Burundi : Abamenyeshamakuru ntibemerewe kuvuga ivyavuye mu matora imbere y’uko CENI ibimenyesha

100
cnii

Abamenyeshamakuru baba abarundi canke abanyamahanga, ntibemerewe gutangaza ivyavuye mu matora imbere y’uko CENI ku nzego zayo zitandukanye zibishikiriza. Ivyo vyashikirijwe n François Bizimana, ajejwe gushikiriza amakuru mu mugwi CENI. Umumenyeshamakuru wese azorenga kuri iyo ngingo azohanishwa umunyororo uri hagati y’imyaka 5 na 10 n’ihadabu riva ku bihumbi 400 gushika ku bihumbi 800 Fbu. Iyo ni imwe mu ngingo z’itegeko rishasha rigenga amatora, ryasiguriwe abayobozi b’ibinyamakuru i Gitega, mu nama yateguwe na CNC kuva kuri uyu wa 9 na 10 Kigarama 2024.

Espérance Ndayizeye, arongoye inama nkuru yo kumenyesha amakuru (CNC), amenyesha ko abamenyeshamakuru ari inkingi ikomeye mu zigize demokarasi. Gutyo rero, bahamagariwe kuba akarorero mu kuyitsimbataza, na canecane mu kiringo c’amatora. Yavuze kandi rimwe na rimwe abamenyeshamakuru bigenza nabi mu mwuga wabo, ari naco gituma urwego arongoye rwipfuza gutunganya neza, rurikumwe n’ibimenyeshamakuru, ikiringo twimirije.

Ku makenga yashikirijwe n’abamenyeshamakuru, mu gutinya ko iryo tegeko ryobabuza umwidegemvyo wo gutanga amakuru mu gihe c’amatora. Espérance Ndayizeye yasiguye avuga ko ari ngombwa ko abamenyeshamakuru batahura akamaro k’iryo tegeko, na cane cane mu gutanga amakuru nyayo, avugisha impande zose, biciye mu kwubahiriza amategeko y’umwuga no kwubahiriza inyungu rusangi.

100 thoughts on “Burundi : Abamenyeshamakuru ntibemerewe kuvuga ivyavuye mu matora imbere y’uko CENI ibimenyesha

  1. Abamenyeshamakiru n’abantu bakomeye mu gihugu kuko bashitsa amakuru ku bantu bose bagize igihugu bakamenye uko ibintu biriko bigenda

  2. gusa bari kudusigurira impamvu yumvikana yatumye babuza abanyamakuru ko bazomenyekanisha ivyavuye mumatora imbere ya CENI

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights