Burundi : Urwaruka rwize rutagira akazi rwoba rugiye kuvyungukiramwo?
Imboneza y’Ubumwe bwa Afrika, akaba kandi n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yaravuze ku kibazo kijanye n’urwaruka agira ati : “Ni gute urwaruka rwujuje impapuro z’umutsindo ariko rukabura ubuzi? Ni gute urwaruka arirwo rufise inguvu ariko ugasanga nirwo rutariko ruravyazwa umusaruro mu gihe Afrika ikibuze vyinshi?” yavuze ko ibihugu vya Afrika bikwiye gushiraho poritike zerekana neza uruhara rw’urwaruka mw’iterambere ryavyo.
Muri ca kiganiro c’imisi 2 n’urwaruka ryafrika niho yabivugiye. Ndetse umukuru w’igihugu akamenyesha ko Uburundi bwamaze gushiraho poritike y’uruhara rw’urwaruka mw’iterambere, kuva muri Rusama 2024. Ngo igihe ni iki nyene co kuva mu majambo tukaja mu bikorwa, urwaruka rudasigaye inyuma.
Evariste Ndayishimiye yavuze kandi ko bikenewe ko haba ugushigikirana hagati y’urwaruka n’abakurambere kugira ngo uwo mugabane ushobore gutera imbere mu buryo burama. Iryo huriro rigira gatatu(3) ry’urwaruka rwa Afrika ku bijanye n’amahoro n’umutekano muri Afrika ririko ribera i Kiriri mu kirimba c’Umukuru w’Igihugu, rikarangira kuri uyu wa 13 Kigarama 2024.
Urwaruka nukuza rukorera mumashirahamwe kugira rwiteze imbere
birahimbaye cane
umwanya mwiza witerambere
ibihugu vyishi niho vyihendera
gusa bibe ukuri kuko keshi batwemerera vyishi ntitubibone!!!!
ntabitangaje kuko baribatubwiyeko burimuntu azoba afise 10.000fb ariko ubukene dufise buteye ubwoba pe
muragabe urukundo ruragwiriye cane !!
aho nibindi tugiye kubibona pe
ndaziko hagezeko batwiyegereza pe
muburundi nibareke kuduhenda kuko nico ugwogwaruka rukoze ntagaciro babiha
ahubwo vyishi dukora baca badufata nkabasazi
imagine uburundi bukabura droit de terre
ubakora ibikogwa mvabwenge bose barya imisigazwa yibihugu vyamaze gutahura yuko naho hariyo ubuzima
birababaje cane ntibadukunda pe
none tuvugeko leta ibabibona
irabibona gusa impamvu itabikora navyo bifise amakenga cane
Gusa aya marira dufise sindabona ko azohora kuko baratwirengagiza cane
Nyenicubahiro numujama wugwaruka bizocamwo ni mutuze
nawenyene yaraduhevye pe
mubiravye neza ntaterambere ryimikino muburundi rihari kumpande zose
gusa ikirenze vyose mbona bisigaye bihurumbigwa cane gose
ibaze ukuntu babica amazi nukuntu vyariko bifata ikibanza ciza
mpora ndaba inguvu film na music bitwara nkaca mbona ukuntu leta ibifata !!!!
Nibaduhe imitahe tureke gupfana ama projet
birababaje !!!!
harikintu kihora kindiza ukaza bona barugaye indirimbo umuririnvyi yaririnvye ngo yatambishije abakobwa batikwije hamwe nibindi ntibanibaze imitahe yakoze ivyobintu baba bariko bugara
none indirimbo ikundwa mubanje gutitura imico yuburundi?
kubera ataco badufasha bareke twitaratarize
reka ndabahe aharorero muribuka amashirahamwe akora inzoga yugawe none barya bakora harya ubu barihe?
ntizari zikwije ivyongombwa
uburundi bwarinjiriwec bikomeye cane
none nimba zidakwije ivyangombwa zaca zugagwa?
narinziko ahubwo zari gukosogwa kugira arya mashiramwze abandanye gukora
iryo niryo bita iterambere
dutuze kuko babe bareka kwibeshera ngo hariho imigambi badufitiye.
nibatureke baduhe ivyo tubasa ibindi bareke kuguma baduhenda
kabisa baduhe ibindi batureke kuduhenda
reka duhendwe shaa
kwaba bagabo baduhenda cane bagamije iki?
amatora arageze ntimutangare
nibabanze bakemure ikibazo cubuzima buzinvye turimwo kwanza
turarushe nibatureke pe
mureke kwigeraranya Nibindi bihugu!!
muburundi honyene niho turinyuma kubera leta yadutanye uragamba
kandi ikibabaje twarigeze kuba turimbere yivyo bihugu kabisa
nkugwanda twaruri imbere yavyose none raba ubu !!!
ubu nibo turabirako!
unabiravye niryo ryabakinyi dufise .
Ahovyiriwe siho birara
nimwivugire muradufise kabisa
mutuze ntabwo muzadufata kandi
baratwivuze kabisa
uburundi vuba ni Dubai muvyandike ahantu
reka guhenda abantu .
warumvise dubai itagira igitoro?
none mwebwe niryari mizokwemera ?
umusi batanguye kutubwiza ukuri
bizagenda neza uku kurira kwacu bihere
ivyiza biritondegwa uburundi mumisi mike buzoba bumeze neza!
amatora arageze babanze badukunde mpaka biducange
nibareke mchezo wa ndani!
jewe ahongeze kwizera umuntu vyongora kuko baduhemukiye keshi abo.
tubana tuzinanye sha
biteye agahinda bikomeye
kumenga mwarihevye?
Ewe politike weeee!!!
Dukome amashi gwaruka
impinduka iraje.
twitege iterambere ridasanzwe kurwaruka kweri
keshi musigwa niterambere kubera kutizera !
turabe imbere gusa
nitwaguma turaba ivyabaye bizotunanira kwiyumvira kuhazaza hacu
urwaruka rurakwiye kuja hamwe rukitunganiriza imigambi
bikenewe cane gutegura inyigisho zukugarukana umutuzo mugwaruka kuko ndabona kwihebura vyakomeye cane
turashimiye nyenicubahiro kukungene adahengeshanya mu kwitaho urwaruka
Ahubwo babishe nugukunda igihugu kuko ayamajambo bibonekako mwihevye burundu mutagikunda nigihugu.
gerageza gutahura kuko nabo sibo.
birakwiye yuko urwaruka rumenya uruhara rufise mwiterambere ry’igihugu
nizerako ingorane dufita leta izibona zose
ibintu vyarakomeye cane
reka kuvuga ko twoba tugira dutere imbere
kimwe muri vyinshi twari turindiranye igishika
ntaworeka gukenguruka ivyiza sebarundi adahengeshanya gukora kurwaruka
Ijambo niryiza hamwe ryoja mungiro
urwaruka rurakwiye guhora rwitunganiriza imigambi yarwo
Vyoba vyiza bigiye mungiro ubushomera tukarabako bwogabanuka nahandi nikibazo