AKATARABONEKA MURI LA VIDA PLUS RESTAURANT Restaurant yambere nziza mugisagara ca Bujumbura ntayindi atari La Vida Plus Restaurant,
Restaurant yambere nziza mugisagara ca Bujumbura ntayindi atari La Vida Plus Restaurant,Aho twaramutse tugendera Restaurant ikora neza nayo siyindi ni La Vida Plus Restaurant twahasanze abanegihugu benshi baje kwivuna umusase,batumenyesheje ko kuva bamenye La Vida Plus Restaurant atahandi bagifungurira atari muri La Vida Plus Restaurant.Twegereye uwusazwe arongoye La Vida Plus Restaurant yagize ati :Umunsi umwe yitegereje ukuntu yabuze aho yakirira abashitsi nivyo abafungurira baje mu mirimo ya minsi yose hano mu gihugu cacu niho ico ciyumviro ca muzamwo yiyumvira gutanguza uwo mugambi wa Restaurant hamwe na salle de reception wiswe La Vida Plus Restaurant.
Twegereye abasanzwe bahakorera haba abateka canke abakira abantu batwiganiye ko La Vida Plus Restaurant ariyo restaurant yambere basazwe bakora neza bafise nabahinga bavyigiye mu mice itandukanye.
Muri La Vida Plus Restaurant bakaba bategura Icayi(Petit Dejeunes) bimeze neza cane,ndetse na nakavuna musase kameze neza(Buffet)kandi ari kugiciro kitavuna,ikindi nuko muri La Vida Plus Restaurant ibintu vyaho vyose bikozwe mwisuku ryakataraboneka.
Hambavu ya Restaurant twahasanze nabariko bahivunira akanyota bisugura inyuma yukuba ari Restaurant ,hari nubunwero bwiza aho atakinyobwa na kimwe wohabura ico wipfuza cose urakihasanga .Akabirya muri La Vida Plus Restaurant ifise n,ikibanza ciza cane cakataraboneka hano mugisagara ca Bujumbura (salle de reception) no hagati mugihugu co gukoreramwo imanza zitandukanye kandi kubiciro bito cane yaba Ubukwe(Mariage),Gusaba umugeni(Dot),Isabukuru z,amavuko(Aniversaire) ndetse no Guca kumazi no Kuganduka(Levee de deuil Partiel,Definitif)nikibanza ciza kandi cagutse eka ikirushirije nuko bafise naho bahagarika imiduga heza ndetse hanini hashobora kwakira imiduga igera kumajana abiri niyirenga .
Abipfuza gukorera imanza ahantu heza kandi hiyaguye nyaragasa muri La Vida Plus Restaurant babibafashemwo kubiciro vyiza cane ,kandi nabipfuza kwivuna umusase canke akanyota bimeze neza muri La Vida Plus Restaurant ,ikaba isazwe ikorera munyubakwa za TOKYO BUSINESS CENTER musi yisoko kwa SIYONI aho benshi bita kwa VENERARD.
*TELEPHONE : +257 61 70 08 57
+257 22 90 10 15
Bagira service nziza