruka kwonona amagara yacu
none kuberiki mutobibima ?
nukugerageza rigahabwa ababijejwe
harya nitwe twiyica pe
mwame muzirikana yuko uwo mwanda wica bivuye kugutera ingwara
iyo iratera ingwara cane ahubwo bagerageze biteho icokibazo amazi atararenga inkombe
haragwiye gufatwa ingingo ruhasha kuri bino bintu kuko ubu nubuzima muriko mukinisha
vyofasha cane hamwe bofata ingingo ruhasha kubantu batwara iyarara numutwe kubera ntibaja kurisghira aho ritegeretwa.
ariko ababikora murababona mukahishirira cane
tugerageze kwirinda kuko twese biraturaba
isuku ninkenegwa cane turyitwararike
abarundi twijukire isuku
nta kwicara mubiro kandi aho dukorera hari ubucafu
birakwiye yuko iyo ngingo ikurikizwa yo gushira ama poubelles muma modoka
ikintu kijanye nisuku rike mugisagara kiriho
nihatari ivyo muburundi basha umwanda uraturembeje
gusa harigihe vyuzura muri poubelle
Isuku nikintu c’ingenzi cane haba mu gisagara canke mukibano aho tuba
Nivyiza ko hoba umurwi ujejwe isuku bakabikurikirana kandi bakaba bafise ibikoresho bikwiye
ikintu kijanye nisuku mugisagara nikibazo
ahubwo abantu bajejwe gukura ama poubelle sibo
ahubwo nibashinge itegeko ritarengwa
hama ngotuzotera imbere vuba atanisuku tugira
ama poubelle aruzura akabura uwuyakura
ningorane nukuri kukintu cisuku
none abajejwe isuku ntavyo babona
nibashinge itegeko ababijejwe kugira iryosuku riboneke
ibintu muburundi vyabuze vyose basi habuze ibitoro habuze isuku none ivyobintu mwumva
erega mugabo mangwe vyose bikorwo nibitoro
none tugiye kuba abande tuba mumwanda
muburundi ikintu maze kubona tubayeho kuri munjuru munjuru basi
none twabuze vyose mugihugu basi tugerageze gukora isuku
kuki ibintu vyisuku bititaweho hano mugihugu cacu
rega niryo suku rike rihari niryo rituma habaho inrwara zimwe zimwe ziturutse kwisuku rimwe
ntawugira iterambere adafise isuku
isuku ni kirumara ku magara yacu no kwiterambere ry’igihugu
ahubwo irya ngingo umukuru w’igihugu yari yarafashe irakwiye gukurikizwa
ahatagira isuku nta terambere rishobora kuhaba
ugutwi kwimbwa kwumva kwokejwe kabisa
ahubwo bazobanze bashireho itegeko rihana umuntu wese ataye umucafu mwibarabara
kuki abantu bataratahura umugambi igihugu kirimwo kabisa
aha nitwakina uyu mucafu uzoduhitana
rega isuku niyo ntango yiterambere
iki nikibazo cacu twempi turikanure vyodufasha
ntawe bitaraba ibi kabisa
ariko haribintu dukwiye kwikorera bitarinze ngo hazemwo abayobozi
gute wewe nyene ufata ugata umucafu aho utagenewe?
mumitima yacu natwe tubanze twisubireko
isuku twese riraturaba kabisa
ibaze nukuri hama ugaca uvugango leta ikemure ikibazo kandi ariwe waciteye
twikebuke ubwacu imbere yavyose
kandi mukwirikirane abo bantu bikorera iyarara kumutwe iyo baba barijanye
kuvyukuri uraribaha ugasanga barishize mumufurege ujana amazi
unasamaye urisanga kurupangu gwumubanyi wawe bobo ntibafyina pe
impanuro za gusa nuko abo bantu batabijana numuduga mwobihowa kuvyukuri
reka nabo baze bararonka ico barya basha
mugabo nubwo bashaka icobarya biyumvishe kurishikana aho ryagenewe
konumva umenga murabizi cane babakoresha amakosha gt?
mwicunge rero kuko ingwara zituruka kumwanda ninyishi kandi zirica
mwicunge rero kuko ingwara zituruka kumwanda ninyishi kandi zirica
Tubwirane yuko kizira gutanga iyarara kubatarijana aho rya genewe
sivyo gusa harigihe useruka kwibomba muvomako umuntu akifata kumunwa
kuvyukuri ugasanga haranuka
hama ngo baragwaye!!!!!!!
none nkaho mugomba leta izoze ?
none nkaho mugomba leta izoze ?
aho nukwiyunganya uko muhavoma
leta ni wewe kandi nijewe dufashanye rero twese
isuku twese riraturaba cane
isuku riraturaba twese
isuku rirakwiye kwitwararika kwer
Twebwe muburundi turacari hasi
Burya kugira hazoboneke isuku mugisagara bizogorana
Nibaza ko atamuntu numwe yonezerezwa nokuba ahantu hatari isuku
Harakenewe ibikoresho vyisuku na cane cane mu kamenge kuko harashafuye cane
Isuku ningenzi cane kuko hatari isuku hohava haduka ingwara zitandukanye