Ng’izi zimwe mu mpinyanyuro zishasha ziri mw’itegeko rigenga intwaro mu makomine rigiye kwisungwa kuva mu mwaka w’2025

1

🆕 Ng’izi zimwe mu mpinyanyuro zishasha ziri mw’itegeko rigenga intwaro mu makomine rigiye kwisungwa kuva mu mwaka w’2025

————————————–

🟰 Ba musitanteri bose bazoronswa agahembo kangana kava ku buryo butegekanijwe na Reta hatarabwe impamyabushobozi y’umwumwe

💰 Uburyo komine izokoresha buzotegekanywa iruhande y’uburyo Reta isanzwe ikoresha ku mwaka ku mwaka

🏦Imbere y’uko komine yaka ingurane, izobanza kubimenyesha ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta

👥 Hazoba hariho urwego nshingwabikorwa ruzoba rurongowe na Musitanteri, rukazoba rurimwo umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine (yahora yitwa umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa), abahanuzi ba Musitanteri hamwe n’abarongoye ibisata

📌 Mu nama ya komine, musitanteri ntazoba ayirimwo, izoba yigenga ikazoba ijejwe kugenzura ibikorwa vya komine

🔍 Hazoba hari igisata kijejwe kugenzura ikoreshwa ry’uburyo bita contrôle et audit

📚 Kuri musitanteri n’uwurongoye zone nta mpamyabushobozi ya kaminuza isabwa ariko abahanuzi babo bazotegerezwa kuba bafise impamyabushobozi za kaminuza

🙋🏾 Izo mpinyanyuro zashikirijwe kuri uyu wa 07/05/2024 n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse, mu gihe yariko asigurira abakenguzamateka integuro y’ibwirizwa rihinyanyura ibwirizwa rigenga intunganyo y’intwaro mu makomine

💬 Gira ico mushikirije kuri zino mpinyanyuro, basomyi…#BBNEWS

1 thought on “Ng’izi zimwe mu mpinyanyuro zishasha ziri mw’itegeko rigenga intwaro mu makomine rigiye kwisungwa kuva mu mwaka w’2025

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Verified by MonsterInsights