Burundi : Urwaruka rwize rutagira akazi rwoba rugiye kuvyungukiramwo?

86
IMG_20241213_115400

Imboneza y’Ubumwe bwa Afrika, akaba kandi n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yaravuze ku kibazo kijanye n’urwaruka agira ati : “Ni gute urwaruka rwujuje impapuro z’umutsindo ariko rukabura ubuzi? Ni gute urwaruka arirwo rufise inguvu ariko ugasanga nirwo rutariko ruravyazwa umusaruro mu gihe Afrika ikibuze vyinshi?” yavuze ko ibihugu vya Afrika bikwiye gushiraho poritike zerekana neza uruhara rw’urwaruka mw’iterambere ryavyo.

Muri ca kiganiro c’imisi 2 n’urwaruka ryafrika niho yabivugiye. Ndetse umukuru w’igihugu akamenyesha ko Uburundi bwamaze gushiraho poritike y’uruhara rw’urwaruka mw’iterambere, kuva muri Rusama 2024. Ngo igihe ni iki nyene co kuva mu majambo tukaja mu bikorwa, urwaruka rudasigaye inyuma.

Evariste Ndayishimiye yavuze kandi ko bikenewe ko haba ugushigikirana hagati y’urwaruka n’abakurambere kugira ngo uwo mugabane ushobore gutera imbere mu buryo burama. Iryo huriro rigira gatatu(3) ry’urwaruka rwa Afrika ku bijanye n’amahoro n’umutekano muri Afrika ririko ribera i Kiriri mu kirimba c’Umukuru w’Igihugu, rikarangira kuri uyu wa 13 Kigarama 2024.

86 thoughts on “Burundi : Urwaruka rwize rutagira akazi rwoba rugiye kuvyungukiramwo?

  1. harikintu kihora kindiza ukaza bona barugaye indirimbo umuririnvyi yaririnvye ngo yatambishije abakobwa batikwije hamwe nibindi ntibanibaze imitahe yakoze ivyobintu baba bariko bugara

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights